[1] Intumwa n'abavukanyi biwe bari i Yudaya bumva yuko abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry'Imana.
[2] Maze Petero aduze i Yerusalemu, abo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo baramutonganya
[3] bati: “Ko winjiriye abatahimbuwe igikoba c'ubugabo, ugasangira na bo!”
[4] Maze Petero atangura kubasobanurira uko bikurikirana
[5] ati: “Nari mu gisagara c'i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw'ijuru, kimeze nk'uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi.
[6] Ndagihanga amaso, ndacitegereza, mbonamwo ibigenza amaguru ane vyo kw'isi, ibikoko vyo mw'ishamba, ibikwega inda hasi n'ibiguruka vyo mu kirere.
[7] Kandi numva ijwi rimbarira riti: 'Va hasi, Petero, ubage urye.'
[8] Nanje nti: 'Oyaye, Mwami, kuko ata kizira canke igihumanya cigeze kija mu kanwa kanje.'
[9] Maze ijwi rimbarira ubugira kabiri rivuye mw'ijuru riti: 'Ivyo Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.'
[10] Biba bityo gatatu, biraduzwa vyose, bisubizwa mw'ijuru.
[11] Uwo mwanya abagabo batatu bavuye i Kayisariya, bantumweko, bahagarara imbere y'inzu turimwo.
[12] Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi n'abo bavukanyi, uko ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y'uwo mugabo.
[13] Atwiganira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira ati: 'Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero,
[14] azokubarira amajambo yo kugukizanya n'abo mu nzu yawe bose.'
[15] Ngitanguye kuvuga, Mpwemu Yera arabamanukira, nk'uko yatumanukiyeko ubwa mbere.”
[16] Nibuka rya jambo ry'Umwami Yesu, uko yavuze ati: “Yohana yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatizwa na Mpwemu Yera.”
[17] None ko Imana yabahaye ingabire imwe n'iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe ndi igiki gishobora gutangira Imana?
[18] Bumvise ivyo barihorera, bahimbaza Imana bati: “Noneho rero Imana ihaye n'abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.”
[19] Nuko abasabagijwe n'amarushwa yabaye kubwo ivya Stefano baragenda, bashika i Foyinike, i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry'Imana atari Abayuda bonyene.
[20] Ariko hari bamwe muri bo b'abagabo bavuye i Kupuro n'i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n'Abagiriki na bo, bababwira ubutumwa bwiza bw'Umwami Yesu.
[21] Ukuboko kw'Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.
[22] Inkuru yabo ishika mu matwi y'ishengero ry'i Yerusalemu, batuma Barunaba ngo ashirwe ashitse muri Antiyokiya.
[23] Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bw'Imana, biramunezereza, arabahanura bose ngo bafate ingingo mu mitima yo kwifatanya ubutakivana n'Umwami Yesu.
[24] Kuko yari imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n'ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.
[25] Avayo, aja i Taruso kurondera Sawuli,
[26] amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamarayo umwaka wose, bakorana n'ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa Abakristo.
[27] Muri iyo misi, abavugishwa n'Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya.
[28] Umwe muri bo yitwa Agabo ava hasi abamenyesha, avugishijwe na Mpwemu yuko ikigoyi cinshi kizotera mw'isi yose. Ico yavuga ni kimwe catera ku butware bwa Kilawudiyo.
[29] Maze abigishwa, umuntu wese nk'uko atunze, bashinga kurungikira abavukanyi babo baba i Yudaya ivyo kubatabara.
[30] Babigenza batyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sawuli.