Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:03

[1] Maze nko muri ico gihe umwami Herode ata mu maboko bamwe bo mw'ishengero ngo abagirire nabi.

[2] Yicisha inkota Yakobo mwene nyina wa Yohana.

[3] Maze abonye ko bihimbaye Abayuda, ariyongeza, afata na Petero. Hari mu misi y'imitsima itambiwe.

[4] Amaze kumufata, amushira mw'ibohero, amuha abasoda icumi na batandatu kumurinda ari banebane, agira ngo azomushikirize abantu, Pasika iheze.

[5] Nuko Petero arindirwa mw'ibohero. Ariko abo ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.

[6] Ku musi Herode bwaca amubashikiriza, muri iryo joro Petero yari asinziriye ari hagati y'abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bari ku rugi barinda inzu y'ibohero.

[7] Maze umumarayika w'Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura ati: “Vyuka ningoga.” Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.

[8] Umumarayika aramubarira ati: “Kenyera, wambare ibirato vyawe.” Abigenza atyo. Kandi aramubarira ati: “Izingireko umutamana wawe, unkurikire.”

[9] Arasohoka, aramukurikira, yamara ntiyamenya ivyo umumarayika akoze ko ari ivyo ukuri, ariko agira ngo abonye ivyo yeretswe nko mu nzozi.

[10] Baciye ku bateramyi ba mbere no ku ba kabiri, bashika kw'irembo ryugajwe umwango w'icuma, rija mu gisagara. Urabiyugururira ubwawo, barenga irembo baca mu nzira imwe, uwo mwanya umumarayika aca amusiga hano.

[11] Akenge kagarutse, Petero aribwira ati: “Noneho ndamenye vy'ukuri yuko Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode, bo n'ivyo ubwoko bw'Abayuda bwari buroreye vyose.”

[12] Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho benshi bari bakoraniye benshi, bariko barasenga.

[13] Petero akomanga ku rugi rw'irembo, umukobwa w'umushumba yitwa Rode aja kwumvira.

[14] Amenye ijwi rya Petero akanyamuneza kamubuza kwugurura, arirukanga arinjira, ababarira yuko Petero ahagaze kw'irembo.

[15] Baramwishura bati: “Urasara.” Na we avuga ashimitse ko ari ivyo ukuri. Bati: “Ni umumarayika wiwe.”

[16] Ariko Petero ashishikara gukomanga. Buguruye baramubona, barumirwa.

[17] Arabamama, abiganira uko Umwami Imana yamukuye mw'ibohero, arababwira ati: “Ivyo mubibarire Yakobo n'abavukanyi bandi.” Arahava, aja ahandi.

[18] Ijoro rikeye, havyuka imivurungano itari mike mu basoda, kuko bazazaniwe ukuntu Petero yabaye.

[19] Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica. Maze ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.

[20] Maze ashamirana n'abo muri Tiro n'i Sidoni, na bo bahuza inama, bamujako, bahongera Bulasito, umukuru w'abasasira umwami, basaba impore, kuko igihugu cabo casuma mu gihugu c'uwo mwami.

[21] Nuko ku musi washinzwe, Herode yambara impuzu z'ubwami, avyagira ku ntebe y'icubahiro, abacurira amajambo.

[22] Abantu barasemerera bati: “Ni ijwi ry'imana, si iryoumuntu.”

[23] Uwo mwanya umumarayika w'Umwami Imana aramukubita, kuko adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracikana.

[24] Ariko ijambo ry'Imana riragwira, riramenyekana.

[25] Kandi Barunaba na Sawuli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyagabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.

Ivyakozwe N'intumwa — Chapters