Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:59

[1] Bageze hafi y'i Yerusalemu, bashikira i Betifage ku musozi wa Elayono, Yesu atuma abigishwa babiri,

[2] arababarira ati: “Mugende muri iriya mihana iri imbere yanyu, muca mubona indogoba iziritseho n'inyana yayo; muziziture, muzinzanire.”

[3] Ni hagira uwubabaza, mumubwire muti: “Databuja ni we azigomba.” Aca azirungika.

[4] Ivyo vyabayeho ngo ivyavuzwe n'uwavugishwa n' Imana bishike,

[5] ngo Mubwire umukobwa w'i Siyoni Muti: “Raba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ari uwutekereje, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y'indogoba.”

[6] Abigishwa baragenda, babigenza nk'uko Yesu yababwiye,

[7] bazana indogoba n'inyana yayo, bazisasako impuzu zabo, yicarako.

[8] Abenshi mw'ishengero basasa impuzu zabo mu nzira, abandi baca amashami y'ibiti, bayasasa mu nzira.

[9] Kandi ishengero rimugiye imbere n'irimukurikiye rirasemerera rati: “Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho, Hoziyana mw'ijuru.”

[10] Ashitse i Yerusalemu, igisagara cose kirashwabaduka, barabaza bati: “Uwo ni nde?”

[11] Abo mw'ishengero barabishura bati: “Uwo ni uwuvugishwa n'Imana, Yesu w'i Nazareti i Galilaya.”

[12] Yesu yinjira mu rusengero rw'Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n'abaruguriramwo bose, ahenura imeza y'abavunja amahera n'intebe z' abariko baragurwako inuma.

[13] Arababwira ati: “Handitswe ngo ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebwe mwayihinduye nk'isenga ry'abambuzi.”

[14] Maze impumyi n'abacumbagira baza kuri we mu rusengero, arabakiza.

[15] Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe babonye ibitangaza akoze, n'abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya,

[16] baramubaza bati: “Urumva ivyo bavuga?” Yesu arabishura ati: “Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k'abana bato n'abonka waroranijemwo ishimwe?”

[17] Abasigaho, asokoroka mu gisagara, aja i Betaniya, ararayo.

[18] Kare mu gatondo ariko arasubira mu gisagara, yumva arashonje.

[19] Abonye umusukoni ku nzira, arawegera, ntiyagira ico awubonako, atari amababi gusa, arawubarira ati: “Ntugapfe wamye insukoni uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira.” Uwo musukoni uca ukabirana uwo mwanya.

[20] Abigishwa babibonye, baratangara bati: “Mbega uwu musukoni uwu mwanya ukabiranijwe ni igiki?”

[21] Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri: Iyo muba muri n'ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ico uwu musukoni gusa, ariko mwobwira n'uwu musozi muti: “Shinguka, utabwe mu kiyaga; vyoba ko.”

[22] Kandi ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabwa.

[23] Yinjiye mu rusengero, ariko arigisha, abaherezi bakuru n'abashingantahe b'ubwo bwoko baza kuri we, baramubaza bati: “Mbega ivyo ukora ubikoreshwa n'ububasha nyabaki? Kandi ni nde yaguhaye ubwo bubasha?”

[24] Yesu arabishura ati: “Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe; ni mwarinyishura nanje mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo.

[25] None ukubatiza kwa Yohana kwaturutse hehe? Ni mw'ijuru, canke ni mu bantu?” Baravugana bati: “Ni twavuga ko ari mw'ijuru; ahava atubaza icatubujije kumwemera?

[26] Kandi ni twavuga ngo ni mu bantu; n'uko dutinya ishengero, kuko bose bavuga yuko Yohana yari uwuvugishwa n'Imana.”

[27] Bishura Yesu bati: “Ntituhazi.” Na we ati: “Nuko rero nanje sindababwira ububasha bunkoresha ivyo.”

[28] Muvyumva gute? Habaye umuntu yarafise abahungu babiri, aragenda abarira umukuru ati: “Genda, mwana wanje, uwu musi uje gukora mu ruzabibu.”

[29] Aramwishura ati: “Eka singenda.” Maze hanyuma aririmbura, aragenda.

[30] Aja ku wa kabiri, amubwira kuno. Aramwishura ati: “Ndagiye muvyeyi; ntiyajayo.”

[31] None muri abo bompi ni uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura bati: “Ni uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwira ukuri yuko abatozakori n'abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bwami bw'Imana.”

[32] Kuko Yohana yaje muri mwebwe agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Ariko abatozakori n'abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.

[33] Ni mwumve uwundi mugani. Habaye nyene urugo yateye umurima w'inzabibu; awuzitirira uruzitiro, yimbamwo ubwato bw'ikinogo, yubakamwo umutara, awusigarana abarimyi, aja mu kindi gihugu.

[34] Nuko igihe c'iyera kigomba kugera, atuma abakozi biwe kuri ba barimyi ngo babahe inzabibu ziwe.

[35] Maze abo barimyi bafata babakozi biwe, umwe baramushishagura, uwundi baramwica, uwundi bamutera amabuye.

[36] Yongera gutuma abandi bakozi barengeye aba mbere; babagira kuno.

[37] Hanyuma abatumako umwana wiwe ati: “Bazosonera umwana wanje.”

[38] Abo barimyi babonye wa mwana wiwe, baravugana bati: “Urya ni we samuragwa: ni muze tumwice, tuzokwegukire umugabane wiwe.”

[39] Baramufata bamuhindira inyuma y'umurima w'inzabibu, baramwica.

[40] None nyene umurima ni yiyizira azogira ate, abo barimyi?

[41] Baramwishura bati: “Abo babi azobica rubi, umurima w'inzabibu na we awusigarane abandi barimyi, bazohora bamuha inzabibu igihe cazo.”

[42] Yesu arababaza ati: “Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngo ibuye abubatsi bagaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ivyo vyavuye k'Uhoraho, Kandi ni igitangaza mu maso yacu?

[43] Ni co gitumye ndababwira yuko ubwami bw'Imana muzobwakwa, bugahabwa ihanga ryama imbuto zabwo.

[44] Ariko uwuzogwa kuri iryo buye azovunagurika; ariko uwo rizogwako rizomuvungura.”

[45] Maze abaherezi bakuru n'Abafarisayo bumvise iyo migani yiwe, bamenya ko ari bo avuga.

[46] Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira ko ari uwuvugishwa n'Imana.

Matayo — Chapters