[1] Kandi muri Antiyokiya, mw'ishengero ryaho, hari abavugishwa n'Imana n'abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n'umwami Herode, hariho na Sawuli.
[2] Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga ati: “Ni mundobanurire Barunaba na Sawuli bankorere igikorwa nabahamagariye.”
[3] Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitseko ibiganza, barabarungika.
[4] Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavayo bari mu bwato bafata i Kupuro.
[5] Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry'Imana mu nsengero z'Abayuda. Kandi bari bafise Yohana agenda arabakorera.
[6] Bararamiriza baca muri ico kizinga cose, bashika i Pafo, basangayo umugabo w'umukinzi, umuraguzi w'ibinyoma, yari Umuyuda, izina ryiwe ni Bari-Yesu;
[7] yagendanira Serugiyo Pahulo, icegera ca Kayisari, umuntu w'ubwenge. Uwo ahamagaza Barunaba na Sawuli, ashaka kwumva ijambo ry'Imana.
[8] Ariko Eluma, uwo mukinzi (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahaririza, ashaka guhuvya ico cegera ngo nticizere.
[9] Ariko Sawuli ari we Pahulo, yuzuye Mpwemu Yera, amuhanga amaso
[10] ati: “Wewe wuzuye ubugunge bwose n'ububi bwose, wa mwana w'Umurwanizi we, wa mwansi w'ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z'Umwami Imana zigororotse?”
[11] Nuko raba, ukuboko kw'Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n'umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.
[12] Ico cegera kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n'ivyo cigishijwe vy'Umwami Yesu.
[13] Maze Pahulo n'abari kumwe na we bava i Pafo bari mu bwato, bafata i Peruga muri Pamfiliya. Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu.
[14] Ariko bo bava i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h'i Pisidiya; ku musi w'isabato binjira mu rusengero rw'Abayuda, baricara.
[15] Isomwa ry'ivyagezwe n'ivyo abavugishwa n'Imana riheze, abakuru b'urusengero rw'Abayuda batuma kuri bo bati: “Bavukanyi, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanura abantu, ni murivuge.”
[16] Pahulo ava hasi, arabamama, arababarira ati: “Yemwe bagabo b'Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.”
[17] Imana y'ubu bwoko bw'Abisirayeli yatoranije ba sogokuruza, kandi ishira abantu hejuru hamwe bari abanyamahanga mu gihugu ca Misiri, ikabakuzayo ukuboko gukomeye.
[18] Yihanganira ingeso zabo nk'imyaka mirongo ine mu bugaragwa.
[19] Imaze guhonya amahanga indwi mu gihugu c'i Kanani, ibegurira ico gihugu cabo kuba inyegu yabo. Maze nk'imyaka amajana ane na mirongo itanu ishize,
[20] ibaha abacamanza, gushitsa ku wavugishwa n'Imana Samweli.
[21] Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sawuli umwana wa Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku butware imyaka mirongo ine.
[22] Imukuye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe iti: “Ndabonye Dawidi umwana wa Isayi umuntu ameze nk'uko umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose.
[23] Mu ruvyaro rw'uwo, nk'uko Imana yasezeranye, yazaniye Abisirayeli Umukiza, ni we Yesu.
[24] Ataraza, Yohana yari yigishije ubwoko bwose bw'Abisirayeli ukubatizwa kwo kwihana.”
[25] Ariko Yohana ariko arasozera urugendo rwiwe, arababaza ati: “Mbega mwiyumvira ko ndi nde?” Jewe sindi we. Mugabo hari uwuzoza mu nyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura ibirato vyo mu birenge vyiwe.
[26] Bagabo bavukanyi, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry'ako gakiza ni twebwe ryatumweko.
[27] Kuko ababa i Yerusalemu n'abakuru babo batamumenye, canke amajambo y'abavugishwa n' Imana asomwa ukw'isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bavugishijwe, hamwe bamutsindisha.
[28] Kandi naho babuze inyanduruko yo kumwicisha, basaba Pilato ko amwica.
[29] Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva.
[30] Ariko Imana iramuzura mu bapfuye.
[31] Imisi myinshi abonekera abari baraduganye na we ava i Galilaya aja i Yerusalemu, abo ni bo bamushingira intahe ubu imbere y'abantu.
[32] Natwe turababwira ubutumwa bwiza bw'ivyasezeraniwe ba sogokuruza,
[33] yuko Imana yabishikije kuri twebwe abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ngo uri Ubura bwanje, uwu musi ndakuvyaye.
[34] Kandi kuko yamuzuye mu bapfuye atazosubira mw'iborero, yavuze itya iti: “Nzobaha imigisha yera ya Dawidi itazovaho.”
[35] No muri Zaburi yindi yavuze, ngo ntuzotanga Uwera wawe ngo azobore.
[36] Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivyo Imana igomba, arasinzira, arapfa, arabora.
[37] Ariko uwo Imana yazuye nta ho yigeze abora.
[38] Nuko bagabo bavukanyi, ni mumenye ko muri uwo ari ho mubwirirwa ivyo uguharirwa ivyaha;
[39] kandi ni we ahindura intungane uwumwizera wese kuri vyose, ivyo mutashoboye guhindurwa intungane n'ivyagezwe vya Mose.
[40] Nuko mwirinde, ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana ntibibashikeko,
[41] ngo raba mwa banyagakengere, mutangare, muzimangane, Kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu, Igikorwa mutazoruha mwemera, naho umuntu yokibasobanurira.
[42] Bariko barasohoka, barabinginga ngo ayo majambo azovugwe no kw'isabato izoza.
[43] Abari mu rusengero rw'Abayuda bamaze gusabagira, benshi mu Bayuda bo n'abatoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Pahulo na Barunaba; na bo bayaga na bo, barabahanura ngo bashishikare kuguma mu buntu bw' Imana.
[44] Kw'isabato ikurikira iyo, hakorana nk'abo mu gisagara bose kwumva ijambo ry'Imana.
[45] Ariko Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakana ivyo Pahulo avuze, barabicokora.
[46] Pahulo na Barunaba bavuga bashize amazinda bati: “Vyari bibereye kw'ijambo ry'Imana ribanza kubwirwa mwebwe; none ko murishibuye, mukicira urubanza uko mutabereye ubugingo budashira, ehe-e duhindukiriye abanyamahanga.”
[47] Kuko Umwami Imana ari ko yatubariye ati: “Ndagushizeho ngo ube umuco w'amahanga, Kugira ngo n'abo ku mpera y'isi ubashikirize agakiza.”
[48] Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry'Imana; abari baragerewe ubugingo budashira bose barizera.
[49] Ijambo ry'Umwami Yesu rikwira muri ico gihugu cose.
[50] Ariko Abayuda bosha abagore b'icubahiro bubaha Imana, n'abakuru bo muri ico gisagara, bavyurira akadenderezo Pahulo na Barunaba, babirukana mu ntara yabo.
[51] Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.
[52] Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera.