Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:08

[1] Muri iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw'i Yudaya

[2] ati: “Mwihane, kuko ubwami bwo mw'ijuru buri hafi.”

[3] Uwo ni we yavuzwe na Yesaya yavugishwa n' Imana ati: “Ijwi ry'uwusemererera mu bugaragwa Ngo ni mutegure inzira y' Uhoraho, Mugorore izagutse ziwe.”

[4] Uwo Yohana, imyambaro yiwe yari iyo ubwoya bw'ingamiya, yayikenyeza umukanda w'urusato mu rukenyerero; indya ziwe zari inzige n'ubuki bwo mw'ishamba.

[5] Maze abo i Yerusalemu n'abo i Yudaya bose n'igihugu giherereye kuri Yorodani cose, bava i wabo baza kuri we,

[6] babatizwa na we mu ruzi Yorodani, batura ivyaha vyabo.

[7] Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b'inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge ishavu rizoza?”

[8] Nuko ni mukore ibiberekana ko mwihanye koko.

[9] Ntimwiyumvire mu mitima ngo mufise Aburahamu, ko sogokuruza. Ndababwira yuko aya mabuye Imana ishobora kuyakuramwo abana ba Aburahamu.

[10] Ariko incabiti itumberejwe ku bitsina vy'ibiti; nuko rero igiti cose kitama ivyiza kiracibwa, kigatererwa mu muriro.

[11] Ni ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; ariko uwuzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza ibirato. Uwo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.

[12] Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kandi azokubura imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maze umuguruka awuturire mu muriro utazima.

[13] Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we.

[14] Ariko Yohana agomba kumwankira ati: “Ko ari jewe nkwiye kubatizwa nawe; none unjeko?”

[15] Yesu aramwishura ati: “Bikunde kuko ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.” Buno aramukundira.

[16] Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi; maze ijuru riruguruka, abona Mpwemu w'Imana, amanuka asa n'inuma, amugwako.

[17] Buno rero ijwi riva mw'ijuru riti: “Uwu ni we Mwana wanje nkunda akampimbara.”

Matayo — Chapters