[1] Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c'Ubuyuda ku butware bw'umwami Herode, haza abanyabwenge bavuye mu buseruko, baja i Yerusalemu,
[2] barabaza bati: “Umwami w'Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twabonye inyenyeri yiwe?” “ri mu buseruko, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.”
[3] Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n'abo i Yerusalemu bose.
[4] Akoranya abakuru b'abaherezi n'abahinga b'ivyanditswe bose bo muri ubwo bwoko, arababaza ati: “Kristo azovukira hehe?”
[5] Bati: “Ni i Betelehemu mu gihugu c'i Yudaya, ni ko vyanditswe n'umuntu yavugishwa n'Imana,
[6] Kandi wewe Betelehemu mu ntara y'Ubuyuda, Nturi mutoya mu baganwa b'Ubuyuda, Kuko kuri wewe hazova uwuganza, Ni we azoragira abantu banje b'Abisirayeli.”
[7] Buno Herode ahamagaza ba bahinga mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye.
[8] Abatuma i Betelehemu ati: “Nimugende, mubaze mushirutse umwete ivyo uwo mwana. Ni mwamubona muce muza kumbarira, ngo nanje ngende kumushengerera.”
[9] Na bo bumvise iryo umwami, baragenda. Maze iyo nyenyeri babonye mu buseruko irabarongora, ibashikana hejuru y'aho uwo mwana ari, ihagararaho.
[10] Babonye iyo nyenyeri banezerwa akaneza kenshi cane.
[11] Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumura ibiseke vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu, imibavu n'isenga.
[12] Babwiriwe n'Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bisubirira mu gihugu c'i wabo.
[13] Bamaze kugenda, umumarayika w'Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubwira ati: “Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire mu Misiri, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngo amwice.”
[14] Ahenga mw'ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja mu Misiri,
[15] aguma yo gushitsa Herode amaze gupfa, ngo ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri.
[16] Maze Herode abonye ko yahenzwe n'abo banyabwenge, ararakara cane. Atuma kugeseza abana b'abahungu bose b'i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n'abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabwenge.
[17] Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n'Imana vyashikiye,
[18] ngo induru yumvikana i Rama, Amarira n'amaborogo menshi; Rakeli aririra abana biwe, Yanka kwirurwa, kuko batakiriho.
[19] Herode amaze gupfa, umumarayika w'Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi ari mu Misiri,
[20] aramubwira ati: “Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c'i Bwisirayeli, kuko abarondera kwica umwana bapfuye.”
[21] Avyutse, ajana umwana na nyina, aragenda, ashika mu gihugu c'i Bwisirayeli.
[22] Ariko yumvise yuko Arukelayo yimitswe i Yudaya, asubiye ku butware bwa se Herode, atinya kujayo. Abwiriwe mu nzozi, aja mu bihugu vy'i Galilaya.
[23] Ashitseyo, agerera mu gisagara citwa Nazareti, ngo ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana bishike, ngo azokwitwa Umunyanazareti.