[1] Umusi wa Pentekote ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe.
[2] Haza igihinda kivuye mw'ijuru giturumbuka, nk'uguhuhuta kw'umuyaga w'inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo.
[3] Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk'ivyo umuriro; bibajako umwumwe.
[4] Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.
[5] I Yerusalemu hari Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bari baravuye mu mahanga yose yo musi y'ijuru.
[6] Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuko umuntu wese yumvise ururimi rw'i wabo baruvuga.
[7] Barumirwa bose, baratangara bati: “Mbega aba bose bavuga si Abanyagalilaya?
[8] Kandi ni igiki gitumye twese tubumva bavuga indimi z'i wacu izo twavukanye?
[9] Turi Abapariti, Abamedi, Abelamiti, abamye i Mesopotamiya, i Yudaya, i Kapadokiya, i Ponto, muri Asiya,
[10] i Furugiya, i Pamfiliya, mu Misiri, mu bihugu vy'i Libuwa bihereranye n'i Kureni, abo i Roma bagerereye ino, Abayuda, bo n'abatoye idini yabo,
[11] Abakirete n'Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy'Imana.”
[12] Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya bati: “Ibi ni ibiki?”
[13] Ariko abandi barabanegura bati: “Baborewe igisama.”
[14] Ariko Petero ahagararana na bamwe icumi n'umwe, avuga n'ijwi rirenga ati: “Yemwe Bayuda n'ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.”
[15] Aba ntibaborewe nk'uko mwiyumvira, kuko ubu ari isaha zitatu z'umusi,
[16] ariko ivyo ni ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana Yoweli
[17] ati: “Bizoba mu misi y'iherezo, ni ko Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n'umubiri bose. Kandi abahungu n'abakobwa banyu bazovugishwa nanje, N'imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N'abatama banyu bazorota inzozi.”
[18] Mbere n'abasavyi banje b' abahungu n'abakobwa muri iyo misi Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.
[19] Nzoshira utwumiza hejuru mw'ijuru, N'ibimenyetso hasi kw'isi, Amaraso, umuriro no gupfunduka kw'umwotsi.
[20] Izuba rizocura umwiza, N'ukwezi guhinduke amaraso, Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w'Uhoraho.
[21] Kandi umuntu wese azokwambaza izina ry'Uhoraho azokizwa.
[22] Yemwe bagabo b'Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yamubashimagirishije intahe ibitanganza, utwumiza n'ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk'uko mubizi ubwanyu;
[23] uwo muntu amaze gutangwa n'Imana ivyishakiye, irabimenye bitaribwabe, mumubambisha amaboko y'abagarariji, muramwica.
[24] Ariko Imana yaramuzuye, ibahoye imigozi y'urupfu, kuko bitashobotse ko rumugumya.
[25] Kuko Dawidi yavuze ivyo uwo ati: “Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, kuko ari i buryo bwanje, ngo sinyiganyige.”
[26] Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa, Kandi n'umubiri wanje uzoruhukana ivyizigiro.
[27] Kuko utazoreka ubugingo bwanje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzotanga Uwera wawe ngo azobore.
[28] Wamenyesheje inzira z'ubugingo, Mu maso hawe uzohanyuzurisha akanyamuneza.
[29] Bagabo bavukanyi, si ikingora kubabarira ndavyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambwa, n'imva yiwe iri ngaha ino muri twebwe gushika n'ubu.
[30] Nuko, kuko yari uwavugishwa n'Imana, akamenya ko Imana yamurahiye indahiro, ko izoshira ku butware bwiwe uwamutse mu bura bwiwe,
[31] yavuze ivyo ukuzuka kwa Kristo abibonye bitaribwabe, yuko atarekewe mu kuzimu, kandi n'umubiri wiwe ata ho wigeze ubora.
[32] Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.
[33] Nuko amaze gushirwa hejuru n'ukuboko kw'i buryo kw'Imana, kandi ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, none asutse ico muriko murabona kandi mwumva.
[34] Kandi Dawidi ntiyaduze mw'ijuru, ariko ubwiwe yaravuze ati: “Uhoraho yabariye Umwami wanje Ati: 'Icara i buryo bwanje,'
[35] Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y'ibirenge vyawe.”
[36] Nuko abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yuko Imana yamugize Umwami na Kristo, ari we Yesu umwe mwabamba.
[37] Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n'izindi ntumwa bati: “Bagabo bavukanyi mbega tugire dute?”
[38] Petero arabishura ati: “Ni mwihane, umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw'izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ari yo Mpwemu Yera.
[39] Kuko isezerano ari iryanyu kandi ari iryo abana banyu, n'abari kure bose, abazohamagarwa bose n'Umwami Imana yacu.”
[40] Kandi ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanura ati: “Ni mwikize abo iki gihe kigoramye.”
[41] Nuko abemeye amajambo yiwe barabatizwa; abongewe kuri uwo musi ku bari basanzweho bari nk'ibihumbi bitatu.
[42] Bashishikara cane ivyo intumwa zigisha, kugira ubumwe, bamanyagura umutsima hamwe no gusenga.
[43] Umuntu wese aterwa n'ubwoba. Kandi utwumiza n'ibimenyetso vyinshi vyakorwa n'intumwa.
[44] Abizeye bose baba hamwe, basangira ivyabo vyose.
[45] Amatongo yabo n'ibintu vyabo barabigurisha, bakabibagabanganya bose, bakurikije ukuntu umuntu wese akenye.
[46] Kandi imisi yose bashishikara kuja mu rusengero n'umutima uhuye, kandi i wabo bamanyagura umutsima, bakarya banezerewe n'imitima itagira akarohe,
[47] bahimbaza Imana, kandi na bo bashimwa n'abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.