[1] Teyofilo we, muri ca gitabo ca mbere nanditse, mvuga ivyo Yesu yatanguye gukora no kwigisha vyose,
[2] gushitsa ku musi yadugijwe mw'ijuru, ahejeje gusigarana amategeko intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.
[3] Kandi amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongo ine, avuga ivyo ubwami bw'Imana.
[4] Maze akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu ati: “Ariko murorere isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.
[5] Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.”
[6] Nuko bakoranye, baramubaza bati: “Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ubutware bw'Abisirayeli?”
[7] Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya imisi canke ibihe Data yashinze n'ububasha bwiwe wenyene;
[8] ariko muzohabwa ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya hose, i Samariya no gushitsa ku mpera y'isi.”
[9] Amaze kuvuga atyo, aduzwa babona. Igicu kimukura mu maso yabo.
[10] Bagihanze amaso mw'ijuru akigenda, abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo;
[11] barababaza bati: “Yemwe bagabo b'i Galilaya, ni iki gitumye muhagaze muraba mw'ijuru? Uwo Yesu, abakuwemwo, akaduzwa mw'ijuru, azoza atyo, nk'uko mumubonye aja mw'ijuru.”
[12] Buno basubira i Yerusalemu, bavuye ku musozi witwa Elayono, uri hafi y'i Yerusalemu nk'urugendo rwemewe kugendwa kw'isabato.
[13] Bashitseyo, barurira baja mw'igorofa hejuru, aho bari batse indaro, ari Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Barutolomayo, Matayo, Yakobo umwana wa Alufayo, Simoni Zelote na Yuda umwana wa Yakobo.
[14] Abo bose basenga badahumeka n'umutima uhuye, hamwe n'abagore, na Mariya nyina wa Yesu, hamwe n'abavukanyi biwe ba Yesu.
[15] Muri iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati y'abavukanyi biwe, (hari hakoraniye ishengero ry'abantu nk'ijana na mirongo ibiri), aravuga
[16] ati: “Bagabo bavukanyi, ivyanditswe Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, ntivyobuze gushika, ingene yarongoye abaja gufata Yesu,
[17] kuko yari yaharuwe muri twebwe, agahabwa umugabane w'iki gikorwa.”
[18] (Kandi uwo muntu amaze kugura ubwatsi ku vyo yahaweko ikiguzi co kugabitanya kwiwe, agwa yubamye, araturika, amara yiwe yose araseseka.
[19] Bimenyekana mu baba i Yerusalemu bose, ni co catumye ubwo bwatsi mu rurimi rwabo babwita Akelidama, risobanurwa ngo Ubwatsi bw'amaraso.)
[20] Kuko mu gitabo ca Zaburi handitswe, ngo I we hasigare umusaka, Kandi ntihakagire uwundi ahaba, kandi ngo Ububwiriza bwiwe busubiremwo uwundi.
[21] Nuko muri abo bagabo twahora tugendana uko bukeye uko bwije igihe cose Umwami Yesu yari akiri muri twebwe,
[22] utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukuriwemwo, aduganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.
[23] Bahagarika babiri, umwe ni Yosefu ari we Barusaba, irindi ni Yusito, uwundi na we ni Matiya.
[24] Barasenga bati: “Mwami, ni wewe uzi imitima y'abantu bose, none werekane uwo utoranije muri aba bompi
[25] gusubira mu gishingo ca Yuda muri iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.”
[26] Bakoresha ubupfindo, bwerekana Matiya, nuko aharuranwa n'intumwa icumi n'imwe.