Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:10

[1] Aja mu bwato, arajabuka, ashika mu gisagara c'i wabo.

[2] Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”

[3] Bamwe mu bahinga b'ivyanditswe baribwira bati: “Uwo aratyojeje.”

[4] Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?”

[5] None icoroshe ni ikihe, ni ukuvuga nti: “Uhariwe ivyaha vyawe; canke ni ukuvuga nti: 'Vyuka, ugende?'”

[6] Ariko kugira ngo mumenye ko Umwana w'umuntu afise ububasha mw'isi bwo guharira ivyaha buno abwira ikimuga ati: “Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.”

[7] Aravyuka arataha.

[8] Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha bene ubwo.

[9] Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikori. Aramubarira ati: “Nkurikira.” Ava hasi, aramukurikira.

[10] Kandi Yesu acicaye mu nzu hamwe kwa Matayo ariko ararya, haza benshi mu batozakori n'abanyavyaha, basangira na Yesu n'abigishwa biwe.

[11] Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni igiki gitumye umwigisha wanyu asangira n'abatozakori n'abanyavyaha?”

[12] Avyumvise, aravuga ati: “Abakomeye nta co bagombera umuvuzi, atari abarwaye.”

[13] Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngo imbabazi ni zo ngomba, si ibimazi; kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atari abanyavyaha.

[14] Kuri we haza abigishwa ba Yohana bati: “Ni igiki gituma twebwe n'Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?”

[15] Yesu arababaza ati: “Abatowe bobabara bate bakiri kumwe n'umukwe?” Hari imisi izoza umukwe akurwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.

[16] Nta wokwomeka ikiraka c'igitambara gishasha ku mpuzu y'umushire, kuko ico kiraka gitabura impuzu, intoboro ikarushiriza kuba nini.

[17] Nta wotara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato ibombotse; imikuza yoturika, umuvinyu ugashirira hasi, imikuza igapfa. Ariko umutobe w'umuvinyu bawutara mu mikuza mishasha, vyompi bikarama.

[18] Akibabwira ivyo, haza umukuru w'isengero ry'Abayuda aramupfukamira ati: “Umwana wanje w'umukobwa aracikanye ubu nyene, ni uze se, umurambikeko ikiganza, asubire abe muzima.”

[19] Yesu ava hasi, aramukurikira, bo n'abigishwa biwe.

[20] Buno umugore atakaza amaraso menshi, yari abimaranye imyaka icumi n'ibiri, amuturuka inyuma, akora ku buyonga bw'impuzu yiwe;

[21] yari yiyumviriye mu mutima ati: “N'iyo nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.”

[22] Buno Yesu arakebuka aramubona, aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Nya mugore akira uwo mwanya.

[23] Yesu ashikiriye inzu y'uwo mukuru, abona abavuza imyironge n'abantu benshi bakoma induru,

[24] arababwira ati: “Ni muhave, kuko umukobwa atahwereye, ariko asinziriye.” Baramutwenga bamushimanga.

[25] Abantu bamaze guhindirwa hanze, arinjira, amufata ukuboko, umukobwa aravyuka.

[26] Iyo nkuru ikwira muri ico gihugu cose.

[27] Yesu avayo, akiriko aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera ziti: “Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi.”

[28] Ashitse mu nzu, za mpumyi ziza kuri we. Maze Yesu arazibaza ati: “Murizeye ko nshobora kubikora?” Na zo ziti: “Ego me, Mwami.”

[29] Aca akora ku maso yabo ati: “Bibabere nk'uko mwizeye.”

[30] Amaso yabo arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Murumva, ntihagire umuntu abimenya.”

[31] Ariko basohotse bamukwiza muri ico gihugu cose.

[32] Bano bagisohoka, bamuzanira ikiragi cinjiwemwo na dayimoni.

[33] Dayimoni amaze gusendwa ico kiragi kiravuga. Kandi ishengero riratangara riti: “Mu Bisirayeli ntiharibwaboneke ibimeze bityo.”

[34] Ariko Abafarisayo baravuga bati: “Umukuru w'abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”

[35] Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu nsengero z'Abayuda, avuga ubutumwa bwiza bw'ubwami, akiza indwara zose n'ubumuga bwose.

[36] Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bari bagowe, basabagiye nk'intama zitagira umwungere.

[37] Maze abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bo bake.”

[38] Nuko ni mwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.

Matayo — Chapters