[1] Abafarisayo n'Abasadukayo baraza, barondera bamugeza ko abereka ikimenyetso kiva mw'ijuru.
[2] Na we arabishura ati: “Iyo bugorovye, muvuga ko buca haba umuco, kuko ijuru rikeye.”
[3] Mu mutwenzi, muvuga muti: “Hagira hafurungane, kuko ijuru ritukura, kandi ryiraburaniwe.” Murazi kugenzura ijuru uko risa, ariko ibimenyetso vy'ibihe ntimuzi kubigenzura.
[4] Abo igihe kibi c'ubuhumbu barondera ikimenyetso, kandi nta kimenyetso bazohabwa, atari ikimenyetso ca Yona. Abasigaho, arigira.
[5] Abigishwa bafata hakurya, bari bibagiye gutekera imitsima.
[6] Yesu arababwira ati: “Mugabe, mwirinde umwambiro w'Abafarisayo n'Abasadukayo.”
[7] Biburanya bati: “Ntitwatekeye imitsima.”
[8] Yesu arabimenya, arababaza ati: “Yemwe abo ukwizera guke, ni igiki gitumye mwiburanya ngo nta mitsima mufise?
[9] Ntimuraruha mubimenya, ntimwibutse ya mitsima itanu ku bihumbi bitanu, n'ibiseke mwegeranije uko vyangana?
[10] Canke ya mitsima indwi ku bihumbi bine, n'ibiseke mwegeranije uko vyangana?
[11] Ni igiki kibabujije gutahura ko ntababwiye imitsima? Ariko mwirinde umwambiro w'Abafarisayo n'Abasadukayo.”
[12] Buno batahura ko atababwiye kwirinda umwambiro w'umutsima butsima, ariko ko ari inyigisho z'Abafarisayo n'Abasadukayo.
[13] Yesu aja mu misozi ihera i Kayisariya mu bwa Filipo, abaza abigishwa biwe ati: “Abantu bagira ngo Umwana w'umuntu ndi nde?”
[14] Na bo bati: “Bamwe bagira ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya,” “abandi ngo uri Yeremiya canke umwe mu bavugishwa n'Imana.”
[15] Arababaza ati: “Ariko mweho, mugira ngo ndi nde?”
[16] Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w'Imana nzima.”
[17] Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni umwana wa Yona, kuko ata w'inyama n'amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw'ijuru.”
[18] Nanje ndakubwira yuko uri Petero, kandi kuri urwo rutare nzorwubakako ishengero ryanje, kandi amarembo y'i kuzimu ntazorishobora.
[19] Nzoguha impfunguzo z'ubwami bwo mw'ijuru; kandi ico uzoboha mw'isi kizoba kiboshwe mw'ijuru; n'ico uzobohora mw'isi kizoba kibohowe mw'ijuru.
[20] Maze yihanikiriza abigishwa ngo ntihagire umuntu babwira ko ari we Kristo.
[21] Kuva ubwo, Yesu atangura guserurira abigishwa biwe ko akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bwinshi, ababazwa n'abashingantahe, abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.
[22] Petero aramwihererana, atangura kumwamira ati: “Ntibikabe, Mwami wanje, ntibizokubeko namba.”
[23] Ahindukirira Petero ati: “Herera inyuma yanje, Satani; uri ikintsitaza, kuko ivyo Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivyo abantu.”
[24] Buno Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.”
[25] Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe kubwanje azoburonka.
[26] Kandi umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw'isi vyose abitangiye ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki ngo acungure ubugingo bwiwe?
[27] Kuko Umwana w'umuntu azohava aza afise ubwiza bwa Se, azananye n'abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze.
[28] Ndababwire ukuri; muri aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w'umuntu aje mu bwami bwiwe.