Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:50

[1] Muri ico gihe Yesu aca mu mirima y'ingano kw'isabato. Abigishwa biwe bashonje, batangura kumyoza ingano, barazihekenya.

[2] Abafarisayo babibonye, baramubwira bati: “Mbega abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw'isabato!”

[3] Na we arababaza ati: “Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yari asonzanye n'abari kumwe na we;

[4] ingene yinjiye mu nzu y'Imana, akarya imitsima yagenewe gushikanirwa Imana, yari umuziro kuri we no ku bari kumwe na we, uretse abaherezi bonyene?

[5] Canke nta ho murasoma mu vyagezwe ingene kw'isabato abaherezi, iyo bari mu rusengero, bazirura isabato, ntibabeko igicumuro?”

[6] Ariko ndababwira yuko hano hari uwuruta urusengero.

[7] Iyo muba mwari muzi iri jambo ico rivuga, ngo imbabazi ni zo ngomba, si ibimazi; ntimuba mutsindishije abatariko igicumuro.

[8] Kuko Umwana w'umuntu ari Umwami w'isabato.

[9] Avayo, yinjira mu rusengero rw'Abayuda.

[10] Kandi harimwo umuntu anyunyutse ukuboko. Baramubaza bati: “Mbega biremerwa gukiza kw'isabato? Ngo baronke uko bomurega.”

[11] Arabishura ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise intama imwe ikagwa mu cobo kw'isabato, ntayifate ngo ayikureyo?”

[12] Mbega none umuntu ntaruta intama cane? None rero biremerwa gukora ivyiza kw'isabato.

[13] Maze abwira uwo muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Arakugorora, kurakira, gukomera nk'ukundi.

[14] Abafarisayo barasohoka, bamugira inama ngo babone ingene bomwica.

[15] Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose.

[16] Arabihaniza ngo ntibagende baramwandagaza,

[17] ngo ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana Yesaya bishike,

[18] ngo nguwu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga imanza azocibwa.

[19] Ntazosinda, kandi ntazoyogora, Kandi nta wuzokwumva ijwi ryiwe mu nzira;

[20] Ntazohohosha irenga rivunitse, N'urumuri ruyenga ntazoruzimya, Gushitsa aho azotsindira intahe;

[21] Kandi izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira.

[22] Maze bamuzanira impumyi y'ikiragi yinjiwemwo na dayimoni, arayikiza; ico kiragi kiravuga, kirahumuka.

[23] Ishengero ryose rirumirwa riti: “Mbega uwu yoba wa mwana wa Dawidi?”

[24] Ariko Abafarisayo bavyumvise baravuga bati: “Uwu nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w'abadayimoni.”

[25] Amenye ivyo biyumvira, arababwira ati: “Ubwami bwose iyo bwitandukanije ubwabwo burahona. Igisagara cose n'umuryango wose iyo vyitandukanije ntibirama.”

[26] Na Satani, yosenda Satani, yoba yitandukanije ubwiwe; none ubwami bwiwe bworama bute?

[27] Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.

[28] Ariko Mpwemu w'Imana ni yaba ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, noneho ubwami bw' Imana burabashikiriye.

[29] None umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y'umuntu w'inkomezi kumusahura ibintu atabanje kuboha wa munyenkomezi? Maze akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe.

[30] Uwutamperereyeko ni umwansi wanje, kandi uwudasukiranya nanje arasanzaza.

[31] Kubwo ivyo ndababwira yuko icaha cose n'ugutyoza, abantu bazobiharirwa; ariko ugutyoza kuri Mpwemu ni icaha kitazoharirwa.

[32] Umuntu wese azotyoza umwana w'umuntu azobiharirwa, ariko uwutyoza Mpwemu Yera ntazobiharirwa, naho hoba muri iki gihe canke mu gihe kizoza.

[33] Ni mube muvuga igiti ko ari ciza n'ivyo camye ko ari vyiza, canke mube muvuga igiti ko ari kibi n'ivyo camye ko ari bibi; kuko igiti kimenyekanira ku vyo camye.

[34] Mwa bana b'inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibogaboga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.

[35] Umunyangeso nziza akura ivyiza mw'itunga ryiwe ryiza; umunyangeso mbi akura ibibi mw'itunga ryiwe ribi.

[36] Kandi ndababwira yuko ijambo ryose risunitswe n'impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w'imanza.

[37] Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke amajambo yawe ni yo azotuma utsindwa.

[38] Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe bamwe baramubwira bati: “Mwigisha, turagomba kuraba ikimenyetso ukora.”

[39] Arabishura ati: “Abo uruvyaro rubi rw'uguhemuka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabwa, atari ikimenyetso c'uwavugishwa n'Imana Yona.”

[40] Nk'uko Yona yamaze imisi itatu n'amajoro atatu mu nda y'urufi, ni ko n'Umwana w'umuntu azomara imisi itatu n'amajoro atatu i kuzimu.

[41] Abagabo b'i Ninewe bazovana hasi n'abo uru ruvyaro ku musi w'imanza, babatsindishe; kuko bihanye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi raba, uwuruta Yona ari hano.

[42] Umwamikazi w'igihugu co mu bumanuko azovana hasi n'abo iki gihe ku musi w'imanza, abatsindishe; kuko yavanywe ku mpera y'isi no kwumva ubwenge bwa Salomo; kandi raba, uwuruta Salomo ari hano.

[43] Impwemu ihumanye iyo ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura.

[44] Ikavuga iti: “Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo.” Ihashitse, igasanga igaragara, ikubuye, iteguritse.

[45] Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu indwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy'uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b'iki gihe kibi.

[46] Akivugana n'ishengero, nyina n'abavukanyi biwe bari bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.

[47] Umwe aramubwira ati: “Erega umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze, baragomba ko mubonana.”

[48] Yishura uno abimubwiye ati: “Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde?”

[49] Atunga urutoke abigishwa biwe ati: “Ngaba mama na bene mama.”

[50] Kuko umuntu wese akora ivyo Data wo mw'ijuru agomba ari we murumunanje, mushikanje na mama.

Matayo — Chapters