Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:52

[1] Kandi hari umugabo yitwa Ananiya, agurisha itongo afatanije n'umugore wiwe Safira,

[2] yisigariza ku biguzi vyayo, umugore wiwe abizi, azana ikigabane, agishira imbere y'ibirenge vy'intumwa.

[3] Petero aramubaza ati: “Ananiya, ni iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukisigariza ku biguzi vy'itongo?

[4] Ukiyifise ntiyari iyawe? Kandi umaze kuyigurisha, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uko ugomba? Ni igiki catumye wigira ingingo mu mutima wawe gukora utyo? Si abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.”

[5] Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi. Abavyumvise bose baterwa n'ubwoba bwinshi.

[6] Imisore iva hasi, iramutekera, iramujana, iramuhamba.

[7] Hahise nk'isaha zitatu, umugore wiwe arinjira, atazi ivyabaye;

[8] Petero aramubaza ati: “Mbarira, mbega itongo mwarigurishije ayo nyene?” Aramwishura ati: “Ego me, ni ayo.”

[9] Petero aramubaza ati: “Ni igiki gitumye muhuza inama kugerageza Mpwemu w'Uhoraho Imana? Ehe ibirenge vy'abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.”

[10] Uwo mwanya agwa imbere y'ibirenge vyiwe bukumbi. Ya misore yinjiye isanga amaze guhwera, iramujana, imuhamba i ruhande y'umugabo wiwe.

[11] Ishengero ryose n'abavyumvise bose baterwa n'ubwoba bwinshi.

[12] Ibimenyetso n'ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n'amaboko y'intumwa. Kandi bose bakoranira mw'ibaraza rya Salomo n'umutima uhuye.

[13] Ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamara abantu bose barabashimagiza,

[14] barushiriza kwongerwako ishengero ryinshi ry'abagabo n'abagore, abizeye Umwami Yesu;

[15] bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitutu ciwe gishike kuri bamwe.

[16] Hakoranira ishengero rivuye no mu bisagara bihereranye n'i Yerusalemu, bazana abarwaye n'abababazwa n'impwemu zihumanye, bakizwa uko bangana.

[17] Maze umuherezi mukuru ahagurukana n'abari kumwe na we bose, ni bo muce witwa uwo Abasadukayo, buzura ishari,

[18] bashorera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y'ibohero rya bose.

[19] Maze umumarayika w' Umwami Imana ahenga mw'ijoro yugurura imyango y'ibohero, abakurayo, arababwira

[20] ati: “Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bwa Bugingo.”

[21] Bavyumvise, binjira mu rusengero hari nko mu mutwenzi, barigisha. Maze umuherezi mukuru azanana n'abari kumwe na we, bahamagaza abacamanza, n'abakuru bose b'Abisirayeli, maze batuma mu nzu y'abanyororo kuzana za ntumwa.

[22] Abagendanyi bagiye ntibazisanga mw'ibohero. Baragaruka barababwira

[23] bati: “Inzu y'abanyororo dusanze yugaye ata nkomanzi iriho na mba, n'abarinzi bahagaze ku myango, maze twuguruye ntitwasangamwo umuntu.”

[24] Bumvise ayo majambo umukuru w'abacungera irembo y'urusengero n'abaherezi bakuru bazazanirwa n'ivyabo, n'inkurikizi yavyo.

[25] Haza umuntu arababarira ati: “Erega ba bagabo mwashira mw'ibohero bari mu rusengero bahagaze bigisha abantu.”

[26] Maze uwo mukuru w'abacungera irembo ajana n'abagendanyi, babazana ku neza, kuko batinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.

[27] Bamaze kubazana babashira mw'ikoraniro ry'abashingantahe; umuherezi mukuru arababaza

[28] ati: “Mbega ntitwabihanije cane kutigisha muri rya zina? None raba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera ni ukudushirako amaraso ya wa muntu.”

[29] Maze Petero n'intumwa barabishura bati: “Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.

[30] Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebwe mwishe mumumanitse ku giti.

[31] Uwo Imana yaramushize hejuru n'ukuboko kwayo kw'i buryo, ngo abe Umukuru n'Umukiza, ngo ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.

[32] Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we ni uko, uwo Imana yahaye abayumvira.”

[33] Ariko bo bavyumvise baribwa mu mitima, bashaka kubica.

[34] Maze hahaguruka umwe mw'ikoraniro ry'abashingantahe, w'Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w'ivyagezwe, yubahwa n'abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.

[35] Maze arababarira ati: “Yemwe bagabo b'Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu;

[36] kuko mu misi ishize Teyuda yadutse yiyita agakomeye, igitigiri c'abantu gishika nk'amajana ane baramukurikira.” Maze aricwa, abamwumvira bose barasabagira, bacika ubusa.

[37] Hanyuma yiwe haduka Yuda Umunyagalilaya, mu misi yo kwandikwa, yikwegera abantu inyuma; na we apfa rubi, n'abamwumvira bose uko bangana barasabagira.

[38] Kandi none ndababwire; ni muzibukire aba bantu, mubarekure; kuko iyi nama n'iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa;

[39] ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, ntimuzosange muhaye murwanya Imana.

[40] Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazihanikiriza ngo ntizizokwigishe mw'izina rya Yesu, maze barazirekura.

[41] Nuko bava mu maso y'abacamanza, banezerejwe n'uko bemerewe gukurwako urupfasoni ku bw'iryo zina.

[42] Kandi imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahengeshanya kwigisha no kuvuga ubutumwa bwiza bwa Yesu, ko ari we Kristo.

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters