[1] Yesu yongera kuvuganira na bo mu migani
[2] ati: “Ubwami bwo mw'ijuru busa n'umwami atahisha ubukwe bw'umwana wiwe arongora.
[3] Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abatorewe gutaha ubukwe, banka kuza.”
[4] Yongera gutuma abandi bagendanyi ati: “Mubwire abatowe muti: 'Raba amazimano yiwe yayateguye, ishuri n'ingumba vyiwe vyabazwe, kandi vyose biratunganye; ni muze mutahe ubukwe.”
[5] Ariko barirengagiza barigira, umwe aja mw'itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe.
[6] Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica.
[7] Uwo mwami araraka, ashuhura ingabo ziwe, ahonya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.
[8] Maze abwira abagendanyi biwe ati: “Ubukwe burateguwe, ariko ababutorewe ntibari babukwiye.
[9] Nuko ni mugende mu mayirabiri, abo muribuboneyo bose mubahamagare, baze babutahe.”
[10] Abo bagendanyi baragenda baja mu nzira bakoranya abo babonye bose, ababi n'abeza; mu bukwe huzura abatowe.
[11] Umwami yinjiye kuraba abatowe abonamwo umuntu atambaye impuzu y'ubukwe;
[12] aramubaza ati: “Mugenzi wanje, winjiye ute hano utambaye impuzu y'ubukwe?” Uno nawe arajorerwa.
[13] Maze umwami abwira abakozi biwe ati: “Ni mumubohe amaboko n'amaguru, mumuterere hanze mu mwiza;” ni ho hazoba amarira n'ukuryanya insya z'amenyo.
[14] Kuko abatowe ari benshi, ariko abatoranijwe bakaba bake.
[15] Buno Abafarisayo baragenda baja inama, ngo baronke ingene bomutegera mu majambo yovuga.
[16] Bamutumako abigishwa babo hamwe n'abantu ba Herode bati: “Mwigisha, turazi yuko uri umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y'Imana vy'ukuri, kandi ko udatinya umuntu n'umwe ku kigohe; kuko udatinya ijunja ry'abantu.
[17] None utubwire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?”
[18] Ariko Yesu amenya ububi bwabo, arababaza ati: “Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe?
[19] Ni munyereke ifaranga ritangwako ikori.” Bamuzanira idenariyo.
[20] Arababaza ati: “Iki gishushanyo n'ibi vyanditsweko ni ivya nde?”
[21] Bati: “Ni ivya Kayisari.” Buno arababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivyo Imana mubihe Imana.”
[22] Bavyumvise baratangara, bamusigaho barigira.
[23] Nya musi Abasadukayo bahakana yuko ata kuzuka kuriho baza kuri we, baramubaza
[24] bati: “Mwigisha, Mose yavuze ngo umuntu ni yapfa adasize abana, mwene nyina acure umugore wiwe, ngo ahonore mwene nyina.”
[25] I wacu hari abavukana indwi. Uwa mbere yararongoye, arapfa, maze kuko adasize umwana, umugore wiwe amuraga mwene nyina.
[26] Nuko n'uwa kabiri, n'uwa gatatu biba bityo gushitsa ku w'indwi.
[27] Hanyuma ya bose nya mugore arapfa.
[28] None mw'izuka azoba muka nde muri abo uko ari indwi? Ko bari bamufise bose!
[29] Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye, ko mutamenye ivyanditswe n'ubushobozi bw'Imana.”
[30] Mw'izuka ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa; bazoba nk'abamarayika bo mw'ijuru.
[31] Ariko ivyo kuzuka kw'abapfuye nta ho murasoma ico Imana yababwiye
[32] ko ari Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana si iyo abapfuye, ni iyo abariho.”
[33] Ishengero rivyumvise, ritangazwa n'inyigisho ziwe.
[34] Abafarisayo bumvise ko Yesu yatangaje Abasadukayo, bakoranira hamwe.
[35] Umwe muri bo w'umwigisha w'ivyagezwe aramubaza amugeza
[36] ati: “Mwigisha, ibwirizwa risumba ayandi mu vyagezwe ni irihe?”
[37] Aramwishura ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n'ubugingo bwanyu bwose n'ubwenge bwanyu bwose.
[38] Iryo ni ryo rihambaye rya mbere.
[39] Hari irindi rya kabiri rimeze nka ryo, ni iri: Mukunde abavukanyi banyu nk'uko mwikunda.
[40] Kuri ayo mabwirizwa yompi ivyagezwe vyose n'amajambo y'abavugishwa n' Imana ni yo bifatiyeko.”
[41] Abafarisayo bagikoraniye hamwe, Yesu arababaza
[42] ati: “Ivya Kristo muvyiyumvira mute?” Ni mwene nde? Baramwishura bati: “Ni umwana wa Dawidi.”
[43] Na we arababaza ati: “None Dawidi mu vya Mpwemu yamwitiye iki Umwami?”
[44] ati: “Uhoraho yabariye Umwami wanje Ati: 'Icara i buryo bwanje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y'ibirenge vyawe.'”
[45] None Dawidi ko yamwise Umwami, yoshobora ate kuba umwana wiwe?
[46] Ntihagira uwushobora kumwishura ijambo na rimwe, kandi uhereye kuri uwo musi nta muntu yubahutse gusubira kumubaza ikindi.