[1] Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi. Dawidi ni umwana wa Aburahamu.
[2] Aburahamu yavyaye Isaka. Isaka yavyaye Yakobo. Yakobo yavyaye Yuda n'abandi bavukana.
[3] Yuda yavyaye Peresi na Zera kuri Tamari. Peresi yavyaye Hesironi. Hesironi yavyaye Ramu.
[4] Ramu yavyaye Aminadabu. Aminadabu yavyaye Nahasoni. Nahasoni yavyaye Salumoni.
[5] Salumoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu. Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi. Obedi yavyaye Isayi.
[6] Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya.
[7] Salomo yavyaye Rehobowamu. Rehobowamu yavyaye Abiya. Abiya yavyaye Asa.
[8] Asa yavyaye Yehoshafati. Yehoshafati yavyaye Yoramu. Yoramu yavyaye Uziya.
[9] Uziya yavyaye Yotamu. Yotamu yavyaye Ahazi. Ahazi yavyaye Hezekiya.
[10] Hezekiya yavyaye Manase. Manase yavyaye Amoni. Amoni yavyaye Yosiya.
[11] Yosiya yavyaye Yekoniya n'abandi bavukana, mu gihe co kujanwa mu buja i Babuloni.
[12] Kuva mu gihe co kujanwa mu buja i Babuloni Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli.
[13] Zerubabeli yavyaye Abihudi. Abihudi yavyaye Eliyakimu. Eliyakimu yavyaye Azori.
[14] Azori yavyaye Sadoki. Sadoki yavyaye Akimu. Akimu yavyaye Elihudi.
[15] Elihudi yavyaye Eleyazari. Eleyazari yavyaye Matani. Matani yavyaye Yakobo.
[16] Yakobo yavyaye Yosefu, umugabo wa Mariya nyina wa Yesu yitwa Kristo.
[17] Nuko ba sekuruza bose guhera kuri Aburahamu gushitsa kuri Dawidi n'icumi na bane, kandi guhera kuri Dawidi gushitsa ku gihe co kujanwa mu buja i Babuloni ni icumi na bane, kandi guhera ku gihe co kujanwa mu buja i Babuloni gushitsa kuri Kristo ni icumi na bane nyene.
[18] Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gutya: Mariya, nyina wiwe yari, akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera.
[19] Ariko umugabo wiwe Yosefu, kuko ari umugororotsi, kandi kuko atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho.
[20] Akivyiyumvira, umumarayika w' Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira ati: “Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kuko atwaye inda ya Mpwemu Yera.
[21] Azovyara umwana w'umuhungu, nawe uzomwite YESU, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”
[22] Ivyo vyose vyabaye bityo ngo ivyo Umwami Imana yavugiye mu kanwa k'uwavugishwa na we biboneke,
[23] ngo raba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w'umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngo Imana iri kumwe natwe.
[24] Yosefu yikanguye aravyuka, agira nk'uko umumarayika w'Umwami Imana yamubariye, arongora umugeni wiwe.
[25] Kandi ntiyigera amwegera gushitsa aho yavyariye umwana w'umuhungu; araheza amwita YESU.