[1] Ariko Sawuli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b'Umwami imihigo n'ubwicanyi, aja ku muherezi mukuru,
[2] amusaba amakete yo guha abo nsengero z'Abayuda z'i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ari abagabo canke abagore, abajane i Yerusalemu mw'ibohero.
[3] Maze ariko aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw'ijuru, umukayanganira irya n'ino.
[4] Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza riti: “Sawuli, Sawuli, umpigira iki?”
[5] Aramubaza ati: “Uri nde ga Mwami?” Na we ati: “Ni jewe Yesu, uwo uriko urahiga;
[6] ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivyo ukwiye gukora.”
[7] Abagabo bajanye na we bahagarara badakoma, kuko bumvise ijwi, ata muntu babona.
[8] Sawuli aravyuka, ava hasi, maze akanuye amaso ntiyagira ico abona. Bamufata ukuboko, bamushikana i Damasiko.
[9] Amarayo gatatu, atabona, ata co arya, ata co anywa.
[10] I Damasiko hari umwigishwa yitwa Ananiya. Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara ati: “Ananiya.” Na we ati: “Sabwe, Mwami.”
[11] Umwami aramubarira ati: “Va hasi, uje mu nzira yitwa Iyigororotse, ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umuntu yitwa Sawuli w'i Taruso, kuko ariko arasenga.
[12] Kandi yabonye umuntu yitwa Ananiya yinjira aho ari, amurambikako ibiganza, kugira ngo ahumuke.”
[13] Ananiya aramwishura ati: “Mwami, uwo mugabo ko numvise benshi bavuga ivyiwe, vy'inabi nyinshi yagirira abera bawe i Yerusalemu;
[14] kandi n'ino ahafise ububasha abuhawe n'abaherezi bakuru, bwo kuboha abambaza izina ryawe bose.”
[15] Umwami aramwishura ati: “Pfa kugenda, kuko uwo muntu ari ikintu nitoranirije, ngo ajane izina ryanje imbere y'abanyamahanga, abami n'Abisirayeli.
[16] Nanje nzomwereka imibabaro uko ingana azoba akwiye kubabazwa ahorwa izina ryanje.”
[17] Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikako ibiganza, aramubwira ati: “Sawuli, muvukanyi wanje, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ngo uhumuke, wuzuzwe Mpwemu Yera.”
[18] Uwo mwanya ibisa n'ibikaragashi bimuva ku maso, arahumuka, ava hasi, arabatizwa;
[19] maze ararya, intege ziragaruka. Amarana imisi n'abigishwa b'i Damasiko;
[20] aca aherako avuga mu nsengero z'Abayuda ivya Yesu, yuko ari Umwana w'Imana.
[21] Abamwumvise bose barumirwa bati: “Mbega uwu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n'ino, kugira ngo abashire abaherezi bakuru bari baboshwe.”
[22] Ariko Sawuli arushiriza kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo.
[23] Hashize imisi myinshi, Abayuda baja inama yo kumwica.
[24] Maze Sawuli amenya inama yabo. Bamutegera ku marembo ku murango no mw'ijoro kugira ngo bamwice.
[25] Maze abigishwa biwe bamujana mw'ijoro, bamucisha ku ruhome rw'amabuye, bamwururukiriza mu giseke.
[26] Ashitse i Yerusalemu, agerageza kwifatanya n'abigishwa. Bose baramutinya, ntibemera ko ari umwigishwa.
[27] Maze Barunaba aramwakira, amushira intumwa, aziganira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n'ingene yavuganye na we, kandi n'ingene yavuze ashize amanga mw'izina rya Yesu i Damasiko.
[28] Aba kumwe na bo uko bukeye uko bwije i Yerusalemu,
[29] avuga ashize amanga mw'izina ry'Umwami Yesu; yaravuga aharira n'Abayuda bavuye i Bugiriki; na bo barondera ingene bomwica.
[30] Ariko abavukanyi babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.
[31] Nuko ishengero ryose ryari hose i Yudaya; Galilaya n'i Samariya rigira amahoro, rirahangama. Kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.
[32] Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda,
[33] asangayo umuntu yitwa Ayineya, yari amaze imyaka munani avundira mu buriri, kuko yari yaramugaye.
[34] Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije; vyuka, wizingire ikirago.” Aca avyuka ako kanya.
[35] Ababa i Luda n'i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.
[36] Kandi i Yopa hari umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka. Uwo mugore yari n'ibikorwa vyiza vyinshi, n'ubuntu bwinshi yagira.
[37] Muri iyo misi ararwara, arapfa. Bamaze kwuhagira ikiziga, bagishira mu nzu yo hejuru.
[38] Kandi kuko i Luda hari hafi y'i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumako abantu babiri, bamwinginga bati: “Ntutebe kudushikira.”
[39] Petero arahaguruka, ajana na bo. Ashitseyo bamujana muri ya gorofa, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amakanzu n'imitamana Doruka yajishe akiri muri bo.
[40] Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maze ahindukirira umuvyimba ati: “Tabita, vyuka.” Arakanura; maze abonye Petero, aravyuka, aricara.
[41] Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maze ahamagara abera n'abapfakazi, amubaha ari muzima.
[42] Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.
[43] Maze amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhinguzi w'insato.