[1] Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hariho isengero ry'Abayuda y'Abayuda.
[2] Nuko Pahulo, nk'uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe,
[3] abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yari uwo kubabazwa, no kuzuka mu bapfuye; kandi ati: “Yesu, uwo ndababwira, ni we Kristo.”
[4] Bamwe muri bo birabemeza, bifatanya na Pahulo na Sila, n'ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n'uko, no mu bagore b'icubahiro batari bake.
[5] Ariko Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b'imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigumuko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukuramwo Pahulo na Sila, ngo babashikirize abantu.
[6] Bababuze, bakwegera Yasona n'abavukanyi biwe bamwe imbere y'abaganza igisagara, barasemerera bati: “Abateye isi yose umugumuko bashitse n'ino,
[7] kandi Yasona yabahaye indaro. Abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko hariho uwundi mwami, ngo ni Yesu.”
[8] Ishengero rihakoraniye n'abaganza igisagara bahagarika imitima bumvise ivyo,
[9] nuko baka Yasona n'abandi ingwati, barabarekura.
[10] Nuko abavukanyi baca banyuruza Pahulo na Sila mw'ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mu rusengero rw'Abayuda.
[11] Ariko abo bo bari imico myiza kuruta abo i Tesalonike, kuko bakiriye ijambo ry'Imana n'umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yuko ivyo ari ivyo ukuri.
[12] Nuko benshi muri bo barizera, n'abagore b'icubahiro b'Abagirikikazi n'abagabo batari bake.
[13] Ariko Abayuda b'i Tesalonike bamenye yuko ijambo ry'Imana rivugwa na Pahulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima.
[14] Uwo mwanya abavukanyi biwe banyuruza Pahulo ngo ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo.
[15] Kandi abaherekeje Pahulo bamugejeje muri Atenayi; maze babariwe kubwira Sila na Timoteyo ngo bamusangeyo ningoga, basubira inyuma.
[16] Ariko Pahulo akibarindiriye muri Atenayi, umutima wiwe utunturira muri we abonye ingene ico gisagara cuzuye ibigirwamana.
[17] Nuko aharirira n'Abayuda n'abubaha Imana mu rusengero rw'Abayuda imisi yose, no mu kaguriro yahaharirira n'abamusangaho.
[18] Maze bamwe mu banyabwenge bitwa Abepikureyo, n'abandi bitwa Abasitoyiko bahura na we. Bamwe muri bo barabazanya bati: “Mbega uwu adedemba agomba kuvuga ibiki?” Abandi bati: “Umenga ni uwuzanye imana z'ivyaduka; kuko yavuga ubutumwa bwiza bwa Yesu n'ubwo ukuzuka.
[19] Baramufata bamujana ahitwa Areyopago, baramubaza bati: “Mbega ubona twoshobora kumenya ukwo kwigisha gusha uvuga uko ari kwo?
[20] Kuko utuzanye mu matwi ibintu vy'ivyaduka; none rero turagomba kumenya ivyo ari vyo.”
[21] Kuko Abanyatenayi bose n'ab' akavantara bariho, batagira ikindi bakora, atari ukwumva canke kudonda amakuru mashasha.
[22] Pahulo ahagarara hagati muri Areyopago, aravuga ati: “Bagabo bo muri Atenayi, ndabonye muri vyose ko mukobeje kwubaha imana zanyu.
[23] Kuko aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n'igicaniro canditsweko, ngo ico IMANA ITAZWI. Nuko iyo musenga mutayizi, ni yo ndababarira.
[24] Imana Rurema, yaremye isi n'ibirimwo vyose, iyo, kuko ari yo Mwami w'ijuru n'isi, ntiba mu nsengero zubatswe n'amaboko,
[25] kandi ntikorerwa n'amaboko y'abantu, nk'uwuri n'ico akenye; kuko ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n'ibindi vyose.
[26] Kandi yaremye amahanga yose y' abantu, ibakuye mu muntu umwe, ngo bacumbike mw'isi yose, yashinze ibihe vy'imyaka ko bikuranwa uko yageze, icira abantu imbibe z'aho baba,
[27] kugira ngo barondere Imana, ngo namba kumbure bakabakavye boyibona, naho itari kure y'umuntu n'umwe muri twebwe.
[28] Kuko muri yo ari ho tubeshejweho, tugenda, turi n'ubugingo; nk'uko na bamwe bo mu bigeneye indirimbo banyu bavuze bati: 'Kuko natwe, turi uruvyaro rwayo.'
[29] Nuko rero, ko turi uruvyaro rw'Imana, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana isa n'izahabu, canke ifeza, canke amabuye, ivyabajwe n'ubuhinga n'ubwenge bw'abantu.
[30] Nuko iyo misi y'ubutamenya, Imana yarayirengagije, ariko noneho, itegeka ko abantu bose bari hose bihana,
[31] kuko yashinze umusi wo gucirako isi yose imanza z'ukuri, izozicisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyetso c'ivyo, mu kumuzura imukuye mu bapfuye.”
[32] Maze bumvise ivyo ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati: “Tuzoba turumva ukundi ivyo utubarira kuri ivyo.”
[33] Nuko Pahulo ava muri bo.
[34] Ariko abagabo bamwe bifatanya na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n'umugore yitwa Damari, hamwe n'abandi.