[1] Petero na Yohana bariko baraduga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha icenda.
[2] Hari umuntu yamugaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw'irembo ry'urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngo asege abinjira mu rusengero.
[3] Uwo abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega ngo bamuhe.
[4] Petero amuhanga amaso, bo na Yohana, aramubarira ati: “Ni uturabe.”
[5] Abashirako umutima agira ngo hari ico bamuha.
[6] Petero aramubarira ati: “Nta feza n'izahabu mfise, ariko ico mfise ndakiguha; mw'izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.”
[7] Maze amufata ukuboko kw'i buryo, amukura hasi; ako kanya ibirenge vyiwe n'ingingo zavyo bica birakomera.
[8] Arasimbasimba arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana.
[9] Abantu bose babona atambuka ahimbaza Imana,
[10] bamenya ko ari we yahora yicara kw'irembo ry'urusengero ryitwa Ryiza asegerereza; barumirwa cane, batangazwa n'ibimubayeko.
[11] Agifashe Petero na Yohana, abantu bose biruka baja aho bari, bakoranira kw'ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane.
[12] Petero abibonye, abaza abo bantu ati: “Yemwe bagabo b'Abisirayeli, ni iki gitumye mutangazwa n'ibi, muduhangiye amaso iki, nk'aho ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?
[13] Imana ya Aburahamu, Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebwe mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.
[14] Ariko mweho mwihakana Uwera kandi Umugororotsi, musaba ko babarekurira umwicanyi,
[15] wa Mukuru w'ubugingo muramwica; ariko Imana imuzura mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.
[16] Kandi uwu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry'uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi. Mbere ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.
[17] Kandi none, bavukanyi, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n'ababaganza na bo ni uko.
[18] Ariko ivyo Imana yavugiye mu kanwa k'abavugishwa na yo bose bitaribwabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije ityo.
[19] Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye mu maso y'Umwami Imana,
[20] kugira ngo na yo izotume Kristo yabatoranirijwe kera, ni we Yesu.
[21] Ariko ijuru rikwiye kumwakira, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bishasha, nk'uko Imana yavuze mu kanwa k'abera bayo yavugisha bose, uhereye mu ntango.”
[22] Mose koko yaravuze ati: “Uhoraho Imana azobahagurukiriza uwuvugishwa na we mu b'i wanyu ameze nkanje; uwo muzomwumvire mu vyo azobabarira vyose.”
[23] Kandi umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n'Imana, azorandurwa mu bantu.
[24] Mbere abavugishwa n'Imana bose, uhereye kuri Samweli n'abamukurikiye, abavuze bose baramenyekanishije ivyo iyi misi.
[25] Namwe muri abana b'abavugishwa n'Imana, kandi muri ab'isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ibarira Aburahamu ati: “Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw'isi izoherwa umugisha.”
[26] Ni mwebwe Imana yatanguye gutumako Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngo abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.