Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:43

[1] Maze Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe baza kuri Yesu bavuye i Yerusalemu, baramubaza

[2] bati: “Ni kuki abigishwa bawe barenga imigenzo twabwirijwe n'aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?”

[3] Na we arababaza ati: “None mweho, ni igiki catumye murenga icagezwe c' Imana ku bwo imigenzo yanyu?”

[4] Kuko Imana yavuze iti: “Wubahe so na nyoko;” kandi iti: “Uwututse se canke nyina ntazobure kwicwa.”

[5] Ariko mweho, mugira muti: “Umuntu wese abwira se canke nyina ko ico yari kumufashisha ari co azoshikanira Imana,

[6] ntiyubahe se canke nyina.” None mwatituye ijambo ry'Imana ku bwo imigenzo yanyu.

[7] Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n'Imana kuri mwebwe

[8] ati: “Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Ariko imitima yabo iri kure yanje.”

[9] Bansengera ubusa, Kuko inyigisho bigisha ari ivyagezwe n'abantu.

[10] Ahamagara ishengero araribwira ati: “Ni mwumve, mubitahure.

[11] Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; ariko ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.”

[12] Buno abigishwa baramwegera, baramubarira bati: “Urazi yuko Abafarisayo bumvise iryo jambo bakavunika umutima?”

[13] Arabishura ati: “Icatewe cose kidatewe na Data wo mw'ijuru atateye, kizorandurwa.”

[14] Ni mubareke! Ni impumyi zijana izindi. Ariko impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.

[15] Petero Aramwishura ati: “Dusobanurire uwo mugani.”

[16] Na we aramubaza ati: “Mbega namwe muracari imburabwenge?

[17] Ntimutahura yuko ikintu cose kigiye mu kanwa kija mu nda kigaca mu nzira yaryo?

[18] Ariko ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya.

[19] Kuko mu mutima havamwo ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubwivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.

[20] Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya.”

[21] Yesu arahava, aja hafi muri Tiro n'i Sidoni.

[22] Umunyakananikazi ava mu ntara yaho aratakamba ati: “Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi, umukobwa wanje afashwe nabi na dayimoni.”

[23] Na we ntiyamwishura ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baza kuri we, baramwinginga bati: “Murungike, kuko agenda aratuvugiriza induru inyuma.”

[24] Arabishura ati: “Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z'inzu ya Isirayeli.”

[25] Uwo Munyakananikazi amushikiriye aramupfukamira ati: “Ntabara se Mugenzi.”

[26] Yesu aramwishura ati: “Si vyiza gufata umutsima w' abana ukawuterera utubwa.”

[27] Na we ati: “Nka ko, Mugenzi, kuko utubwa na two twirira utuvunguka dukorokera musi y'imeza ya ba nyene two.”

[28] Buno Yesu aramwishura ati: “Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje; bikubere nk'uko ugomba.” Umukobwa wiwe aca akira uwo mwanya.

[29] Yesu arahava, aja ku kiyaga c'i Galilaya, aduga umusozi, yicaraho.

[30] Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira, ibimuga, impumyi, ibiragi, n'abandi benshi, babashira imbere y'ibirenge vyiwe, arabakiza.

[31] Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga, ibimuga bikomera, abacumbagira bagenda neza n'impumyi zibona; bahimbaza Imana y'Abisirayeli.

[32] Yesu ahamagara abigishwa biwe ati: “Ishengero rinteye akagongwe, kuko uwu ari umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwire isari mu nzira.”

[33] Abigishwa baramubaza bati: “Twokura hehe muri ubu bugaragwa imitsima ingana ityo yo guhaza iri shengero ringaho?”

[34] Yesu arababaza ati: “Mufise imitsima ingahe?” Na bo bati: “Ni indwi, n'udufi dukeya.”

[35] Abarira ishengero ngo ryicare hasi.

[36] Yakira ya mitsima indwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.

[37] Bararya bose, barahaga; begeranya imisigazwa y'utumanyagu, yuzura ibiseke indwi.

[38] Abariye bari abagabo ibihumbi bine, abagore n'abana bataharuwemwo.

[39] Asezera ishengero, atambukira mu bwato, aja mu gihugu c'i Magadani.

Matayo — Chapters