Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:47

[1] Hanyuma y'ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c'i Tiberiya. Kandi uburyo yiyerekanye ni ubu:

[2] Simoni Petero, Toma ari we Hasa bari kumwe na Natanayeli w'i Kana i Galilaya, n'abana ba Zebedayo, n'abandi bigishwa babiri.

[3] Simoni Petero arababwira ati: “Ndagiye kuroba.” Na bo bati: “Natwe turajana nawe.” Barikora, batambukira mu bwato. Muri iryo joro ntibagira ico bafata.

[4] Umutwenzi ugitambika, Yesu ahagarara ku musenyi, ariko abigishwa ntibamenya ko ari we.

[5] Nuko Yesu arababaza ati: “Bana, hari ico kurya mufise?” Bati: “Oya.”

[6] Arababwira ati: “Ni muterere urusenga i buryo bw'ubwato, muraronka.” Nuko baraterera, ntibaba bakibasha kurukwega, kuko ifi zari isinzi.

[7] Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami Yesu.” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.

[8] Ariko abandi bigishwa baza mu bwato, kuko bari hafi y'umusenyi, hari nk'intambuko ijana, bakwega urusenga rurimwo ifi.

[9] Bafashe i musozi, babonaho umuriro w'amakara n'ifi zigeretseko, n'umutsima.

[10] Yesu arababwira ati: “Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba.”

[11] Simoni Petero aja mu bwato, akwegera urusenga i musozi rwuzuye ifi nininini ijana na mirongo itanu na zitatu, kandi naho zari zingana zityo, urusenga ntirwacitse.

[12] Yesu arababarira ati: “Ni muze murye.” Ariko mu bigishwa ntihagira uwutinyuka kumubaza ati: “Uri nde?” Kuko bari bamenye ko ari Umwami Yesu.

[13] Yesu araza, yakira umutsima, arawubaha, n'ifi ni uko.

[14] Ubwo bwari ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.

[15] Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero ati: “Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda kurusha aba?” Na we ati: “Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera.” Aramubwira ati: “Ahura imyagazi y'intama zanje.”

[16] Yongera kumubaza ubugira kabiri ati: “Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda?” Na we ati: “Ego, Mugenzi, wewe urazi ko ndagukunda.” Aramubwira ati: “Ragira intama zanje.”

[17] Amubaza ubugira gatatu ati: “Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda?” Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo mbega urankunda? Aramwishura ati: “Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Ahura intama zanje.”

[18] Ni ukuri ndakubwire koko; ukiri umusore, warikenyeza, ukaja aho ugomba; ariko aho uzosazira, uzogorora amaboko, uwundi agukenyeze, akujane aho utagomba.

[19] Icatumye avuga atyo, kwari ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga atyo, aramubarira ati: “Nkurikira.”

[20] Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe basangira, akamubaza ati: “Mugenzi, ni nde azokugura?”

[21] Nuko Petero amubonye, abaza Yesu ati: “Mugenzi, uwu we bizoba bite?”

[22] Yesu aramwishura ati: “Namba ngomba ko azogumaho kugeza aho nzozira, bigutwaye iki?” Wewe nkurikira.

[23] Ni co catumye iri jambo rikwira mu bavukanyi, ngo uwo mwigishwa ntazopfa. Ariko Yesu ntiyamubwiye ko atazopfa, ariko yavuze ati: “Namba ngomba ko agumaho kugeza aho nzozira, bigutwaye iki?”

[24] Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yuko intahe yiwe ari iyo ukuri.

[25] Ariko hariho n'ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwekimwe, ngira ngo n'isi na yo ntiyokwirwamwo ibitabo vyokwanditswe.

Yohana — Chapters