[1] Pahulo ahanga amaso abacamanza, arababwira ati: “Bagabo bavukanyi, namanye umutima utarimwo ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y'Imana gushitsa kuri uwo musi.”
[2] Ananiya umuherezi mukuru abarira abamuhagaze i ruhande kumukubita ku munwa.
[3] Maze Pahulo aramubwira ati: “Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejeko ingwa, mbega wewe ko wicaritswe no kuncira urubanza nk'uko ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n'ivyagezwe?”
[4] Abari bahagazeho bati: “Mbega uratuka umuherezi mukuru w'Imana?”
[5] Pahulo ati: “Sinari ndamuzi, bavukanyi, ko ari umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bwoko bwanyu.”
[6] Maze Pahulo amenye yuko umuce umwe ari uwo Abasadukayo, uwundi ari uwo Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu bashingantahe ati: “Bagabo bavukanyi, ndi Umufarisayo, ndi umwana w'Abafarisayo; ivyo ivyizigiro vy'ibizoba n'ukuzuka kw'abapfuye ni vyo bimpagaritse muri izi manza.”
[7] Avuze atyo, havyuka ibihari mu Bafarisayo n'Abasadukayo, abanyarubanza birema ibice.
[8] Kuko Abasadukayo bahakana yuko ata kuzuka kuriho, canke umumarayika n'impwemu; ariko Abafarisayo bavyemera vyose.
[9] Habaho urwamo rwinshi; bamwe mu bahinga b'ivyanditswe bo mu muce w'Abafarisayo bava hasi baraharira bati: “Nta kibi twabonye kuri uwo muntu. Kumbure impwemu canke umumarayika yoba yavuganye na we.”
[10] Habaho ibihari vyinshi, umukuru w'intwazangabo z'abasoda atinye ko bogabangana Pahulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye.
[11] Ijoro ry'uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru ati: “Humura; nk'uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.”
[12] Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bisiba yuko batazorya ntibanywe batarica Pahulo.
[13] Abahize batyo barenga mirongo ine.
[14] Baja ku baherezi bakuru n'abakuru bati: “Twarahiye twisivye bikomeye yuko ata co tuzotamira tutarica Pahulo.”
[15] Nuko rero mwebwe n'abashingantahe, ni mubwire umukuru w'intwazangabo z'abasoda amubamanukanire, nk'abarondera kurushiriza gutahura ivyiwe neza. Natwe, atarabashikira, twiteguye kumwica.”
[16] Umwishwa wa Pahulo yumva uwo mutego, araza ashika mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, abibarira Pahulo.
[17] Pahulo ahamagara umwe mu ntwazangabo z'abasoda ijana ati: “Jana uwu muhungu ku mukuru w'intwazangabo z'abasoda; afise ijambo amubarira.”
[18] Na we aramujana amushira uwo mukuru w'abagabisha ati: “Ya mbohe Pahulo yampamagaye aranyinginga, ngo nkuzanire uwu muhungu, afise ico akubarira.”
[19] Uwo mukuru amufata ukuboko, aramukebukanya aramubaza biherereye ati: “Ico ufise kumbarira ni igiki?”
[20] Aramwishura ati: “Abayuda bahuje inama yo kukwinginga ngo ejo uzomanukane Pahulo mw'ikoraniro ry'abashingantahe, nk'uwugomba kubaza ivyiwe ngo urushirize kubimenya neza.”
[21] None rero ntuje kubumvira, kuko abantu babo barenga mirongo ine bamuryamiye, barahiye bisivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ico uribubemerere.
[22] Uwo mukuru arungika uwo muhungu, amaze kumwihanikiriza ati: “Ntugire umuntu ubarira yuko umenyesheje ivyo.”
[23] Ahamagara babiri bo mu ntwazangabo z'abasoda ijana, arababarira ati: “Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n'abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, n'abo amacumu amajana abiri, bahenge mw'ijoro isaha zitatu bagende.”
[24] Kandi bazane n'amafarasi kugira ngo bayashireko Pahulo, bamushikane kwa Feliki icegera ca Kayisari akiri muzima.
[25] Yandika ikete nka bene iri
[26] ati: “Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganutsa wewe Feliki umwubahwa, icegera ca Kayisari.
[27] None uwo mugabo Abayuda bari bamaze kumuta mu maboko bagira bamwice, nanje menye ko ari Umuroma nzanana n'ingabo ndamubakiza.
[28] Kandi nshatse kumenya ico bamurega, ndamumanukana mw'ikoraniro ry'abashingantahe ryabo.
[29] Mbona yuko bamurega amajambo y'ivyagezwe vyabo, ariko ko ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.
[30] Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.”
[31] Nuko abasoda bakira Pahulo uko babariwe, bahenga mw'ijoro bamujana muri Antipatiri.
[32] Bumaze guca basigayo abagendera ku mafarasi, ngo abe ari bo bajana na we, na bo basubira iyo bavuye ku gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye.
[33] Abo bashitse i Kayisariya bashira icegera ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Pahulo.
[34] Amaze kugisoma abaza intara y'i wabo iyo ari yo; amenye ko ari uwo i Kilikiya,
[35] aravuga ati: “Nzokwumva ivyawe abarezi bawe ni bamara kuza.” Agera ko bamurindira mu gisagara ca Herode gikikijwe n'uruhome rw'amabuye.