Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:38

[1] I Kayisariya hari umuntu yitwa Koruneliyo, intwazangabo z'abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.

[2] Yari umuntu yubaha Imana akayitinyana n'abo mu nzu yiwe bose, yarafasha cane abagowe, agasenga Imana ubudasiba.

[3] Abona yeretswe imbonankubone, umumarayika w'Imana yinjiye i we hari nk'isaha icenda z'umurango, aramuhamagara ati: “Koruneliyo.”

[4] Na we amukanurira amaso, afise ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Aramwishura ati: “Ugusenga kwawe n'ubuntu bwawe vyaduze biba icibutso imbere y'Imana.

[5] None rero tuma abantu i Yopa, utumeko umuntu yitwa Simoni, ari we Petero;

[6] yatse indaro kwa Simoni umubamvyi w'insato, urugo rwiwe ruri i ruhande y'ikiyaga.”

[7] Umumarayika vyavugana amaze kugenda, Koroneliyo ahamagara babiri bo mu bakozi biwe, n'umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira.

[8] Ahejeje kubiganira vyose, abatuma i Yopa.

[9] Bukeye bw'aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yurira hejuru mw'igorofa gusenga, hari nk'isaha zitandatu.

[10] Yumva arashonje, agomba kurya. Bakibirondera, amera nk'uwurota.

[11] Abona ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk'uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kija hasi,

[12] harimwo ubwoko bwose bw'ibigenza amaguru ane, ibikwega inda hasi vyo kw'isi n'ibiguruka vyo mu kirere.

[13] Haza ijwi, riramubarira riti: “Va hasi, Petero, ubage, urye.”

[14] Petero ati: “Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira canke igihumanya.”

[15] Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira riti: “Ivyo Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.”

[16] Biba bityo gatatu, ico kintu gica gisubizwa mw'ijuru.

[17] Petero akizazaniwe mu mutima n'ivyo abonye yeretswe ivyo ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw'irembo,

[18] barahamagara, babaza yuko Simoni ari we Petero ari ho yatse indaro.

[19] Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira ati: “Hari abantu batatu bariko barakurondera.

[20] None va hasi, wururuke ujane na bo ata co ukekeranya, kuko ari jewe ndabatumye.”

[21] Petero arururuka, asanga abo bantu aho bari, arababarira ati: “Ni jewe uwo murondera. Mbega mugenzwa ni iki?”

[22] Baramwishura bati: “Koruneliyo, intwazangabo z'abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n'ubwoko bwose bw'Abayuda, yabariwe n'umumarayika yera kugutumako, ngo uze i we, yumve amajambo yawe.”

[23] Maze arabinjiza, abaha indaro. Bukeye bw'aho, Petero arikora, avanayo na bo, n'abavukanyi bamwe b'i Yopa bajana na we.

[24] Bukeye bw'aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yari abiteze, yakoranije incuti ziwe n'abakunzi bo ku mutima.

[25] Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe, aramupfukamira.

[26] Maze Petero amukura hasi ati: “Va hasi, nanje ndi umuntu nkawe.”

[27] Bakivugana, arinjira asanga abakoraniyeho benshi,

[28] arababwira ati: “Ubwanyu murazi yuko kizira ko umuntu w'Umuyuda yifatanya n'uwo ubundi bwoko, canke ko amugendera; ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira canke igihumanya.

[29] Ni co catumye nza, ntarinze guhakana, ntumweko. None rero ndabaza ico mwantumiyeko ico ari co.”

[30] Koruneliyo ati: “Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ari isaha icenda, ndi mu nzu yanje; maze umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,

[31] arambwira ati: 'Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n'ubuntu bwawe bwibutswe imbere y'Imana.'

[32] Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero. Yatse indaro mu rugo kwa Simoni umuhinguzi w'insato, i ruhande y'ikiyaga.

[33] Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse ko uje. None rero twese turi hano imbere y'Imana, kwumva ivyo Umwami Imana yakugeze kutubwira vyose.”

[34] Petero yanzika kuvuga ati: “Ni ukuri ni ho nkimenya yuko Imana itarobanura abantu ku butoni,

[35] ariko mu mahanga yose uwubaha, agakora ivyo ukugororoka, iramwemera.

[36] Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bwiza bw'amahoro, ni we Mwami wa bose;

[37] iryo jambo mwebwe murarizi, ryamamaye i Yudaya hose, ritanguriye i Galilaya, hanyuma y'umubatizo uwo Yohana yigishije;

[38] rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingene Imana yamusutseko Mpwemu Yera n'ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa mugarariji atwaza amanyama, kuko Imana yari kumwe na we.”

[39] Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo umwe bishe, bamumanitse ku giti yakoze vyose mu gihugu c'Abayuda bo n'i Yerusalemu.

[40] Uwo, Imana iramuzura ku musi ugira gatatu, imuha guserurwa ahibonekeza,

[41] si imbere y'abantu bose, ariko imbere y'ivyabona vyatoranijwe n'Imana ivyo bitarabaho, ni twebwe, abasangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.

[42] Atugera kumenyesha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashinze kuba Umucamanza w'abariho n'abapfuye.

[43] Abavugishwa n'Imana bose bamushingiye intahe, bavuga yuko uwumwizera wese azoharirwa ivyaha ku bwo izina ryiwe.

[44] Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose.

[45] Abizeye bo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo barumirwa, abazananye na Petero uko bangana, kuko n'abanyamahanga na bo basutsweko ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

[46] Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arababaza

[47] ati: “Mbega hari uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?”

[48] Avuga ko babatizwa mw'izina rya Yesu Kristo. Baca baramwinginga ngo amareyo imisi.

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters