Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 9:02

[1] Yesu arangije ayo majambo yose, abwira abigishwa biwe

[2] ati: “Murazi yuko imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kandi Umwana w'umuntu azotangwa abambwe.”

[3] Maze abaherezi bakuru n'abakuru b'ubwo bwoko bakoranira mu rugo rw'umuherezi mukuru yitwa Kayafa,

[4] baja inama yo guhenda Yesu ngo bamufate, bamwice.

[5] Ariko bati: “Ntitumufate mu misi mikuru, ntihavyuke umugumuko mu bantu.”

[6] Yesu ari i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe,

[7] umugore aza kuri we afise ikebano ry' amavuta atamirana y'igiciro kinini cane, ayamusuka ku mutwe, ariko ararya.

[8] Ariko abigishwa babibonye, baritonganya bati: “Mbega ubu buhombe ni ubwo iki?

[9] Aya yoshoboye kugurwa vyinshi bigahabwa aboro.”

[10] Yesu avyumvise arababwira ati: “Mubabariza iki uwu mugore? Ankoreye igikorwa ciza.

[11] Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.

[12] Igitumye ansukako ayo mavuta ku mubiri ni ukuntegurira guhambwa.

[13] Ndababwire ukuri, aho ubu butumwa bwiza buzovugwa hose mw'isi yose, n'ico uwu akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe.”

[14] Maze umwe muri bamwe icumi na babiri, yitwa Yuda Isikaryota, aja ku baherezi bakuru,

[15] arababaza ati: “Mwompera iki, nkazomubaronkera?” Bamugerera intete z'ifeza mirongo itatu.

[16] Aherako arondera uburyo bwo kumubaronkera.

[17] Ku musi wo gutangurirako kurya imitsima itambiwe abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza bati: “Ugomba ko tugutegurira hehe aho uriburire ivya Pasika?”

[18] Arabishura ati: “Ni muje mu gisagara kwa ntuze, mumubarire ko umwigisha avuze ngo igihe ciwe kiregereje, 'agira asangirire ivya Pasika n'abigishwa biwe i wawe.”

[19] Abigishwa bagira nk'uko Yesu yababariye, bategura ivya Pasika.

[20] Bugorovye, yicarana n'abigishwa biwe icumi na babiri ngo basangire.

[21] Bariko bararya, arababwira ati: “Ndababwira ukuri yuko umwe muri mwebwe agira angurishe.”

[22] Barababara cane, batangura kumubaza umwumwe bati: “Ni jewe ga Mugenzi?”

[23] Arabishura ati: “Uwo duhuje amaboko mu gukoza mu mubehe, ni we angurisha.”

[24] Umwana w'umuntu agira agende, nk'uko vyanditswe kuri we; ariko uwo muntu agurisha Umwana w'umuntu azobona ibara; uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atavutse.

[25] Yuda amugurisha aramubaza ati: “Ni jewe ga Mwigisha?” Na we ati: “Ni wewe uvyivugiye.”

[26] Bariko bararya, Yesu yakira umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa ati: “Ni mwakire, murye, uwu ni umubiri wanje.”

[27] Yakira igikombe, agishimira Imana, arakibaha ati: “Ni mukinywereko mwese,

[28] kuko iki ari amaraso yanje y'isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.

[29] Ariko ndababwira yuko uhereye none ntazokwongera kunywa kuri izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bwami bwa Data.”

[30] Bahejeje kuririmba, barasohoka baja ku musozi wa Elayono.

[31] Maze Yesu arababwira ati: “Mwebwe mwese muri iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z'umukuku zisanzare.”

[32] Ariko ni namara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya.

[33] Maze Petero aramwishura ati: “Ivyawe naho vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.”

[34] Yesu aramubwira ati: “Ndakubwira ukuri yuko muri iri joro inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.”

[35] Petero aramubwira ati: “Naho noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana.” N'abigishwa bose bavuga batyo.

[36] Maze Yesu ashikana na bo ahantu hitwa i Getsemane, abwira abigishwa biwe ati: “Ba muricaye hano, mbanze nje harya gusenga.”

[37] Ajana Petero n'abana ba Zebedayo bompi, atangura kubabara no guhagarika umutima cane.

[38] Arababwira ati: “Umutima wanje uri n'akabonge kagomba kunyica, ba muragumye aha, mubane maso nanje.”

[39] Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga ati: “Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindengane; ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”

[40] Agaruka ku bigishwa, asanga basinziriye, abaza Petero ati: “Ubwo ntimurushe mubana maso nanje n'isaha n'imwe?

[41] Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, ariko umubiri ufise intege nke.”

[42] Yongera kugenda ubwa kabiri, arasenga ati: “Data, asangwa bidashoboka yuko iki kindengana, kiretse ndakinywereyeko, ni bibe nk'uko ugomba.”

[43] Yongera kugaruka asanga basinziriye, kuko amaso yabo yari aremerewe.

[44] Yongera kubasigaho, aragenda, asenga ubwa gatatu, avuga amajambo nk'amwe ya mbere.

[45] Maze agaruka ku bigishwa, arababarira ati: “Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Ehe igihe kirashitse, Umwana w'umuntu ashizwe mu maboko y'abanyavyaha.

[46] Ni muvyuke, tugende, ehe uwungurishije ari hafi.”

[47] Akivuga, Yuda, umwe muri bamwe icumi na babiri, araza, azananye n'igitero cinshi, kizanye inkota n'amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n'abashingantahe b'ubwo bwoko.

[48] Ariko uwumugura yari yabahaye ikimenyetso ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we; mumufate.”

[49] Ako kanya Yuda ashikira Yesu, aramubwira ati: “Ni amahoro ga Mwigisha?” Maze aramusomagura.

[50] Yesu aramubarira ati: “Mugenzi wanje, ikikuzanye ni ugikore.” Buno baraza, bashorera amaboko kuri Yesu, baramufata.

[51] Maze umwe mu bari kumwe na Yesu atuma ukuboko, asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi.

[52] Buno Yesu aramubarira ati: “Subiza inkota yawe ahayo; kuko ababanguye inkota bose bazokwicwa n'inkota.”

[53] Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika barega legiyono icumi na zibiri?

[54] None ivyanditswe vyoshika bite ko ari ko bikwiye kuba?

[55] Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero ati: “Mbega muje kumfata nk'umwambuzi, muzanye inkota n'amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?”

[56] Ariko ivyo vyose bibaye, kugira ngo ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana bishike. Buno abigishwa bose baramuta, barahunga.

[57] Abafashe Yesu bamujanye kwa Kayafa, umuherezi mukuru, ni ho abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe bari bakoraniye.

[58] Ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka, gushitsa ku rugo rw'umuherezi mukuru, ashika imbere, yicarana n'abagendanyi ngo arabe amaherezo.

[59] Abaherezi bakuru n'abashingantahe b'amasentare bose baronderera Yesu ibirego vy'ibinyoma, ngo babone ingene bomwica.

[60] Ariko barabibura, naho haje abigize ivyabona benshi. Ubuheruka haza babiri

[61] bati: “Uwo yagize ngo yoshobora gusambura urusengero rw'Imana, akarwubaka mu misi itatu.”

[62] Umuherezi mukuru arahaguruka, aramubaza ati: “Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?”

[63] Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubwira ati: “Ndakurahiye Imana nzima, tubarire ko ari wewe Kristo, Umwana w'Imana.”

[64] Yesu aramwishura ati: “Uravyivugiye; yamara ndababwira yuko uhereye ubu muzobona Umwana w'umuntu yicaye i buryo bw'Ububasha, aje mu bicu vyo kw'ijuru.”

[65] Buno umuherezi mukuru yitabagurirako impuzu ziwe ati: “Ararogose; turacaronderera iki ivyabona? Ehe muriyumviye ingene arogose;

[66] mubivuga kw'iki?” Na bo baramwishura ko akwiye gupfa.

[67] Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubingura

[68] bati: “Yewe Kristo, dupfindure, ni nde agukubise?”

[69] Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza aho ari iti: “Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya.”

[70] Na we abihakanira mu maso ya bose ati: “Ico uvuze sindanakizi.”

[71] Yungururije mu bikingi vy'irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibarira abari aho iti: “N'uwu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti.”

[72] Yongera kubihakana arahira ati: “Uwo muntu sindanamuzi.”

[73] Hahise akanya, abahagazeho baramwegera, babwira Petero bati: “Ni ivyo ukuri nawe uri uwo muri bo; bitayeko n'imvugo yawe iraguhinyuza.”

[74] Buno atangura kurahira arisiba ati: “Uwo muntu sindanamuzi.” Uwo mwanya inkoko irabika;

[75] Petero yibuka ijambo Yesu yamubwiye ati: “Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu.” Arenga irembo, araturika ararira.

Matayo — Chapters