Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:03

[1] Bahera kuri uwo musi bahama cane ishengero ry'i Yerusalemu. Bose basabagirira mu ntara z'i Yudaya n'i Samariya, ukuyemwo intumwa gusa.

[2] Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane.

[3] Ariko Sawuli yatikiza ishengero; yinjira mu nzu zose, agakuramwo abagabo n'abagore, akabashira mw'ibohero.

[4] Ariko abasabagiye bagendagenda bavuga ijambo ry'Imana.

[5] Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c'i Samariya, abamenyesha ivya Kristo.

[6] Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo avuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibimenyetso akora.

[7] Kuko benshi muri bo bari binjiwemwo n'impwemu zihumanye zabavamwo, ziboroga n'amajwi arenga; kandi n'abari bamugaye n'abacumbagira benshi barakizwa.

[8] Haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.

[9] Kandi hariho umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivyo ubupfumu muri ico gisagara, akumiza ubwoko bw'Abasamariya, akiyita agakomeye.

[10] Bama bamushizeko umutima bose, uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye bati: “Uwu ni we bwa bushobozi bw'Imana bwitwa Ubuhambaye.”

[11] Ariko icatuma bamushirako umutima ni uko uhereye kera yabumiza n'ubupfumu bwiwe.

[12] Ariko bizeye ubutumwa bwiza Filipo ababwiye bw'ubwami bw'Imana, n'ubwo izina rya Yesu Kristo, abagabo n'abagore barabatizwa.

[13] Na simoni na we arizera, kandi amaze kubatizwa yamana na Filipo. Abonye ibimenyetso n'ibitangaza bihambaye vyakorwa, arumirwa.

[14] Maze intumwa ziri i Yerusalemu zumvise yuko Abasamariya bemeye ijambo ry'Imana, zirungikayo Petero na Yohana,

[15] na bo bamanutseyo barabasengera ngo bahabwe Mpwemu Yera;

[16] kuko Mpwemu ataribwamanuke ngo aje no kuri umwe muri bo, bari babatijwe gusa mw'izina ry'Umwami Yesu.

[17] Maze babarambikako ibiganza, bahabwa Mpwemu Yera.

[18] Ariko Simoni, abonye yuko abarambitsweko ibiganza vy'intumwa bahabwa Mpwemu Yera, azizanira amahera

[19] ati: “Nanje ni mumpe ubwo bushobozi, kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azohabwe Mpwemu Yera.”

[20] Petero aramubwira ati: “Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuko ugira ngo ingabire y'Imana woyironkesha amahera.

[21] Nta n'agahimba ufise, nta n'akagabane kavyo, kuko umutima wawe udatunganye imbere y'Imana.

[22] Nuko wihane ubwo bubi bwawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe wobiharirwa.

[23] Kuko mbona yuko uri mw'ibamba ry'umururazi no mu ngoyi zo kugabitanya.”

[24] Simoni aramwishura ati: “Munsengere ku Mwami Imana, ivyo muvuze ntihagire ikimbako.

[25] Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry'Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bwiza mu mihana myinshi y'Abasamariya

[26] Maze umumarayika w'Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi uje mu bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza; imwe yo mu bugaragwa.”

[27] Avahasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y'ububasha bwinshi yakorera Kanidake, umwamikazi w'Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga.

[28] Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n'amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n'Imana.

[29] Mpwemu abarira Filipo ati: “Ni wegere uriya mukogote, ugendane na wo.”

[30] Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n'Imana; aramubaza ati: “Ivyo usoma urabitahuye?”

[31] Na we ati: “Nobishobora nte, ntabonye uwubindongoramwo?” Yinginga Filipo ngo yurire bicarane.

[32] Igice co mu vyanditswe yasoma cari iki, ngo Yajanywe nk'intama bajana mw'ibagiro, Nk'uko umwagazi w'intama utekerereza imbere y'uwuyikata ubwoya Ni ko atakuyeko umunwa.

[33] Hamwe yacishwa bugufi nta numwe yamuciriye urwo ukuri, Ni nde azoshobora kudonda ivyo uruvyaro rwiwe? Kuko ubugingo bwiwe bukuwe mw'isi.

[34] Iyo nkone ibaza Filipo iti: “Ndakubaza, uwavugishwa n' Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayivuzeko, canke yayavuze ku wundi?”

[35] Filipo ateranura akanwa, atangurira kuri ivyo vyanditswe, amubwira ubutumwa bwiza bwa Yesu.

[36] Bakigenda mu nzira, bashika ahari amazi; iyo nkone iramubaza iti: “Ehe amazi; ikimbuza kubatizwa ni igiki?” [

[37] Filipo arayishura ati: “Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka.” Na yo iti: “Nizeye Yesu Kristo ko ari Umwana w'Imana.”]

[38] Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n'iyo nkone, arayibatiza.

[39] Bavuye mu mazi, Mpwemu w'Uhoraho Imana ajana Filipo, iyo nkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.

[40] Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bwiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters