Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:14

[1] Buno Yesu aduganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngo ageragezwe n'Umwansi Satani.

[2] Amaze imisi mirongo ine n'amajoro mirongo ine yisonzesheje, abona gusonza.

[3] Umugeragezi aza kuri we ati: “Ni waba uri Umwana w' Imana, bwira aya mabuye acike imitsima.”

[4] Aramwishura ati: “Vyanditswe ngo umuntu ntatungwa n'umutsima gusa, ariko atungwa n'ijambo ryose riva mu kanwa k'Imana.”

[5] Buno Umwansi Satani amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k'urusengero,

[6] aramubwira ati: “Ni waba uri Umwana w'Imana, ikororere hasi, kuko vyanditswe, ngo azokuragiza abamarayika biwe, Na bo bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw'ibuye.”

[7] Yesu aramubwira ati: “Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.”

[8] Umwansi Satani yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubwami bwose bwo mw'isi n'ubwiza bwabwo

[9] ati: “Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga.”

[10] Buno Yesu aramubwira ati: “Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ngo Uhoraho, Imana yawe, ube ari yo usenga, kandi ube ari yo usaba yonyene.”

[11] Maze Umwansi Satani aramureka, kandi abamarayika baraza, baramukorera.

[12] Yumvise ko Yohana yashizwe mw'ibohero, aja i Galilaya.

[13] Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y'ikiyaga mu rubibe rwa Zebuloni na Nafutali,

[14] ngo ivyanditswe na Yesaya yavugishwa n'Imana bishike,

[15] ngo igihugu ca Zebuloni n'igihugu ca Nafutali, Aherekeye ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, I Galilaya mu gihugu c'abanyamahanga,

[16] Abantu bari bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kandi abari bicaye mu gihugu c'urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.

[17] Guhera ubwo, Yesu atangura kwigisha ati: “Mwihane, kuko ubwami bwo mw'ijuru buri hafi.”

[18] Aciye i ruhande y'ikiyaga c'i Galilaya, abona abavukana babiri b'abarovyi, Simoni yitwa Petero na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga mu kiyaga.

[19] Arababwira ati: “Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.”

[20] Baca bareka insenga, baramukurikira.

[21] Yigiye imbere yaho, abona abandi bavukana babiri, Yakobo umwana wa Zebedayo na mwene nyina Yohana, bari kumwe na se Zebedayo mu bwato, bariko barasanura insenga zabo, arabahamagara.

[22] Baca bareka ubwato na se, baramukurikira.

[23] Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu nsengero z'Abayuda, ababwira ubutumwa bwiza bw'ubwami, akiza abantu indwara n'ubumuga vy'uburyo bwose.

[24] Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bafashwe n'indwara zitandukanye n'ibibasesereje, n'abinjiwemwo n'abadayimoni, n'abarwaye intandara, n'ibimuga; arabakiza.

[25] Kandi ishengero ryinshi riramukurikira bavuye i Galilaya, i Dekapoli, i Yerusalemu n'i Yudaya no hakurya ya Yorodani.

Matayo — Chapters