Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:00

[1] Muri ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.

[2] Abwira abagendanyi biwe ati: “Uwo ni Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye; ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.”

[3] Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw'ibohero kubwa Herodiya, muka Filipo mwene se.

[4] Kuko Yohana yari yarabwiye Herode ati: “Ni ikizira ko umurongoye.”

[5] Yagomba kumwica, ariko atinya abantu, kuko bamwiyumvira ko ari umuntu avugishwa n'Imana.

[6] Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobwa wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.

[7] Ni co catumye amwemerera amurahiye ko amuha ico yomusaba cose.

[8] Na we amaze kwoshwa na nyina aramusaba ati: “Mpera ngaha ku mubehe umutwe wa Yohana Umubatizi.”

[9] Buno umwami arijirwa; ariko kubwa za ndahiro, no kubwo abasangira na we, abwiriza ko bawumuha;

[10] atuma mw'ibohero ngo bace izosi Yohana.

[11] Bazana umutwe ku kibehe, bawuha wa mwigeme, awushira nyina.

[12] Abigishwa biwe baraza, bajana ikiziga, baragihamba, maze baja kubikira Yesu.

[13] Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bwato, aja ahantu h' agahinga kwihererayo. Ishengero rivyumvise, riva mu bisagara, rimukurikira rijanye inkokoro

[14] Avuye mu bwato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye.

[15] Bugorovye, abigishwa baramwegera bati: “Mbega hano hantu ko ari mu gahinga, kandi bukaba buriko burira, sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo kurya.”

[16] Yesu arababwira ati: “Ntibarinda kugenda. Ni mube ari mwebwe mubagaburira.”

[17] Baramwishura bati: “Nta vyo dufise hano atari udutsima dutanu n'udufi tubiri.”

[18] Na we ati: “Ni mubinzanire hano.”

[19] Abwira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yakira ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, araba mw'ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero.

[20] Bararya bose, barahaga. Begeranya utumanyagu tw'imisigazwa twuzura ibiseke icumi na bibiri.

[21] Kandi abariye bari abagabo nk'ibihumbi bitanu, ukuyemwo abagore n'abana.

[22] Uwo mwanya agobera abigishwa ngo batambukire mu bwato babe barajabuka hakurya, nawe abanze gusezera ishengero.

[23] Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga yiherereye. Bwagorovye ariyo ari wenyene gusa.

[24] Ubwato bushitse hagati mu kiyaga, bari batamijwe n'imipfunda, kuko umuyaga wari ubaturutse imbere.

[25] Buri mu guca, aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga.

[26] Abigishwa bamubonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, basimbwa n'umutima bati: “Ni igihume; bahindishwa agashitsi n'ubwoba.”

[27] Uwo mwanya Yesu arababwira ati: “Humura, ni jewe, ni mureke gutinya.”

[28] Petero aramwishura ati: “Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze aho uri ku mazi.”

[29] Na we ati: “Ngo.” Petero yururuka mu bwato, agendesha amaguru ku mazi, ngo aje aho Yesu ari.

[30] Abonye igihuhuta, aratinya, atanguye kuroka aratakamba ati: “Ntabara Mugenzi.”

[31] Buno Yesu agorora ukuboko, aramucakira, aramubwira ati: “Yewe w'ukwizera guke, ni igiki cagukekeranishije?”

[32] Buriye mu bwato, umuyaga uraca.

[33] Abari mu bwato baramupfukamira bati: “Ni ukuri uri Umwana w'Imana.”

[34] Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntara y'i Genesareti.

[35] Abantu b'aho hantu baramumenya, batumatumanako muri ico gihugu cose, bamuzanira abarwaye bose,

[36] baramwinginga ngo bakore ku buyonga bw'impuzu yiwe gusa, ababukozeko bose barakira.

Matayo — Chapters