[1] Umuherezi mukuru aramubaza ati: “Mbega ivyo ni ko biri?”
[2] Na we aramwishura ati: “Yemwe bavukanyi kandi ba data, ni mwumve; Imana y'icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ari i Mesopotamiya, ataraja kugerera i Harani,
[3] iramubarira iti: 'Va mu gihugu canyu no mu muryango wanyu, uje mu gihugu nzokwereka.'
[4] Maze ava mu gihugu c'i Bukaludaya, agerera i Harani. Se amaze gupfa, iramwimura, imuzana muri iki gihugu mubamwo ubu.
[5] Ariko ntiyakimuhayemwo umugabane, naho hoba aho gushinga ikirenge; isezerana kuzokimuha ngo kibe itongo ryiwe n'iryo uruvyaro rwiwe, kandi ataragira umwana.”
[6] Kandi Imana ivuga itya iti: “Uruvyaro rwawe ruzoba abanyamahanga mu kindi gihugu, bazobagira abaja, babagirire nabi imyaka amajana ane.
[7] Kandi ihanga rizobagira abaja ni jewe nzoricirako iteka, Imana ni ko yagize iti: “Ariko amaherezo bazovayo, bansengere aha hantu.”
[8] Maze imuha isezerano ryo guhimburwa igikoba c'ubugabo. Nuko avyara Isaka, amuhimbura igikoba c'ubugabo ku musi ugira umunani; Isaka avyara Yakobo, Yakobo avyara ba sogokuruza bakuru icumi na babiri.
[9] Ba sogokuruza bagirira Yosefu ishari, baramugurisha ngo ajanwe mu Misiri. Imana ibana na we,
[10] imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha amahirwe n'ubwenge kuri Farawo, umwami wo mu Misiri, amugira icegera ciwe ngo aganze mu Misiri, amuzeza n'urugo rwiwe rwose.
[11] Ikigoyi gitera mu Misiri hose n'i Kanani, hatera n'amarushwa menshi, kandi ba sogokuruza babura ivyo kurya.
[12] Maze Yakobo yumvise yuko mu Misiri hari amasumo, atuma ba sogokuruza ubwa mbere.
[13] Kandi ubugira kabiri Yosefu yibarira abavukanyi biwe, umuryango wa Yosefu umenywa na Farawo.
[14] Yosefu atuma kuzana se Yakobo n'abo mu nzu yabo bose, uko ari mirongo irindwi na batanu.
[15] Yakobo aramanuka, aja mu Misiri; agwayo, bo na ba sogokuruza.
[16] Babajana i Shekemu, babahamba mw'isenga Aburahamu yaguze igiciro c'ifeza n'abana ba Hamori i Shekemu.
[17] Ariko igihe c'isezerano kigira gishike, iryoImana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi mu Misiri,
[18] gushitsa aho uwundi mwami yimikiwe mu Misiri atigeze kumenya ivya Yosefu.
[19] Uwo mwami agirira ubugunge ubwoko bwacu, agirira ba sogokuruza nabi, abategeka guheb'abana babo b'inzoya kugira ngo ntibabeho.
[20] Muri ico gihe Mose aravuka, yari mwiza cane, bamurerera mu nzu kwa se amezi atatu;
[21] amaze gutabwa, umukobwa wa Farawo aramutora, amurerera kuba umwana wiwe.
[22] Mose yigishwa ubwenge bwose bw'Abanyamisiri, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.
[23] Maze ariko aramara imyaka mirongo ine avutse, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera abavukanyi b'Abisirayeli.
[24] Abonye umuntu agirirwa nabi, aramutabara, ahora iyo mpahazwa, yica wa Munyamisiri.
[25] Yibwira yuko abo i wabo botahura ko Imana ibakirisha ukuboko kwiwe; ariko ntibabimenya.
[26] Bukeye bw'aho, asanga abarwana, ageza kubatatura ati: “Yemwe bagabo, muri umuryango umwe, ni iki gitumye mugiriranira nabi?”
[27] Ariko uwagirira umubanyi wiwe nabi aramusunika, aramubaza ati: “Ni nde yakugize umukuru canke umucamanza wacu?
[28] Mbega ugomba kunyica, nk'uko ejo wishe wa Munyamisiri?”
[29] Mose yumvise iryo jambo, arahunga, aba umwimuka mu gihugu c'I Midiyani, avyarirayo abahungu babiri.
[30] Imyaka mirongo ine ishize, umumarayika amubonekerera mu rubeya rw'umuriro waka mu gisaka c'amahwa mu bugaragwa bwo ku musozi Sinayi.
[31] Mose abonye ivyo biramutangaza; akivyegera ngo avyihweze, havuga ijwi ry'Uhoraho
[32] riti: “Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo.” Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza.
[33] Uhoraho aramubarira ati: “Kura ibirato mu birenge vyawe, kuko aho hantu uhagaze ari ahera.”
[34] Ni ukuri nabonye amarushwa abantu banje bari mu Misiri barimwo, numvise ukuniha kwabo, none manukanywe no kubarokora; kandi rero ni uze ndagutume mu Misiri.”
[35] Uwo Mose, umwe banka bati: “Ni nde yakugize umukuru canke umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n'umucunguzi, abihawe n'ukuboko kw'umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka.
[36] Uwo abakurayo, amaze gukora ibitangaza n'ibimenyetso mu gihugu ca Misiri, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongo ine.
[37] Uwo Mose ni we yabwiye Abisirayeli ati: “Imana izobahagurukiriza uwuvugishwa na yo mu b'i wanyu, ameze nkanje.”
[38] Kandi uwo Mose ni we yari mw'ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n'umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kandi ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y'ubugingo ngo ayaduhe.
[39] Ba sogokuruza banse kumwumvira, baramwikunkumura, basubira mu Misiri mu mitima yabo,
[40] babwira Aroni bati: “Ni uturonkere imana zo kutuja imbere; kuko umwe Mose yaturongoye adukura mu gihugu ca Misiri, tutazi ico yabaye.”
[41] Bironkera igishushanyo c'inka muri iyo misi, ico kigirwamana bakizanira ibimazi, bahimbarwa n'ibikorwa vy'intoke zabo.
[42] Ariko Imana iraba hirya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw'ijuru; nk'uko vyanditswe mu gitabo c'abavugishwa n'Imana, ngo Mbega hari ibitungwa bibazwe canke ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka uko ari mirongo ine yo mu bugaragwa, yemwe ab'inzu ya Isirayeli?
[43] Mwareruye ihema rya Moloki, N'inyenyeri y'ikigirwamana Refani, ari ibishushanyo mwironkeye ngo mubisenge; Nanje nzobambukana hirya y'i Babuloni.
[44] Ba sogokuruza bari bafise ihema ry'ibisate vy'amabuye vy'amabwirizwa icumi, hamwe bari mu bugaragwa, nk'uko iyavuganye na Mose yabigeze, yamubwiye kurigereranya n'ikigereranyo yabonye.
[45] Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe batsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi.
[46] Kandi Dawidi aronka amahirwe imbere y'Imana, asaba kwubakira Imana ya Yakobo aho kuba.
[47] Ariko Salomo ni we yayubakiye ingoro.
[48] Yamara Iyisumbavyose ntiba mu zubakishijwe amaboko; nk'uko uwavugishijwe n'Imana yavuze
[49] ati: “Ijuru ni ryo ntebe yanje y'ubwami, Isi na yo ni indava y'ibirenge vyanje; Muzonyubakira inzu ki? ni ko Uhoraho abajije, Canke nzoruhukira ahantu ki?
[50] Mbega intoke zanje si zo zaremye ivyo vyose?
[51] Yemwe abadaca bugufi, mwa badadaza imitima mukiziba amatwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora.
[52] Ni nde mu bavugishijwe n'Imana ba sogokuruza banyu batahamye? Bishe ababanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica.
[53] Ari mwebwe mwahawe ivyagezwe bizanywe n'abamarayika, ntimwavyitondera.”
[54] Bavyumvise baribwa mu mitima, bamuhekenyera imisaya.
[55] Ariko Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw'ijuru, abona ubwiza bw'Imana, na Yesu ahagaze i buryo bw'Imana.
[56] Aravuga ati: “Ehe ndabonye ijuru rikingurutse, n'Umwana w'umuntu ahagaze i buryo bw'Imana.”
[57] Barayogora n'amajwi arenga, biziba amatwi, bamugwirako icarimwe,
[58] bamuhindira inyuma y'igisagara, bamwicisha amabuye; kandi abamwagirije bari bafashije hasi imitamana yabo imbere y'ibirenge vy'umusore yitwa Sawuli.
[59] Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”
[60] Araheza arapfukama, asemerera n'ijwi rirenga ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Amaze kuvuga atyo, aca aracikana. Kandi Sawuli na we yarabishimye ko yicwa.