Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:53

[1] Maze Apolo akiri i Korinto, Pahulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangayo abigishwa bamwe.

[2] Arababaza ati: “Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera?” Baramwishura bati: “Ntitwaribwanavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe.”

[3] Arababaza ati: “None mwabatijwe umubatizo ki?” Bati: “Umubatizo wa Yohana.”

[4] Pahulo ati: “Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera uwuzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.”

[5] Bavyumvise babatizwa mw'izina ry'Umwami Yesu.

[6] Pahulo amaze kubarambikako ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n'Imana.

[7] Abo bose bari abagabo nk'icumi na babiri.

[8] Hanyuma Pahulo yinjira mu rusengero rw'Abayuda, amara amezi atatu avuga ashize amanga; akiranira ivyo ubwami bw'Imana abibemeza.

[9] Ariko bamwe bikomantaje imitima, b'intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y'abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye aharirira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano.

[10] Bimara imyaka ibiri bimeze bityo. Nuko ababa muri Asiya bose Abayuda n'Abagiriki bumva ijambo ry' Umwami wacu.

[11] Kandi Imana ikoresha amaboko ya Pahulo ibitangaza vy' agaheta.

[12] Vyatuma bashira abarwaye ibitambara n'ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, ibisigo bikabavamwo.

[13] Ariko inyererezi zimwe zo mu Bayuda zirukana ibisigo zigerera kuvugira izina ry'Umwami Yesu hejuru y'abafashwe n'ibisigo ziti: “Tubarahiye Yesu, uwo Pahulo avuga.”

[14] Kandi hariho abahungu indwi b' Umuyuda yitwa Sikewa, umwe mu baherezi bakuru, bagenza batyo.

[15] Igisigo kirabishura kiti: “Yesu ndamuzi, na Pahulo ndamuzi, ariko mweho muri ba nde?”

[16] Umuntu arimwo igisigo abagurukirako bompi, arabanesha, arabirukana, bahunga muri iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse.

[17] Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n'ubwoba, izina ry'Umwami Yesu rishirwa hejuru.

[18] Kandi benshi mu bari barizeye baraza, batura ivyo bakoze, barabiserura.

[19] Benshi no mu bakora ivyo ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy'ubupfumu, babituririra mu maso ya bose. Baharura igiciro cavyo, basanga gishitse ku ntete z'ifeza ibihumbi mirongo itanu.

[20] Uko ni ko ijambo ry'Umwami Yesu ryagwiriye cane, rigira ububasha.

[21] Ivyo bishize Pahulo yiyumvira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu ati: “Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kuraba n'i Roma na ho.”

[22] Atuma abagenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito, ngo baje i Makedoniya; ariko we, atebera muri Asiya imisi.

[23] Nko muri ico gihe havyuka imivurungano itari mike ku bwo Inzira ya Yesu.

[24] Hari umuntu yitwa Demetiriyo, umucuzi w'ifeza, yacura utuzu tw'ibigirwamana twa Arutemi mw'ifeza, akaronkesha abacuzi biwe inyungu nyinshi.

[25] Nuko abakoraniriza hamwe n'abandi bakora ibikorwa bene ivyo, arababwira ati: “Yemwe bagabo, murazi yuko ubutunzi bwacu buva muri iki gikorwa.

[26] Murabona kandi murumva yuko atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Pahulo yoheje abantu benshi akabahindura ati: 'Imana zakozwe n'intoke si zo mana.'

[27] Si uko igikorwa cacu kiri mw'irinde kigiye gukengerwa gusa, ariko kandi n'ingoro y'umusezero w'imanakazi ihambaye Arutemi yotiturwa, mbere yonakurwako icubahiro cayo gikomeye, ari yo abo muri Asiya bose n'isi yose basenga.”

[28] Bavyumvise karaziriringa, barasemerera bati: “Arutemi y'Abanyefeso irahambaye.”

[29] Maze igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c'ibirori, batwara Abanyamakedoniya, Gayo na Arisitariko bagendana na Pahulo amaguru adakora hasi.

[30] Maze Pahulo agomvye kuja muri iryo koraniro ry'abantu, abigishwa baramutesha.

[31] Kandi bamwe mu bakuru bo muri Asiya, kuko bari abagenzi, bamutumako bamwinginga ngo ntiyirohe mu kibuga c'ibirori.

[32] Nuko barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo, kuko iryo shengero ryavurunganye, abenshi batari bazi icatumye bakorana.

[33] Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwigiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.

[34] Ariko bamumenye ko ari Umuyuda, bose basemererera icarimwe, bamara nk'amasaha abiri bati: “Arutemi y'Abanyefeso irahambaye.”

[35] Umwanditsi (ari we mukuru w'igisagara) amaze guhoza ishengero, arababarira ati: “Bagabo b'Abanyefeso, mbega hariho umuntu atazi yuko igisagara c'Abanyefeso ari co kizigama ingoro y'imisezero y'imanakazi ihambaye Arutemi, ari co gishushanyo cakorotse kiva mw'ijuru?”

[36] None ko ata woshobora guhakana ivyo, mukwiye guhora, no kutagira ico mukora mutitonze.

[37] Kuko muzanye aba bagabo, bativye ivyo mu ngoro z'imana kandi batatyoje ku manakazi yacu.

[38] Nuko Demetiriyo n'abacuzi bari kumwe na we, namba bafise uwo barega, imisi y'imanza iriho, kandi hariho n'ivyegera vya Kayisari, ni baregane.

[39] Ariko ni mwaba mufise ibindi murondera, bizomarirwa mw'ikoraniro risanzwe.

[40] Mbere turi mw'irinde, kumbure ibibaye uwu musi vyotuma turegwa ubugarariji, kuko ata nyanduruko; kandi ntituzoshobora gusobanura icakoranije iri shengero rivurunganye.

[41] Avuze ivyo, acura ikoraniro.

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters