Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:22

[1] Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Pahulo n'izindi mbohe babaha intwazangabo z'abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.

[2] Dutambukira mu bwato bwavuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w'i Tesalonike.

[3] Bukeye bw'aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Pahulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.

[4] Tuvayo, duca musi y'i Kupuro ngo tuhikinge umuyaga, kuko wari uduturutse imbere.

[5] Tujabutse ikiyaga gihereranye n'i Kilikiya n'i Pamfiliya, dufata mu gisagara c'i Lukiya citwa Mura.

[6] Iyo ntwazangabo y'abasoda ijana ahasanga ubwato buvuye muri Alekisanderiya buja muri Italiya, adushiramwo.

[7] Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y'i Kinido bitugoye cane, maze umuyaga utubujije duca musi y'i Kirete, imbere y'i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.

[8] Tujana inkengera bitugoye cane, dushika ahantu hitwa Vyambuvyiza, hafi y'igisagara citwa Laseya.

[9] Hashize igihe kirekire, kandi kujabuka kubaye irinde, kuko igihe co kwisonzesha cari gishize, Pahulo arabahanura,

[10] arababarira ati Yemwe bagabo, ndabonye yuko uru rugendo rugira rubemwo ivyago n'ubuhombe bwinshi, si ivyo ubwato n'ibirimwo gusa, ariko n'ivyo amagara yacu na yo.

[11] Ariko, intwazangabo z'abasoda yumvira uwutumbereza ubwato na nyene bwo kurusha ivyo Pahulo avuze.

[12] Kandi kuko icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagira inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara agatasi, hari icambu c'i Kirete, cerekeye hagati yo mu buraruko no mu buseruko, kandi hagati yo mu buseruko no mu bumanuko.

[13] Maze umuyaga uturutse mu bumanuko uhuhuse buhorobuhoro, bibwiye ko baronse ico bagomba, bazitura ubwato, bagenda bajana inkengera hafi cane y'i Kirete.

[14] Ariko igihe kitari kinini gishize, hatera umuyaga w'igihuhuta witwa Ewurakulo, uturutse kuri ico kizinga.

[15] Ubwato bumaze guhuhwa n'uwo muyaga, butagishobora gutumbera umuyaga, turabureka burakubebwa.

[16] Duca musi y'akazinga kitwa Kilawuda, tuhikinga umuyaga, tubona uko tuboha akato k'inyuma bitugoye cane;

[17] bamaze kugaterura, bakira ibitsibo vy'integakiba, babicisha musi y'ubwato, barabuboha, kandi kuko batinya gusukwa ku musenyi ushaya witwa Suriti, bamanura igihuzu kigendesha ubwato, bagenda batyo bakubebwa.

[18] Tuzungagizwa cane n'igihuhuta, bukeye bw'aho bata imitwaro mu kiyaga.

[19] Kw'igenekerezo rya gatatu batesha amaboko yabo ibikoresho vyo mu bwato.

[20] Kandi izuba n'inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi gityo, twihebura rwose ko ata wuzokira.

[21] Bamaze igihe kirekire batakirya, Pahulo ahagarara hagati muri bo, arababarira ati: “Yemwe bagabo, mwari mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n'ubuhombe.”

[22] Kandi none ndabaremesha, ni muhumure, kuko muri mwebwe hatazopfa n'umwe, atari ubwato.

[23] Kuko muri iri joro umumarayika w'Imana, ndi uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,

[24] arambwira ati: “Nta co utinya, Pahulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kandi ehe Imana ikwemereye n'abo mugendanye bose.”

[25] Nuko ni muhumure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk'uko nabariwe.

[26] Ariko hari ikizinga dukwiye gusukwako.

[27] Ijoro ry'icumi na kane rishitse, dukubebwa irya n'ino mu kiyaga ca Adiriya; maze nko mu gicugu abagendesha ubwato bakeka ko hari igihugu begereye.

[28] Bagera uburebure bw'amazi yo hasi, babona ingero mirongo ibiri; hashize umwanya muto bongera kugera, babona ingero icumi na zitanu.

[29] Kandi kuko batinya gusukwa ahantu h'amabuye baterera mu mazi ivyuma bine vyo kuzirika ubwato babicishije mu mutwe w'inyuma; bifuza ko buca.

[30] Maze abasoza ubwato barondeye ingene bobuvamwo, bururukiriza ka kato mu kiyaga, bibonekesha nk'abagomba kuzirikisha ivyuma umutwe w'imbere.

[31] Pahulo abarira ya ntwazangabo y'abasoda ijana, hamwe n'abasoda na bo ati: “Aba ni bataguma mu bwato ntimushobora gukira.”

[32] Maze abasoda baca imigozi ifashe akato, ngo bakareke gakoroke.

[33] Bugira buce Pahulo arabinginga bose ngo barye ati: “None uwu musi ni uwugira icumi na kane mukirorereye mutarya, ata co mutamira.

[34] Nuko ndabinginze, ni murabe utwo murya; kuko ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu.”

[35] Amaze kuvuga ivyo, yakira umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya.

[36] Bose basubiza umutima mu nda, na bo bararya.

[37] Kandi twese abari mu bwato twari abantu amajana abiri na mirongo irindwi na batandatu.

[38] Bamaze guhaga, baremurura ubwato, bata ingano mu kiyaga.

[39] Ijoro rikeye, ntibamenya ico gihugu, ariko babonye ikigobe kirimwo umusenyi, baja inama yuko boshobora gushikanaho ubwato.

[40] Bazitura imigozi ifashe ivyuma biziritse ubwato, babirekera mu kuzimu; bariko barabikora, batenzura imigozi yari igumije ingafe zihindukiza ubwato, baduza igihuzu c'imbere kibugendesha ngo gihuhwe n'umuyaga, batumbereza ku musenyi.

[41] Ariko bashitse mw'ihuriro ry'amazi, basekura ubwato ku gataka, maze umutwe wabwo w'imbere winjiramwo, urahamangira, uwo inyuma na wo utangura kumenagurwa n'inkomezi z'imipfunda.

[42] Inama y' abasoda kwari uko bokwica imbohe, kugira ngo ntihagire uwo muri zo yokwoga agatoroka.

[43] Ariko ya ntwazangabo y'abasoda, agomvye gukiza Pahulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yuko abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe,

[44] abandi na bo, bamwe bagende ku mbaho, abandi ku bindi bivuye mu bwato. Nuko bagenza batyo, bashika ku nkombe bose, barakira.

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters