Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:39

[1] Umusi w'isabato ushize, ku wa mbere w'imisi indwi, umutwenzi ugomba gutambika, Mariya Magadalene na Mariya wundi baja kuraba imva.

[2] Habaho kunyiganyiga kw'isi gukomeye, kuko umumarayika w' Umwami Imana yari amanutse ava mw'ijuru, araza akura ca kibuye agitembagaje, acicarako.

[3] Ishusho yiwe yasa n'umuravyo, impuzu ziwe zera nk'ipampa.

[4] Ubwoba yateye abararirizi bubashira mu gatengo, bamera nk' abapfuye.

[5] Ariko umumarayika abwira ba bagore ati: “Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yesu, umwe yabambwa;

[6] ntari hano, kuko yazutse, nk'uko yavuze. Ngo murabe aho umwami yari aryamye.

[7] Ni mukwakwanye mubwire abigishwa biwe yuko yazutse mu bapfuye, kandi azobitangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera. Nuko ni ivyo, ndabibabwiye.”

[8] Bava ku mva ningoga, bari n'ubwoba n'akanyamuneza kenshi, birukanga kubibwira abigishwa biwe.

[9] Maze Yesu ahura na bo ati: “Ni amahoro.” Baramwegera, bamufata ku birenge, baramusenga.

[10] Maze Yesu arababwira ati: “Ntimutinye; ni mugende mubwire abavukanyi banje ngo baje i Galilaya, ni ho tuzobonanira.”

[11] Bakigenda, bamwe muri ba barinzi baja mu gisagara, babwira abaherezi bakuru ivyabaye vyose.

[12] Na bo bakoranira hamwe n'abashingantahe baja inama, bahera abo basoda amahera menshi

[13] bati: “Muzovuge ko abigishwa biwe baje mw'ijoro, baramutwiba dusinziriye.”

[14] Icegera ca Kayisari ni caramuka kivyumvise, tuzomuhwamika, namwe tuzobakiza amagorwa.

[15] Bakira ya mahera, bagira nk'uko bohejwe; kandi iryo jambo ryandagara mu Bayuda gushika n'ubu.

[16] Maze ba bigishwa icumi n'umwe baja i Galilaya ku musozi Yesu yabarangiye;

[17] bamubonye, baramusenga, ariko bamwe barakekeranya.

[18] Yesu arabegera, arababwira ati: “Jewe nahawe ububasha bwose mw'ijuru no mw'isi.”

[19] Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw'izina rya Data wa twese n'iryo Umwana n'irya Mpwemu Yera;

[20] mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w'isi.

Matayo — Chapters