[1] Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha abavukanyi bati: “Ni mutahimburwa igihimba c'ubugabo, nk'uko umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.”
[2] Maze Pahulo na Barunaba bamaze kugira ibihari n'imburano itari mike n'abo bantu, abaho bahuza inama gutuma Pahulo na Barunaba n'abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n'abakuru ku bwo iyo miburano.
[3] Nuko abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n'i Samariya, babamenyesha ingene abanyamahanga bahindukiriye Imana, batera mu bavukanyi bose akanyamuneza kenshi.
[4] Bashitse i Yerusalemu, ishengero n'intumwa n'abakuru barabakira, na bo babiganira ivyo Imana yakoranye na bo vyose.
[5] Maze hava hasi bamwe bo mu muce w'Abafarisayo bizeye, baravuga bati: “Abanyamahanga birakwiye ko bahimbuwe igikoba c'ubugabo, no kubabwiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.”
[6] Nuko intumwa n'abakuru bakoranira hamwe kuja inama y'iryo jambo.
[7] Habaye imburano myinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bagabo bavukanyi, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mu kanwa kanje habe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry'ubutumwa bwiza, bizere.
[8] Kandi Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk'uko yamuduhaye natwe;
[9] ntiyashiraho itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.
[10] None rero ni iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batashoboye kwikorera canke twebwe?
[11] Ariko twizeye yuko tuzokizwa n'ubuntu bw'Umwami Yesu nka bo.”
[12] Maze ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Pahulo babiganira ibimenyetso n'ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga.
[13] Barangije kuvuga, Yakobo aravuga ati: “Bagabo bavukanyi, ni munyumvirize.
[14] Simoni yabiganiye ingene Imana yatanguye kugendera abanyamahanga ngo ibarobanuremwo ubwoko bw'izina ryayo.
[15] Amajambo y'abavugishwa na yo ahuye n'ivyo, nk'uko handitswe,
[16] ngo Hanyuma y'ivyo nzogaruka, Nongere nubake urusago rwa Dawidi rwatemvye, Nongere nsanasane ahashize harwo, ndaruhagarike,
[17] Kugira ngo amasigarira y' abantu baronderane Uhoraho N'amahanga yose yitirirwa izina ryanje,
[18] Ni ko Uhoraho avuze, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw'isi.
[19] Nuko rero inama yanje ni uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana,
[20] ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy'ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n'amaraso.
[21] Kuko uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu nsengero z'Abayuda uko isabato ishitse.”
[22] Maze intumwa n'abakuru, bo n'ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru mu bavukanyi, no kubatumana muri Antiyokiya na Pahulo na Barunaba.
[23] Bandika ikete, bararibarungikana, ryanditswe ritya, ngo intumwa n'abavukanyi bakuru turabatasha mwebwe bavukanyi bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya, i Siriya n'i Kilikiya.
[24] Kuko twumvise yuko bamwe bavuye muri twebwe babahagarikishije imitima amajambo, bakayivyimvya, kandi tutabibageze;
[25] duhuje inama, dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebwe n'abo dukunda Barunaba na Pahulo,
[26] abantu bahevye amagara yabo kubwo izina ry' Umwami wacu Yesu Kristo.
[27] Nuko abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubwabo bazobabarira mu rurimi bimwe n'ibi.
[28] Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe ni uko, kutabikoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye;
[29] mureke kurya ivyashikaniwe ibigirwamana, amaraso, n'ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganuke.
[30] Nuko abo basezewe bamanuka muri Antiyokiya; bamaze gukoraniriza hamwe ishengero, babashikiriza kino cete.
[31] Bamaze kugisoma banezererwa iyo mpanuro.
[32] Na Yuda na Sila, kuko na bo bari abavugishwa n'Imana, bahanura abavukanyi mu majambo menshi, barabaremesha.
[33] Bahamaze imisi, abavukanyi babasezera amahoro, ngo basubire ku babatumye. [
[34] Mugabo Sila bimubera vyiza kugumayo.]
[35] Kandi Pahulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababwira ijambo ry' Umwami Yesu, bafatanije n'abandi benshi.
[36] Hashize imisi, Pahulo abwira Barunaba ati: “Ingo dusubire ha handi tugendere mu bavukanyi mu gisagara cose aho twamamaje ijambo ry'Umwami Yesu, tumenye uko bameze.”
[37] Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko.
[38] Ariko Pahulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo muri ico gikorwa.
[39] Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bwato, afata i Kupuro;
[40] Pahulo na we atoranya Sila, avayo, mu bavukanyi bamaze kumuragiza ubuntu bw'Umwami Yesu.
[41] Aca i Siriya n'i Kilikiya, aremesha amashengero.