[1] Imisi itanu ishize, umuherezi mukuru Ananiya amanukana n'abakuru bamwe n'uwo kubavuganira yitwa Teritulo, barega Pahulo ku cegera ca Kayisari.
[2] Amaze guhamagazwa, Teritulo atangura kumurega ati: “Ni ku bwawe igituma tugazagaza mu mahoro menshi, n'ibindi vyaroranirijwe ubu bwoko kubwo imigabo yawe;
[3] nuko turavyemera uburyo bwose ahantu hose, Feliki umwubahwa, tugukengurukiye cane.”
[4] Reka simpave ndakurambira, ndakwinginze zirikana tuvuge amajambo make, kubwo ubugwaneza bwawe.
[5] Twabonye uwu muntu ari ikiza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we mukuru w'igice c'Abanazareti.
[6] Kandi yagejeje no guhumanya urusengero, turamufata, [twari tugomvye kumucira urubanza nk'uko ivyagezwe vyacu bivuga.
[7] Ariko umukuru w'intwazangabo z'abasoda Lusiya araza, amudushikura mu maboko,
[8] abarira abarezi biwe kuza imbere yawe.] Nawe ni wamwibariza ubwawe urashobora kumenya ivyo tumureze vyose.”
[9] Abayuda na bo bafatanya na we muri ico kirego, bavuga ko ivyo ari ko biri.
[10] Icegera ca Kayisari kimaze kumukebura ngo avuge, Pahulo aramwishura ati: “Ndazi ko umaze imyaka myinshi uri umucamanza w'ubu bwoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye;
[11] kuko ushobora kumenya yuko imisi itararenga icumi n'ibiri, uhereye aho nadugiye i Yerusalemu gusengerayo.
[12] Kandi ntibasanze mparira n'umuntu n'umwe, canke nkoraniriza abantu kubakikiza, naho hoba mu rusengero canke mu nsengero z'Abayuda canke mu gisagara.
[13] Kandi ku vyo bandeze ubu, ntibashobora kuronka ikinyagiriza imbere yawe.
[14] Ariko iki ni co nkwemerera, ni uko uko iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n'ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy'abavugishwa n'Imana;
[15] mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n'ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw'abagororotsi n'abagabitanya.
[16] Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu.
[17] Maze imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushira ubwoko bwacu ivyo ubuntu, no gutanga ibimazi.
[18] Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n'urwamo ruriho.” Ariko hari Abayuda bamwe bavuye muri Asiya,
[19] ni bo bari bakwiye kuza hano imbere yawe no kundega, iyaba bafise ico bangaya.
[20] Canke na bano na bo ni bavuge icaha bambonyeko, aho nari mpagaze imbere y'abacamanza,
[21] kiretse ryoba rya jambo rimwe navuze n'ijwi rirenga mpagaze muri bo nti: “Ukuzuka kw' abapfuye ni kwo kumpagaritse muri izi manza imbere yanyu uwu musi.”
[22] Ariko Feliki, kuko yari azi neza ivyo Iyo Nzira ivyo ari vyo, arabibika ati: “Lusiya umukuru w'intwazangabo z'abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw'amajambo yanyu.
[23] Abarira intwazangabo y' abasoda ijana kumurinda ico amaso, no kutabuza n'umwe mu bagenzi kumukorera.
[24] Imisi mike ishize, Feliki azanana n'umugore wiwe Durusila w'Umuyudakazi, ahamagaza Pahulo, yumviriza ivyo avuga ku vyo ukwizera Kristo Yesu.
[25] Akiriko aravuga ivyo ukugororoka n'ivyo ukwirinda n'ivyo ubutungane azocibwa, Feliki acika intege, aramubarira ati: “Ubu ni wigire, ni naronka uburyo bwiza nzogutumako.”
[26] Kandi yanaziga ko Pahulo yomuhera amahera; ico ni co camutera kwama amuhamagaza ngo bayage.
[27] Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akura Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Pahulo akiboshwe.