[1] Tumaze gukira, tumenya ico kizinga yuko citwa Melita.
[2] Abanyamahanga badebagura baratugirira neza cane bitangaje, baducanira umuriro kubwo imvura n'imbeho vyariho, batwakira twese.
[3] Ariko Pahulo amaze gusenya umuganda w'inkwi, arazikomanya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko.
[4] Abo badebaguzi babonye ico gikoko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana bati: “Uwu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Iyidaca urwa nkunzi ntimukundiye ko abaho.”
[5] Ariko akunkumurira ico gikoko mu muriro, ntiyagira ico aba.
[6] Ba bandi barereka ko avyimba, canke ko agwa bukumbi; ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura bati: “Ni Imana.”
[7] Hafi y'aho hantu hari amatongo y'umukuru w'ico kizinga, yitwa Pubiliyo aratwakira, atuzimana neza imisi itatu.
[8] Se wa Pubiliyo yari arwaye inyonko kandi agacibwamwo amaraso. Maze Pahulo yinjira i we, arasenga; amurambikako ibiganza, aramukiza.
[9] Ivyo bibaye, abandi bari n'indwara bo muri ico kizinga baraza, arazibakiza.
[10] Baduha icubahiro mu buryo bwinshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bwato ivyo dukenye.
[11] Tuhamaze amezi atatu, tuvayo mu bwato bwari bwavuye muri Alekisanderiya, bwari bumaze iyo misi y'urushana ku kizinga. Ikimenyetso cabwo cari Imana z'Amahasa.
[12] Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu.
[13] Turahava, turazunguruka, dufata i Regiyo. Hashize umusi umwe umuyaga uturutse mu bumanuko urahuhuta, tugenda imisi ibiri, dufata i Puteyoli.
[14] Tuhasanga abavukanyi bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi indwi; uko ni ko twashitse i Roma.
[15] Abavukanyi b'i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n'ahitwa Amaduka Atatu. Pahulo ababonye ashima Imana, umutima urarema.
[16] Tumaze gushika Roma, intwazangabo z'abasoda ijana ashikiriza imbohe intwazangabo z' abasoda bahora bacungera kwa Kayisari, ariko bakundira Pahulo kuba ukwiwe, ari kumwe n'umusoda amurinda.
[17] Imisi itatu iheze ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira ati: “Bagabo bavukanyi, naho ntagize ikibi nakoze ku bwoko bwacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bampaye Abaroma ndi imbohe, bamvanye i Yerusalemu.”
[18] Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kuko ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha.
[19] Ariko Abayuda batagaye, numva nkwiye kwitwara kuri Kayisari; ariko si uko mfise ico ndega ubwoko bwacu.
[20] Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonana; kuko ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uwu munyororo.
[21] Na bo baramwishura bati: “Nta vyete twaronse bivuye i Yudaya bivuga ivyawe, kandi mu bavukanyi baje nta watubariye inkuru mbi yawe, canke ngo akuvuge nabi.”
[22] Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kuko ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.
[23] Basezerana na we umusi, baza iyo ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivyo ubwami bw' Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vyo abavugishwa n'Imana, ahera mu gitondo ashitsa ku mugoroba.
[24] Maze bamwe bemera ivyo avuze, abandi ntibavyemera.
[25] Batemeranije ubwabo barataha, Pahulo asubiye kuvuga ijambo rimwe ati: “Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k'uwavugishwa n'Imana Yesaya, yabivuze neza,
[26] ati: 'Ja kuri ubwo bwoko 'Uti: “Kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; Kuraba muzoraba, ariko ntimuzoruha muvyihweza.
[27] Kuko umutima w'ubu bwoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza. Ngo ntibarabishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Ndabakize.
[28] Nuko mumenye yuko ako gakiza k'Imana karungitswe ku banyamahanga, kandi abo bazokwumva.” [
[29] Amaze kuvuga atyo, Abayuda bagenda baharirizanya bikomeye.]
[30] Amara mu nzu yiwe yirihira imyaka ibiri ikwiye, yama yakira abaje kumugendera bose,
[31] akabahanura mu vyo ubwami bw'Imana, akigisha ivyo Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.