Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:35

[1] Amanutse uwo musozi, ishengero ryinshi riramukurikira.

[2] Maze umunyamibembe aza kuri we, aramupfukamira ati: “Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.”

[3] Agorora ukuboko, amukorako ati: “Ndakunze, humanuka.”

[4] Buno aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubwira ati: “Wirinde, ntugire uwo ubwira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.”

[5] Ashitse i Kaperinawumu, haza intwazangabo z'abasoda ijana, iramwinginga

[6] ati: “Mwami wanje, umuhungu wanje ni ikimuga, aryamye mu nzu, arasinzikaye cane.”

[7] Aramubwira ati: “Ndaje kumukiza.”

[8] Intwazangabo iramwishura iti: “Mwami, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.”

[9] Kuko nanje ndi umuntu agendera musi y'abanganza, mfise abasoda ntwara; iyo mbariye umwe ko agenda, aragenda; n'uwundi ko aza, akaza; nabarira umushumba wanje ko akora iki, akagikora.”

[10] Yesu avyumvise, biramutangaza, abwira abamukurikiye ati: “Ndababwire ukuri, sinaribwabone ukwizera kungana gutyo no mu Bisirayeli.

[11] Ndababwira yuko benshi bazoza, bavuye mu buseruko no mu burengero, bazokwicarana na Aburahamu, Isaka na Yakobo mu bwami bwo mw'ijuru;

[12] ariko abana b'ubwo bwami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo.”

[13] Yesu abwira uyo ntwazangabo ati: “Igire, bikubere nk'uko wizeye.” Nuko wa muhungu aca akira uwo mwanya.

[14] Yesu yinjiye mu nzu kwa Petero, abona inabukwe aryamye afashwe n'umururumbo.

[15] Amukora ku kuboko, umururumbo urazima; aravyuka, aramuzimana.

[16] Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n'abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abari barwaye bose,

[17] ngo ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana Yesaya biboneke, ngo Ubwiwe ni we yatwara ubumuga bwacu, akikorera n'indwara zacu.

[18] Yesu abonye ishengero ryinshi rimukikije, agera ko bajabuka hakurya.

[19] Haza umuhinga w'ivyanditswe, aramubwira ati: “Mwigisha, ndagukurikira aho uja hose.”

[20] Yesu aramubwira ati: “Imbwebwe ziri n'imyobo, n'ibiguruka mu kirere biri n'ivyari; ariko Umwana w'umuntu we ntagira aho arambika umusaya.”

[21] Uwundi mu bigishwa aramubwira ati: “Mugenzi, banza undekure, ngende mpambe data.”

[22] Ariko Yesu aramubwira ati: “Nkurikira, reka abapfuye bahambe abapfuye babo.”

[23] Atambukira mu bwato, abigishwa biwe baramukurikira.

[24] Haza igihuhuta gikomeye mu kiyaga, bituma ubwato buzimirira mu mipfunda; ariko we yari asinziriye.

[25] Baraza baramukangura bati: “Mugenzi, dukize, turapfuye.”

[26] Arababaza ati: “Ni igiki kibateye ubwoba, mwa bafise ukwizera guke mwe?” Buno aravyuka azibiza ingunza n'ikiyaga, haba agahwekere rwose.

[27] Maze abo bantu baratangara bati: “Uwu ni umuntu ki, umuyaga n'ikiyaga ko bimwumvira?”

[28] Afashe hakurya mu gihugu c'Abagadareni, babiri binjiwemwo n'abadayimoni baramusanganira bava mu masenga y'imva, bari bakaze cane, bituma ata wushobora guhita muri iyo nzira.

[29] Barasemerera bati: “Dupfa iki nawe ga Mwana w'Imana? Uje hano kutwica nabi igihe cacu kitarashika?”

[30] Kure yabo hari ubusho bw'ingurube nyinshi zirisha.

[31] Abadayimoni baramwinginga bati: “Namba udusenda, uturungike muri uriya mukuku w'ingurube.”

[32] Arababwira ati: “Ni mugende.” Bava muri abo bantu, baragenda, baja muri izo ngurube. Wa mukuku wose wirukira ku gatembwe, zisuka mu kiyaga, zihonera mu mazi.

[33] Abaziragira barahunga; bashitse mu gisagara bavuga ivyo babonye vyose n'ivyo abari binjiwemwo n'abadayimoni.

[34] Abo muri ico gisagara bose baja gusanganira Yesu. Bamubonye, baramwinginga ngo ave mu ntara yabo.

Matayo — Chapters