Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:22

[1] Ubwami bwo mw'ijuru busa na nyene urugo azindutse kurondera abamukorera mu ruzabibu rwiwe.

[2] Yemeranya n'abakozi ku musi ko azobaha idenariyo, abarungika mu ruzabibu rwiwe.

[3] Nko kw'isaha zitatu aragenda, abona abandi bihagarariye mu kaguriro ata co bakora.

[4] Na bo arababwira ati: “Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye.” Baragenda.

[5] Yongera kugenda kw'isaha zitandatu no ku y'icenda, agira kuno.

[6] Kandi nko kw'isaha icumi n'imwe aragenda, abona abandi bihagarariye; arababwira ati: “Mbega ko mwahagaze hano umusi wose ata co mukora?”

[7] Baramwishura bati: “Ni uko ata waturaritse.” Arababwira ati: “Namwe ni mungire mu ruzabibu.”

[8] Bugorovye, nyene umurima w'inzabibu abwira umukoresha wiwe ati: “Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere.”

[9] Abaje kw'isaha icumi n'imwe bahabwa idenariyo imwimwe

[10] Abatanguye kare baje, bagira ngo bagererwa ibirenze; ariko bahabwa idenariyo imwimwe na bo.

[11] Bayahawe bidodombera nyene umurima w'inzabibu

[12] bati: “Abaherutse kuza, bagakora isaha imwe gusa, none ko ubaringanije natwe twacumukuye umurango wose no mu ndugumba!”

[13] Na we yishura umwe muri bo ati: “Mugenzi wanje, sinkugiriye nabi; ntitwemeranije idenariyo imwe?

[14] Fata iyawe, ugende. Uwo wo hanyuma nagomvye kumugerera nkawe.

[15] Hari ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Canke ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza.

[16] Uko ni ko abo inyuma bazoba abo imbere, kandi abo imbere ba zoba abo inyuma.”

[17] Yesu agira aduge i Yerusalemu, yihererana na ba bigishwa icumi na babiri, maze bari mu nzira arababwira

[18] ati: “Ehe turaduze Yerusalemu, kandi Umwana w'umuntu azoshirwa mu maboko y' abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa,

[19] kandi bazomuha abanyamahanga ngo ashinyagurirwe, akubitwe, abambwe kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.”

[20] Buno nyina w'abana ba Zebedayo aza kuri we, ari kumwe n'abahungu biwe, aramupfukamira, amusaba ijambo.

[21] Aramubaza ati: “Uragomba iki?” Na we ati: “Bivuge ko aba bahungu banje babiri ngo bazokwicare umwe i buryo bwawe uwundi i bubamfu mu bwami bwawe.”

[22] Yesu arishura ati: “Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nywereko?” Na bo bati: “Turashobora.”

[23] Arababwira ati: “Igikombe canje koko muzokinywerako, ariko gutanga ivyicaro i buryo bwanje i bubamfu, si ivyanje, atari abo Data yabiteguriye.”

[24] Bamwe icumi bavyumvise, bidodombera ivyo abo babiri bavukana.

[25] Yesu arabahamagara, arababwira ati: “Murazi yuko abaganwa b'amahanga bayatwaza amanyama, kandi n'abakuru bayo bayagirako ububasha.

[26] Muri mwebwe si ko biri. Ariko uwugomba kuba mukuru muri mwebwe azobe umukozi wanyu;

[27] kandi uwugomba kuba uwo imbere azobe umushumba wanyu,

[28] nk'uko Umwana w'umuntu atazanywe no gukorerwa, atari ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bwiwe ko incungu ya benshi.

[29] Bakiva i Yeriko, ishengero ryinshi riramukurikira.

[30] Impumyi zibiri zari zicaye i ruhande y'inzira, zumvise yuko Yesu ahaciye ziratakamba ziti: “Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi.”

[31] Ishengero rirazizibiranya ngo zihore. Zirushiriza gutakamba ziti: “Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi.”

[32] Yesu arahagarara, arazihamagara, arazibaza ati: “Mugomba ko ndabakorera iki?”

[33] Ziti: “Tugomba ko amaso yacu ahumuka Mwami.”

[34] Yesu azigirira akagongwe, akora ku maso yazo, zica zirahumuka, baramukurikira

Matayo — Chapters