Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:55

[1] Jewe Pahulo umushumba wa Yesu Kristo nahamagariwe ubutumwa bw'Imana.

[2] Imana yabubasezeraniye kera ibivugiye mu bo yavugisha na bo bakabwandika mu vyanditswe vyera.

[3] Buvuga ivyo Umwana wayo yavutse mu buryo bw'umuntu mu ruvyaro rwa Dawidi.

[4] Ariko mu buryo bwa Mpwemu Yera, yerekanywe ko ari Umwana w'Imana ukuzuka kwiwe yakwerekanishije ubushobozi, uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu.

[5] Twaronse ubuntu n'ibanga ryo kuba intumwa ku bwiwe kugira ngo mu mahanga yose habemwo abumvira Imana, babiheshwa no kwizera.

[6] Kandi namwe muri muri bo, mwahamagariwe kuba aba Yesu Kristo.

[7] Ndabandikiye mwese muri i Roma mukundwa n'Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu n'amahoro bubabemwo, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo bibabemwo.

[8] Irya mbere, ndashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo ku bwanyu mwese, kuko inkuru y'ukwizera kwanyu ikwiye mw'isi yose.

[9] Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bwiza bw'Umwana wayo, ni yo ntanzeko icabona yuko ndabahoza mu kanwa ubudasiba.

[10] Imisi yose uko nsenze, nsaba ngo ubu hoho ibigomvye Imana yemere kunzana amahoro no kunzana i wanyu.

[11] Kuko nifuza kubabona, kugira ngo ndabahe ingabire y'impwemu, ibaremeshe;

[12] ni kwo guhumurizanya namwe, mpumurizwe n'ukwizera kwanyu, namwe muhumurizwe n'ukwanje.

[13] Kandi bavukanyi, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, kugira ngo namwe ndabamuremwo imbuto, nk'uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n'ubu.

[14] Mfitiye umwenda Abagiriki n'abanyamahanga badebagura, abanyabwenge bo n'ibijuju.

[15] Ni co gituma jeho kubwanje niteguye kubabwira ubutumwa bwiza namwe muri i Roma.

[16] Ubutumwa bwiza ntibuntera isoni kuko ari ubushobozi bw' Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.

[17] Kuko muri bwo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurwa, guheshwa n'ukwizera kukagwiza ukwizera, nk'uko vyanditswe, ngo umugororotsi azobeshwaho n'ukwizera.

[18] Ishavu ry'Imana ryarahishuwe, rivuye mw'ijuru, irisuka ku bayigarariza n'abagabitanya bakayongesha ukuri ukugabitanya kwabo.

[19] Kuko ivyo umuntu yomenya vy'Imana vyerekanwa muri bo, Imana ari yo yabiberetse.

[20] Mbere kuva isi ikiremwa ivyo Imana bitunganye bitabonwa n'amaso ari vyo bushobozi bwayo budashira be n'ubumana bwayo, biragaragara; bimenyekanishwa kuko bibonekera mu vyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza.

[21] Kuko bamenye Imana ntibayubahe nk' Imana, ntibayishime; ariko bacitse abiyumvira ivyo ubusa, imitima yabo y'ubujuju icura umwiza.

[22] Biyise abanyabwenge bacika ibipfu.

[23] Icubahiro c'Imana idapfa baragikaba no gusenge ibishushanyo bisa n'umuntu apfa, ivyo ibiguruka, ivyo ibigenza amaguru ane n'ivyo ibikwega inda hasi.

[24] Ni co catumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni, bumvire ivyo imitima yabo yifuza, bonone imibiri yabo,

[25] kuko ukuri kw'Imana bagukavye ibinyoma, bagasenga bagakorera icaremwe, bakakirutisha Iyakiremye, ni yo ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amina.

[26] Ni co catumye Imana ibaheba ngo bipfuze ivyonona; kuko abagore babo bahinduye ukundi ico imibiri yabo yaremewe bayikoresha ico itaremewe.

[27] Kandi n'abagabo ni uko, baretse kugirira abagore ivyo imibiri yabo yaremewe, bashuha babegukana, abagabo bagirira abandi bagabo ibiteye isoni, kandi mu mibiri yabo bahabwa ingero zikwiranye n'ikosa ryabo.

[28] Kandi nk'uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni ko Imana yabahevye ngo bagire imitima y' akahebwe, bakore ibitabereye.

[29] Buzuye ukugabitanya kwose, ukugira nabi, ukwifuza n'urwanko rw'ubusa. Buzuye igono, ubwicanyi, ugutongana, ubugunge, ukwitamba ku muvyimba; abaneguranira mu vyongorerano,

[30] abavuga abandi nabi, abanka Imana, abatukana, abibona, abirarira, abigenera ibibi, abatumvira abavyeyi,

[31] ibipfu, abava mw'isezerano, abadakunda n'ababo n'imburakigongwe.

[32] Abo, naho bamenye urubanza Imana ica, yuko abakora ibisa bityo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n'ababikora.

Abaroma — Chapters