[1] Agiripa abarira Pahulo ati: “Uremerewe kwiregura.” Maze Pahulo agorora ukuboko, ariregura
[2] ati: “Ivyo narezwe n'Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nezerewe ko ari wewe ngira ndavyiregureko uwu musi;
[3] kandi canecane kuko uzi imigenzo n'impari vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.
[4] Ingeso zanje, uhereye mu buto bwanje, izo narukanye mu bwoko bwacu n'i Yerusalemu, Abayuda bose barazizi.
[5] Kandi bokwemera kubishingira intahe, baranzi, uhereye mu bihe vya kera, yuko nari Umufarisayo wo mu muce urusha iyindi yo mw'idini yacu gushimikira imigenzo.
[6] None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivyo Imana yasezeraniye ba sogokuruza,
[7] ivyo ubwoko bwacu icumi na bubiri bwizigira kuzobona, bukorera Imana bushizeko umwete mwinshi ku murango no mw'ijoro. Kandi ni kubwo ivyo vyizigiro ndezwe n'Abayuda, databuja!
[8] Ni igiki gituma mugira ngo ni ikintu kitoruha cemerwa ko Imana izura abapfuye?
[9] Nanje ubwanje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti.
[10] Kandi ivyo narabikora nyene ndi i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n'abaherezi bakuru, kandi aho babica, nanje nishira mu bemera ko bicwa.
[11] No mu nsengero z'Abayuda yose nabahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane ndabazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy'abanyamahanga.
[12] Ngikora ivyo, nja i Damasiko mpawe ubushobozi ndungitswe n'abaherezi bakuru.
[13] Nuko databuja, nkigenda mu mashoka, mbona umuco uvuye mw'ijuru, urusha uko izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n'ino, twe n'abo tugendanye.
[14] Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbwira mu rurimi rw'Igiheburayo riti: “Sawuli, Sawuli, umpigira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.”
[15] Nanje ndabaza nti: “Uri nde ga Mwami?” Umwami aranyishura ati: “Ndi Yesu, uwo uriko urahiga.”
[16] Ariko va hasi, hagarara n'ibirenge vyawe, kuko igitumye nkwiyereka, ari ukugira ngo ngutoranye nkugire umukozi wanje n'icabona co gushingira intahe ivyo umbonanye, n'ivyo nzokwiyerekeramwo;
[17] ndagukize abo muri ubu bwoko bo n'abanyamahanga, ni bo ndagutumyeko,
[18] kubahumura amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bwa Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n'abejejwe n'ukunyizera.
[19] Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw'ijuru.
[20] Ariko nabanje kubwira abo i Damasiko hanyuma abo i Yerusalemu, n'abo mu gihugu cose c'i Yudaya, n'abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n'ukwihana.
[21] Ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero, bakageza kunyica.
[22] None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n'ubu, nshingira intahe aboroshe n'abahambaye, nta kindi mvuga atari ivyo abavugishwa n'Imana na Mose bavuze ko bizoba,
[23] yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi ko ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubwira ubwoko bwacu n'abanyamahanga ubutumwa bw'umuco.
[24] Aciregura atyo, Fesito avuga n'ijwi rirenga ati: “Erega Pahulo urasaze; ubwenge bwawe bwinshi buragushajije.”
[25] Pahulo aramwishura ati: “Sinsaze, Fesito umwubahwa, ariko mvuga amajambo y'ukuri kandi aroranye.”
[26] Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yuko ata na kimwe muri ivyo ahishijwe, kuko ivyo bitakorewe mu mfuruka.
[27] Mwami Agiripa, uremeye ivyo abavugishwa n'Imana? Ndazi yuko uvyemeye.
[28] Agiripa yishura Pahulo ati: “Unkwegesha ivyo bike ngo umpindure Umukristo?”
[29] Pahulo ati: “Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yuko atoba wewe wenyene, ariko n'abanyumva uwu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukuye iyi minyororo.”
[30] Umwami ahagurukana n'icegera ca Kayisari na Berenike, n'abari bicaranye na we;
[31] maze basohotse baravugana bati: “Nta co uwu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.”
[32] Agiripa abarira Fesito ati: “Uwu muntu aba arekuwe, iyo ataba yari agomvye kuzokwitwara kuri Kayisari.”