[1] Maze Yesu abarira ishengero n'abigishwa biwe
[2] ati: “Abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo bafise ububasha bwo gusobanura amabwirizwa ya Mose.”
[3] Nuko ivyo bababwira vyose mubikore, muvyitondere. Ariko ntimukurikire ibikorwa vyabo, kuko ivyo bavuga atari vyo bakora.
[4] Kandi batekera imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, ariko ubwabo ntibagomba kuyikozako n'urutoke.
[5] Ariko ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barabwe n'abantu, kuko amambe yabo yanditswemwo amajambo y'Imana bayagira manini, ubuyonga bw'impuzu zaho bakabwongereza.
[6] Bakunda ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe, n'intebe z'icubahiro mu nsengero z'Abayuda,
[7] no kugirwako bwakeye mu bibanza vy'ihuriro, no kwitwa n'abantu: Rabi.
[8] None, ntimukitwe Mwigisha, kuko umwigisha wanyu ari umwe, namwe mwese muri abavukana.
[9] Kandi ntimukite umuntu wo mw'isi Data, kuko So ari umwe, ari uwo mw'ijuru.
[10] Kandi ntimukiyite muranzi, kuko umuranzi wanyu ari umwe, ari Kristo.
[11] Ariko umukuru muri mwebwe azobe umukozi wanyu.
[12] Uwuzokwishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwuzokwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
[13] Muzobona ibara, mwebwe abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubwami bwo mw'ijuru imbere y'abantu; kandi ntimubwinjiramwo ubwanyu, n'abagomba kubwinjiramwo ntimubakundira. [
[14] Muzobona ibara, mwebwe abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukirya ingo z'abapfakazi musengesha menshi muhumba; ni co gituma muzocirwa urubanza ruruta izindi.]
[15] Muzobona ibara, mwebwe abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no ku misozi ngo muhindure n'umwe abe uwo idini yanyu; iyo ahindutse, mutuma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu.
[16] Muzobona ibara, mwa ndongozi zihumye mwe, muvuga muti: “Uwuzorahira urusengero si ikigoye, ariko uwuzorahira izahabu yo mu rusengero azoba yikwegeye umwenda.”
[17] Mwa bipfu n'impumyi mwe, none ni ikihe gihambaye; ni izahabu canke ni urusengero rweza izahabu?
[18] Kandi ngo uwuzorahira igicaniro si ikigoye, ariko uwuzorahira ishikanwa ririko azoba yikwegeye umwenda.
[19] Mwa mpumyi mwe, none ni ikihe ari gikuru, ni ishikanwa, canke ni igicaniro ceza ishikanwa?
[20] Nuko uwurahiye igicaniro aba akirahiranye n'ibiriko vyose,
[21] kandi uwurahiye urusengero aba arurahiranye n'Iyirubamwo,
[22] kandi uwurahiye ijuru aba arahiye intebe y'Imana n'Iyiyivyagirako.
[23] Muzobona ibara, mwebwe abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga icacumi c'imbwija, anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabwirizwa, guca izibereye, imbabazi n'ukwizera; ariko ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.
[24] Mwa ndongozi zihumye mwe, muramimina agatuku, ariko ingamiya murayiyongobeza.
[25] Muzobona ibara, mwebwe abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwoza igikombe n'inkoko inyuma, ariko imbere vyuzuye ubwambuzi n'ukutigarura.
[26] Wa Mufarisayo uhumye we, banza woze imbere mu gikombe no mu nkoko, inyuma havyo na ho habone kwera.
[27] Muzobona ibara, mwebwe abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n'imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zisize, ariko imbere zuzuye amagufa y'abapfuye n'ibihumanya vyose.
[28] Namwe ni ko muri; inyuma mubonekera abantu muri abagororotsi, ariko imbere mwuzuye uburyarya n'ubugarariji.
[29] Muzobona ibara, mwebwe abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwubakira imva z'abavugishwa n'Imana, mugashariza ivyibutso vy'abagororotsi,
[30] mukavuga muti: “Iyo tuba twariho muri ico gihe ca ba sogokuruza, ntitwari gufatanya na bo kuvisha amaraso y'abavugishwa n'Imana.”
[31] Uko ni ko mwiyagiriza ko muri abana b'abishe abavugishwa n'Imana.
[32] None ni mwuzurize ingero ya ba sogokuruza banyu.
[33] Mwa nzoka mwe, mwa bana b'inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?
[34] Ehe ngira ntume abavugishwa n'Imana n'abanyabwenge bo n'abahinga b'ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masengero y'Abayuda, mubatuza mu bisagara vyose;
[35] bitayeko muzokorwa n'amaraso yose y'abagororotsi yaviriye kw'isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya umwana wa Barakiya mwiciye hagati y' ahera h'urusengero n'igicaniro.
[36] Ndababwire ukuri; ivyo vyose bizoshika ku b'iki gihe.
[37] Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n' Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukorany'abana bawe, nk'uko inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!
[38] Raba inzu yanyu muyitanywe ari umusaka.
[39] Kuko ndababwira yuko mutazosubira kumbona kuva ubu, kugeza aho muzovugira muti: “Hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho.”