[1] Hanyuma y'ivyo Pahulo ava muri Atenayi, aja i Korinto.
[2] Abonye Umuyuda yitwa Akwila, amamuko yiwe ni i Ponto, yari avuye muri Italiya muri iyo misi, bo n'umugore wiwe Purisikila, kuko Kilawudiyo yari yageze ko Abayuda bose bava i Roma; Pahulo aja aho bari.
[3] Kandi kuko bari bahuje ubuhinga, abana na bo, barunganiranira, kuko ubuhinga bwabo bwari ubwo kujisha amahema.
[4] Aharirira n'abaho mu rusengero rw'Abayuda amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n'Abagiriki.
[5] Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Pahulo agoberwa n'ijambo ry'Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.
[6] Na bo babiharirije batyoza, akunkumura impuzu ziwe, arababarira ati: “Amaraso yanyu araba ari mwebwe akora! Jeho ndacuna; guhera ubu ndaja ku banyamahanga.”
[7] Avaho, yinjira mu nzu y'umuntu yitwa Tito Yusito, yubaha Imana, inzu yiwe yari ihereranye n'urusengero rw'Abayuda.
[8] Ariko Krisipo, umukuru w'urusengero, yizerana Umwami Yesu n'abo mu nzu yiwe bose; n'Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.
[9] Maze Umwami Yesu abarira Pahulo mw'ijoro nko mu nzozi ati: “Ntutinye, ariko uvuge, ntucereze,
[10] kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngo akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi muri iki gisagara.”
[11] Amarayo umwaka n'amezi atandatu, yigisha ijambo ry'Imana muri bo.
[12] Maze Galiyo abaye icegera ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuza inama bakurira hasi Pahulo, bamujana imbere y'intebe y'imanza
[13] bati: “Uwu muntu yemeza abantu gusenga Imana uburyo bunyuranye n'ivyagezwe.”
[14] Pahulo ariko arahaga amatama, Galiyo abwira Abayuda ati: “Iyo haba hari habonetse ibirego vy'icaha, canke ikibi kigoye, yemwe Bayuda, hari kuboneka inyanduruko yuko ndabihanganira kubumva;
[15] ariko ko ari ibihari vy'amajambo n'ivyo amazina n'ivyo ivyagezwe vyanyu ubwanyu, ni mubimare ubwanyu. Jeho singomba guca urubanza rwa bene ivyo.”
[16] Abirukana imbere y'intebe y'imanza.
[17] Abagiriki bose basumira Sositene, umukuru w'isengero ry'Abayuda, bamukubitira imbere y'intebe y'imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.
[18] Hanyuma y'ivyo Pahulo amarayo iyindi misi myinshi, maze asezera abavukanyi, avudukayo ari mu bwato ngo aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwimoshereza i Kenkireya; kuko yari mw'isezerano.
[19] Bashitse muri Efeso, abasiga ngaho; ariko we aragenda yinjira mu rusengero rw'Abayuda, aharira n'Abayuda.
[20] Bamwinginze ngo amareyo iyindi misi ntiyabakundira.
[21] Ariko asezerana na bo ati: “Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba.” Avuduka muri Efeso ari mu bwato.
[22] Afashe i Kayisariya, araduga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.
[23] Amazeyo imisi avayo, aca mu gihugu c'i Galatiya n'i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose.
[24] Maze Umuyuda yitwa Apolo, amamuko yiwe ni muri Alekisanderiya, yari umuntu w'ubwenge, ashika muri Efeso; yari Umunyabushobozi mu vyanditswe.
[25] Uwo yari yigishijwe inzira y'Umwami wacu, acanirwa mu mutima n'umwete, yavuga yigisha ivya Yesu avyitondeye, yari azi umubatizo wa Yohana gusa.
[26] Atangura kuvugira mu rusengero rw'Abayuda ashize amanga. Maze Purisikila na Akwila bamwumvise, bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y'Imana.
[27] Agomvye kujabuka ngo aje muri Akaya, abavukanyi baramuremesha, bandikira abigishwa ngo bamwakire. Na we ashitseyo, ubuntu bw'Imana bumutera gufasha cane abizeye;
[28] kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y'abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.