[1] Yesu arasohoka ava mu rusengero; akigenda abigishwa biwe baramwegera ngo bamwereke inyubako y'urusengero.
[2] Arababwira ati: “Ntimubona ivyo vyose?” Ndababwire ukuri, aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.
[3] Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwegera bihereranye, baramubaza bati: “Tubwire, ivyo bizobaho ryari, kandi ikimenyetso kizoba ikihe c'ukuza kwawe n'ico umuhero w'isi?”
[4] Yesu arabishura ati: “Mwirinde, ntihagire uwubazimiza.”
[5] Kuko benshi bazoza mw'izina ryanje bati: “Ni jewe Kristo,” kandi bazozimiza benshi.
[6] Muzokwumva intambara n'impuha z'intambara, mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, ariko umuhero uzoba utaraza.
[7] Kuko ihanga rizotera irindi hanga, n'ubwami buzotera ubundi bwami; amapfa no kunyiganyiga kw'isi bizobaho henshi;
[8] ariko ivyo vyose ni itanguriro ryo kuramukwa.
[9] Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n'amahanga yose, abahora izina ryanje.
[10] Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana.
[11] Kandi hazokwaduka abigira abavugishwa n'Imana benshi, bazimize benshi.
[12] Maze kuko ubugarariji buzogwira urukundo rw'abenshi ruzotimba.
[13] Ariko uwihangana, agashitsa kw'iherezo, ni we azokira.
[14] Kandi ubu butumwa bwiza bw'ubwami buzovugwa mw'isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza.
[15] Nuko aho muzobonera ca kizira c'ishano c'ubugesera, gihagaze ahantu hera, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n'Imana- uwusoma ni yiyubare
[16] ico gihe abazoba bari i Yudaya bazohungire ku misozi miremire,
[17] uwuzoba ari hejuru ku nzu ntazokwururuka no gusahura ibiri mu nzu yiwe,
[18] uwuzoba ari mu mirima ntazosubira inyuma no gusahura umutamana wiwe.
[19] Ariko muri iyo misi abazoba batwaye inda n'abonsa bazobona ibara.
[20] Kandi muzosenge kugira ngo uguhunga kwanyu ntikuzobe mu gatasi canke kw'isabato.
[21] Kuko muri iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw'itanguriro ry'isi ugashitsa n'ubu, kandi ntazokwongera kubaho.
[22] Kandi iyo misi iyo itagerurwa ntihorokotse umuntu n'umwe; ariko ku bwo abatoranijwe iyo misi izogerurwa.
[23] Ico gihe ni hagira umuntu ababwira ati: “Ehe Kristo ari hano,” canke ati: “Ari hariya,” ntimuzovyemere.
[24] Kuko hazokwaduka abigira Kristo n'abigira abavugishwa n' Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n'ibitangaza, kugira ngo bazimize n'abatoranijwe ni vyashoboka.
[25] Raba ndabibabwiye bitaraba.
[26] Nuko ni bababwira bati: “Ehe ari mu bugaragwa,” ntimuzojeyo; canke, ngo ari haruguru mu mpete, ntimuzovyemere.
[27] Nk'uko umuravyo urabiriza mu buseruko ukabonekera iyo rirengera, ni ko ukuza kw'Umwana w'umuntu kuzomera.
[28] Aho umuvyimba uri hose, ni ho ibikona bizokoranira.
[29] Hanyuma y'ayo marushwa y'ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n'ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n'inyenyeri zizokoragurika zive kw'ijuru, n'ivyo inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.
[30] Buno ikimenyetso c'Umwana w'umuntu kizobonekera kw'ijuru, ni ho amoko yose yo mw'isi azoboroga, bazobona Umwana w'umuntu aje mu bicu vyo kw'ijuru ari n'ububasha n'ubwiza bwinshi.
[31] Azotuma abamarayika biwe n'ijwi rirenga ry'inzumbeti, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera iyo ijuru ritangurira kugeza iyo riherera.
[32] Ni mwigire ku musukoni umugani wawo, ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yuko agatasi kari hafi.
[33] Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muzomenye ko ari hafi, ku rugi.
[34] Ndababwire ukuri, abo iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika.
[35] Ijuru n'isi bizorangira, ariko amajambo yanje nta co azoba.
[36] Ariko uwo musi canke iyo saha nta wubizi, n'iyo boba abamarayika bo mw'ijuru, canke Umwana w' Imana, atari Data gusa.
[37] Kandi uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw'Umwana w'umuntu.
[38] Kuko ari ko bari bameze mu misi umwuzure utaribwatere: bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato,
[39] ntibagira ico bamenya kugeza aho umwuzure waziye ubatwara bose; ni ko ukuza kw'Umwana w'umuntu kuzomera.
[40] Ico gihe abagabo babiri bazoba mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe.
[41] Abagore babiri bazoba bariko barasyera hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe.
[42] Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako.
[43] Ariko ibi mubimenye; iyaba nyene urugo yari asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze ko inzu yiwe yimbwa.
[44] Nuko namwe mwame mwiteguye, kuko Umwana w'umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.
[45] None ni nde mushumba wo kwizigirwa w'ubwenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngo abagaburire igihe kigeze?
[46] Harahiriwe uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora atyo.
[47] Ndababwira ukuri yuko azomuha kugaba ivyo afise vyose.
[48] Ariko umushumba mubi ni yibwira mu mutima wiwe ati: “Databuja aracatevye.”
[49] Maze agatangura gukubita abashumba bakorana no gusangira n'ababorerwa;
[50] shebuja w'uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi;
[51] azomuta hanze, amusangize umugabane wiwe n'indyarya, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo.