[1] Kandi muri iyo misi, abigishwa bariko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo kavukire, kuko abapfakazi babo birengagizwa ku ngaburo y'imisi yose.
[2] Bamwe icumi na babiri bakoranya ishengero ry'abigishwa bati: “Ntibibereye yuko twebwe tureka kwigisha ijambo ry'Imana kubwo kugaburira ivyo ku meza.
[3] Nuko, bavukanyi, ni murabe muri mwebwe abantu indwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n'ubwenge, tubashire muri iki gikorwa.
[4] Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry'Imana.”
[5] Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, Filipo, Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y'Abayuda.
[6] Babashira imbere y'intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikako ibiganza.
[7] Nuko ijambo ry'Imana riragwira; abigishwa barongerekana cane i Yerusalemu, n'isinzi ry'abaherezi bumvira ukwizera.
[8] Stefano yari yuzuye ubuntu bw' Imana n'ubushobozi, yakora ibitangaza n'ibimenyetso bikomeye mu bantu.
[9] Ariko hava hasi abantu bamwe bo mu rusengero rw'Abaliberutino, urwo Abanyakurene, urwo Abanyalekisanderiya, n'urwo Abanyakilikiya n'iyo Abanyasiya, baja impari na Stefano,
[10] ariko ntibashobora gutsinda ubwenge na Mpwemu bimuvugisha.
[11] Nuko bahera abagabo bo kuvuga bati: “Twumvise avuga amajambo yo gutyoza Mose n'Imana.”
[12] Bosha abantu, abakuru n'abahinga b'ivyanditswe baramugira, baramufata, bamujana mw'ikoraniro ry'abashingantahe.
[13] Bahagarika ivyabona vy'ibinyoma, baravuga bati: “Uwu muntu nta ho ahumeka gutuka aha hantu hera n'ivyagezwe;
[14] kuko twumvise avuga ko Yesu Umunyanazareti azosambura aha hantu, kandi ngo azohindura imigenzo twahawe na Mose.”
[15] Abicaye mw'ikoraniro ry'abashingantahe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n'aho umumarayika.