Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:05

[1] Tumaze gutandukana na bo, no gutambukira mu bwato, turaramiriza tuja i Kosi; bukeye bw'aho dufata i Rodo, tuvayo dufata i Patara.

[2] Dusanze ubwato bugira bujabuke buja i Foyinike, tubutambukiramwo turagenda.

[3] Tubonye i Kupuro tuhasiga mu bubamfu, tuja i Siriya, dufata muri Tiro; kuko ari ho bari bategerezwa gukurira ibintu mu bwato.

[4] Tuhasanze abigishwa, dusibirayo imisi indwi; na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Pahulo ngo ntaje i Yerusalemu.

[5] Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n'abagore n'abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.

[6] Tumaze gusezerana dutambukira mu bwato, na bo basubira i wabo.

[7] Natwe turangije urugendo rwo kuva muri Tiro, dufata i Putolemayi, turamutsa abavukanyi, tumarana na bo umusi umwe.

[8] Bukeye bw'aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w'ubutumwa bwiza, n'umwe muri ba bandi indwi, twaka indaro i we.

[9] Uwo yarafise abakobwa bane b'inkumi, bavugishwa n'Imana.

[10] Tugitevyeyo imisi myinshi, haza uwuvugishwa n'Imana yitwa Agabo, yari amanutse avuye i Yudaya.

[11] Aza aho turi, yakira umukaba wa Pahulo, awibohesha amaguru n'amaboko, aravuga ati: “Uku ni ko Mpwemu Yera agize, nyene uwu mukaba, uku ni ko Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y'abanyamahanga.”

[12] Maze twumvise ivyo, twebwe n'abantu baho turamwinginga ngo ntaduge i Yerusalemu.

[13] Maze Pahulo aratubaza ati: “Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubwo izina ry'Umwami Yesu.”

[14] Yanse guharurwa, turihorera tuti: “Ivyo Umwami agomba ni bibeho!”

[15] Hanyuma y'iyo misi dutekera ibintu vyacu, turaduga tuja i Yerusalemu.

[16] Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yari umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.

[17] Dushitse i Yerusalemu abavukanyi batwakirana umunezero.

[18] Bukeye bw'aho Pahulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bari bari.

[19] Amaze kubaramutsa, ababarira ivyo Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje, abidonze kimwekimwe.

[20] Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubwira bati: “Urabona, muvukanyi, ingene Abayuda bizeye ari ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry'ivyagezwe.

[21] Kandi babariwe ivyawe, yuko wigisha Abayuda bose bari mu banyamahanga guheba ivya Mose, ukavuga ngo ntibakwiye guhimbura igikoba c'ubugabo bana babo canke kugendera mu migenzo yacu.

[22] None icobimara ni igiki?” Ntibazobura kwumva ko waje.

[23] Nuko genza utya, uko tukubwira. Dufise abagabo bane bari n'ico basezeranye.

[24] Ubajane, wihumanurane na bo, ubaterere, ngo babone kwimosha. Maze bose bazomenya yuko ivyo baguteranije kuri bo ata kuri kurimwo, kandi ko nawe ubwawe ugenda witonze, witondera n'ivyagezwe.

[25] Yamara ivyo abizeye bo mu banyamahanga, twanditse dushinze ko birinda kurya ivyashikaniwe ibigirwamana, bo n'amaraso, bo n'ibinizwe, birinde no gusambana.”

[26] Nuko Pahulo ajana abo bagabo, bukeye bw'aho yihumanurana na bo, yinjirana na bo mu rusengero, avuga igihe imisi yo guhumanurwa izoshirira, agenza atyo gushitsa aho ikimazi c'umuntu wese muri bo catangiwe.

[27] Nuko iyo misi indwi igira ishire, Abayuda bavuye muri Asiya bamubonye mu rusengero, bavurunga ishengero ryose, bamushorerako amaboko,

[28] baratabaza bati: “Bagabo b'Abisirayeli, mudutabare!” Nguwu wa muntu yigisha hose abantu bose, akengereza ubu bwoko n'ivyagezwe n'aha hantu. Ikigeretseko yazanye n'Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hera.

[29] Kuko bari babonye Tirofimo w'Umunyefeso ari kumwe na we mu gisagara, bagira ngo Pahulo yamujanye mu rusengero.

[30] Igisagara cose kiravurungana, abantu barashwabaduka, basumira Pahulo, baramukwega bamukura mu rusengero; ako kanya bugara imyango.

[31] Bakirondera ingene bamwica, inkuru ishika ku mukuru w'intwazangabo z'abasoda yuko abo muri Yerusalemu bose bavurunganye.

[32] Aca ajana abasoda n'intwazangabo zabo, abamanukira yiruka. Na bo babonye uwo mukuru w'abagabisha n'abasoda, basigaho gukubita Pahulo.

[33] Maze uwo mukuru w'intwazangabo arabashikira, aramufata, avuga ko bamufatisha iminyororo ibiri, abaza uwo ari we, n'ico akoze ico ari co.

[34] Abo mw'ishengero barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo; abujijwe n'ukuyogora kumenya ukuri, avuga ko bamujana mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye.

[35] Ashitse ku ngazi y'amabuye abasoda baramuterura kubwo ubukari bw' abantu,

[36] kuko ishengero ry abantu ryabaja inyuma, basemerera bati: “Kuraho uwo.”

[37] Bagira bamushikane mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, Pahulo abaza uwo mukuru w'abagabisha ati: “Wonkundira ijambo nkubarira?” Na we aramubaza ati: “Urazi Ikigiriki?”

[38] Si wewe wa Munyegiputa yateye umugararizo mu gihe gishize, akajana mu bugaragwa abantu b'abicanyi ibihumbi bine?

[39] Pahulo aramwishura ati: “Ndi Umuyuda, umuntu w'i Taruso, igisagara c'i Kilikiya kitayoberanye, none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.”

[40] Amukundiye, Pahulo ahagarara ku ngazi y'amabuye, amama abantu; hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters