[1] Ati: “Yemwe bagabo bavukanyi kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebwe.”
[2] Bumvise ababariye mu Giheburayo, barushiriza gucereza. Aravuga
[3] ati: “Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso h'i Kilikiya, ariko nakuriye muri iki gisagara, nigishirizwa imbere y'ibirenge vya Gamaliyeli nk'uko uruhande rugoye rw'ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry'Imana, nk'uko namwe mwese murifise uwu musi.”
[4] Kandi nahama abakurikira Inzira ya Yesu gushitsa bapfuye, nkababoha abagabo n'abagore nkabashira mu mabohero.
[5] Kandi n'umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y'ivyo, bo n'abacamanza bose. Ni bo bampaye amakete yandikiwe abavukanyi bacu b'i Damasiko, ikinjanyeyo ari ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.
[6] Nuko nkigenda, nshitse hafi y'i Damasiko, hari nko mu mashoka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw'ijuru, unkayanganira irya n'ino.
[7] Nikubita hasi numva ijwi rimbaza riti: “Sawuli, Sawuli, umpigira iki?”
[8] Nanje ndabaza nti: “Uri nde ga Mwami?” Aranyishura ati: “Ndi Yesu Umunyanazareti, uwo uriko urahiga.”
[9] Kandi n'abo twari kumwe umuco barawubonye, ariko ntibumva ijwi ry'uwo tuvugana.
[10] Ndamubaza nti: “Ngire nte ga Mwami?” Umwami aranyishura ati: “Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe ko uzokora.”
[11] Maze ubwiza bw'uwo muco bumpumishije, abo twari kumwe bamfata ukuboko, nshika i Damasiko.
[12] Umugabo yitwa Ananiya, yubaha Imana mu kwumvira ivyagezwe, yashimwa n'Abayuda bose babayo,
[13] aza aho ndi, ampagarara hejuru, arambarira ati: “Sawuli, muvukanyi, humuka.” Ako kanya ndahumuka, ndamuraba.
[14] Aravuga ati: “Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe,
[15] kuko uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise.
[16] None ikigutevya ni iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe.”
[17] Maze ngarutse i Yerusalemu, nariko ndasenga mu rusengero, mera nk'uwurota,
[18] ndamubona ambwira ati: “Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivyo unshingira intahe.”
[19] Nanje nti: “Mwami, na bo ubwabo barazi yuko nashira abakwizeye mw'ibohero, nkabatonagurira mu nsengero zose z'Abayuda.
[20] Kandi hamwe amaraso y'uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, ndabishimye, nsanze impuzu z'abamwica.”
[21] Aranyishura ati: “Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.”
[22] Baramwumviriza gushitsa kuri iryo jambo; maze basemerera n'ijwi rirenga bati: “Kura uwumeze atyo mw'isi, na kare ntiyari abereye kubaho.”
[23] Bakiyogora, bata impuzu zabo, basurira umukungugu mu kirere,
[24] umukuru w'intwazangabo z'abasoda avuga ko bamwinjiza mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, ababarira kumukubitisha ibimoko, kugira ngo amenye icatumye bamuvugiriza urwamo batyo.
[25] Bamaze kumubohesha imigozi, Pahulo abaza intwazangabo z'abasoda ijana ahagaze aho ati: “Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w' Umuroma, kandi ata rubanza rwamutsinze?”
[26] Iyo ntwazangabo ivyumvise, ija ku mukuru w'abasoda, irabimumenyesha iti: “Ugira ukore iki? Erega wa muntu ni Umuroma.”
[27] Uwo mukuru w'intwazangabo araza, aramubaza ati: “Mbarira, mbega uri Umuroma?” Na we ati: “Ego me.”
[28] Uwo mukuru aramubarira ati: “Jewe naguze ubwo buroma amahera menshi.” Pahulo ati: “Ariko jeho nabuvukiyemwo.”
[29] Nuko abari bagiye kumucaca baca baramureka; umukuru w'abagabisha na we aratinya, amenye ko ari Umuroma, kandi yamuboshe.
[30] Ariko bukeye bw'aho, agomvye kumenya neza ico Abayuda bamurega ico ari co, aramubohora, agera ko abaherezi bakuru bakorana n'abacamanza bose, amanukana Pahulo amuhagarika imbere yabo.