Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:01

[1] Bakivugana n'abantu, abaherezi bazanana aho bari n'umukuru w'abacungera irembo ry'urusengero, n'Abasadukayo,

[2] bababajwe cane n'uko bigisha abantu, bababarira yuko ukuzuka kw'abapfuye kwabonetse kuri Yesu.

[3] Babashorerako amaboko, babashira mw'ibohero gushitsa mu gitondo, kuko bwari bugorovye.

[4] Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c'abagabo gishika nk'ibihumbi bitanu.

[5] Bukeye bw'aho, abashingantahe babo, abakuru n'abahinga b'ivyanditswe bakoranira i Yerusalemu,

[6] Anasi umuherezi mukuru, Kayafa, Yohana, Alekisandero n'abo umuryango bose w'abaherezi bakuru.

[7] Babashize hagati, barababaza bati: “Ni ubushobozi ki, canke ni izina riki, vyabateye gukora ivyo?”

[8] Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira ati: “Yemwe bashingantahe b'abantu n'abakuru,

[9] uwu musi ko ducunaguzwa ivyo twagiriye neza umuntu yanyogomba, kandi n'icamukijije,

[10] ni mumenye mwese, n'ubwoko bwose bw'Abisirayeli, yuko ari mw'izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebwe mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, ko ari ho hatumye uwu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.

[11] Uwo ni we buye mwebwe abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.

[12] Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi zina musi y'ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo.

[13] Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atari abanyabwenge, baratangara; maze bamenya ko babana na Yesu;

[14] kandi babonye uwo muntu yakijijwe ahagararanye na bo, babura ico bavuga.

[15] Barabataramura, maze baja inama

[16] bati: “Mbega aba bantu tubagire dute? Ko vyamenyekanye mu baba i Yerusalemu bose yuko bakoze ikimenyetso kibaye rurangiranwa, natwe ntidushobora kubihakana;

[17] ariko ntibarushirize kwamamara mu bantu, tubahahirize, ntibongere kugira umuntu n'umwe babarira muri iryo zina.”

[18] Babahamagaje, barabihanikiriza ngo ntibihende ngo bavuge canke bigishe mw'izina rya Yesu.

[19] Petero na Yohana barabishura bati: “Namba ari vyiza mu maso y'Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye;

[20] kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n'ivyo twumvise.”

[21] Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubwo abantu, kuko bose bahimbaza Imana ku vyabaye.

[22] Kuko uwo muntu yari arengeje imyaka mirongo ine avutse, uwakozweko ico kimenyetso co kumukiza.

[23] Nuko barekuwe basubira muri bagenzi babo, babiganira ivyo abakuru b'abaherezi n'abakuru bababwiye vyose.

[24] Na bo bavyumvise bavuga n'ijwi rirenga, babwira Imana n'umutima uhuye bati: “Databuja, ni wewe waremye ijuru n'isi, n'ikiyaga n'ibirimwo vyose,

[25] kandi wavugiye mu kanwa ka sogokuruza Dawidi, umusavyi wawe, ubivugisha Mpwemu Yera uti: “Abanyamahanga ni iki kibateye umuvurungano, N'amoko yagiriye ingingo iki ivyo ubusa?”

[26] Abami bo mw'isi batonze urugamba, N'abakuru bakoraniye hamwe, Kurwanya Uhoraho n'Uwo yarobanuje amavuta.

[27] Kandi vy'ukuri muri iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n'abanyamahanga n'imiryango ya Isirayeli, bakoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,

[28] ngo bashitse ivyo ukuboko kwawe n'inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.

[29] Kandi none, Mwami, raba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amazinda rwose.

[30] Ukigoroye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n'ibitangaza bikorwe mw'izina ry'Umushumba wawe yera Yesu.”

[31] Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry'Imana bashize amazinda.

[32] Kandi abizeye umurwi bari bahuje umutima n'inama, kandi nta n'umwe yakimbukira ikintu cose atunze ngo ni iciwe, ariko vyose barabisangira.

[33] Kandi intumwa zashingira intahe ukuzuka kw'Umwami Yesu ziri n'ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw'Imana bwinshi buba kuri bo bose.

[34] Nta mukene yari muri bo, kuko abari bafise amatongo bose canke inzu babigurisha, bakazana ibiguzi vy'ivyo bagurishije,

[35] bakabishira imbere y'ibirenge vy'intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese uko akenye.

[36] Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ngo Umwana wo guhanura, Umulewi yavukiye i Kupuro,

[37] yari afise itongo ararigurisha, azana ibiguzi vyaryo, abishira imbere y'ibirenge vy'intumwa.

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters