Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:45

[1] Abonye iryo shengero, aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera.

[2] Aherako aravuga, arabigisha

[3] ati: “Harahiriwe aboro mu mitima yabo, kuko ubwami bwo mw'ijuru ari ubwabo.”

[4] Harahiriwe abatuntuye, kuko ari bo bazokwirurwa.

[5] Harahiriwe abatekereza, kuko ari bo bazoragwa isi.

[6] Harahiriwe abafise inzara n'inyota vyo kugororoka, kuko ari bo bazohazwa.

[7] Harahiriwe abagira imbabazi, kuko ari bo bazozigirirwa.

[8] Harahiriwe abafise imitima itanduye, kuko ari bo bazobona Imana.

[9] Harahiriwe ababanguranya, kuko ari bo bazokwitwa abana b'Imana.

[10] Harahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka, kuko ubwami bwo mw'ijuru ari bwabo.

[11] Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampoye.

[12] Munezerwe, muhimbarwe, kuko impera zanyu ari nyinshi mw'ijuru; kuko ari ko bahama abavugishwa n'Imana ba mbere.

[13] Muri umunyu w'isi. Ariko umunyu, iyo ushize uburyohe, uba ukiryoshwa ni igiki? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze ugahonyangwa n'abantu.

[14] Muri umuco w'isi. Igisagara cubatswe mw'itaba ry'umusozi ntigishobora guhishwa.

[15] Nta bodomeka itara ngo baryubikeko igiseke, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose.

[16] Abe ari ko umuco wanyu ubonesha imbere y'abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bashemagize So wo mw'ijuru.

[17] Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe canke amajambo y' abavugishwa n'Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa.

[18] Ndababwire ukuri, ijuru n'isi bikiriho nta n'akadome na kamwe canke n'akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa.

[19] Nuko uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y'ayandi, akigisha abantu ngo bagire batyo, mu bwami bwo mw'ijuru azokwitwa muto hanyuma y'abandi. Ariko uwuyitondera, akayigisha, uwo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw'ijuru.

[20] Ariko ndababwira yuko ukugororoka kwanyu ni kutaruta uko abahinga b'ivyanditswe n'uko Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bwami bwo mw'ijuru.

[21] Mwarumvise ko aba kera babwiwe, ngo Ntukice; uwica aba ashikiwe no gutsindwa n'urubanza.

[22] Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese azoshavurira umuvukanyi wiwe azoba ashikiwe no gushirwa imbere y'intahe; uwuzotuka umuvukanyi wiwe, ngo wa kijuju we! azoba ashikiwe no gutsindwa n'urubanza; uwuzomutuka ati: “Wa gipfu we!” azoba ashikiwe no gutabwa mu muriro wa Gehinomu.

[23] Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahibukira ko hari ico upfa na mugenzawe,

[24] usige ishikanwa ryawe imbere y'igicaniro, ubanze ugende utunganye na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe.

[25] Wuzure vuba n'uwukurega mukiri mu nzira; uwukurega ntagushikirize umucamanza, umucamanza akaguha umusoda, ugashirwa mw'ibohero.

[26] Ndakubwira ukuri yuko utazohava na gatoya utishuye n'imeya ry'imperera.

[27] Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo Ntugasambane.

[28] Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese araba umugore w'uwundi akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.

[29] Ijisho ryawe ry'i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure; vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hako umubiri wawe wose wotabwa muri Gehinomu.

[30] N'ukuboko kwawe kw'i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure; vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hako umubiri wawe wose woja muri Gehinomu.

[31] Kandi vyaravuzwe, ngo umuntu wese yirukana umugore wiwe ni amuhe ikete ryo kuvavanura.

[32] Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amusambanishije, kandi uwuzorongora uwahukanye azoba asambanye.

[33] Mwarumvise kandi ko aba kera babwiwe, ngo Ntukarahire ngo wirahuruze, ariko uzokorere Uhoraho ivyo wamusezeraniye;

[34] ariko jeho ndababwire; Ntukarahire na mba; nturahire ijuru, kuko ari intebe y'Imana;

[35] canke isi, kuko ari yo ndava y'ibirenge vyayo; canke i Yerusalemu, kuko ari umurwa w'Umwami ahambaye.

[36] Nturahire umutwe wawe, kuko udashobora guhindura agashatsi na kamwe ngo kere canke ngo kirabure.

[37] Ariko ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.

[38] Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo ijisho rihorwe irindi, n'iryinyo rihorwe irindi;

[39] ariko jeho ndababwire: Ntimurwanye umunyakibi. Uwugukubise urushi mu musaya w'i buryo umuhindukirize n'uwundi;

[40] umuntu ni yagomba kukuburanya ngo akunyage ikanzu, umuhebere n'umutamana;

[41] uwugufata ngo umurenze umusozi umwe, umurenze n'uwa kabiri.

[42] Uwugusaba, umuhe, uwugomba ko umugurana, ntumutere ibitugu.

[43] Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo mukunde umubanyi wanyu, mwanke umwansi wanyu.

[44] Ariko jeho ndababwire; Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,

[45] kugira ngo mube abana ba So wo mw'ijuru, kuko atuma izuba ryiwe rirasira ababi n'abeza, kandi aha imvura abagororotsi n'abagabitanya.

[46] Ni mwakunda ababakunda, muri n'impera ki? Mbega abatozakori bo si ko bagira?

[47] Ni mwaramukanya n'incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira?

[48] Mwebwe ni mube intungane, nk'uko So wo mw'ijuru ari intungane.

Matayo — Chapters