[1] Umutwenzi utambitse abaherezi bakuru bose n'abashingantahe b'ubwo bwoko bagira inama Yesu ngo bamwice.
[2] Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icegera ca Kayisari.
[3] Maze Yuda yamugurishije, abonye Yesu ko bamutsindishije, aricuza, asubiza abaherezi bakuru n'abashingantahe za ntete z'ifeza mirongo itatu
[4] ati: “Nacumuye, naguze amaraso y'uwutagira icaha.” Na bo baramwishura bati: “Bidutwaye iki? Ni ivyawe.”
[5] Aterera izo ntete z'ifeza ahera h'urusengero, aragenda, arimanika.
[6] Abaherezi bakuru bandura zino feza bati: “Ntizemerwa gushirwa mu mashikanwa, kuko ari ibiguze amaraso.”
[7] Baja inama, bazigura ubwatsi ku mubumvyi, ngo bazohahambe ingenzi.
[8] Ni co catumye ubwo bwatsi bwitwa “Ubwatsi bw'amaraso”, gushika n'ubu.
[9] Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n'Imana vyashikiye, ngo bakiriye za ntete z'ifeza mirongo itatu, ni zo giciro yaciriwe, uwo bamwe mu Bisirayeli baciriye,
[10] bazigura ubwatsi n'umubumvyi, nk'uko Uhoraho yambariye.
[11] Ariko Yesu yari ahagaze mu maso ya ca cegera ca Kayisari; ico cegera kiramubaza kiti: “Ni wewe Mwami w'Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uravyivugiye.”
[12] Ariko mu vyo arezwe n'abaherezi bakuru n'abashingantahe ntiyishura na rimwe.
[13] Pilato aramubaza ati: “Ntiwumva ingene bakwagiriza vyinshi?”
[14] Ariko ntiyamwishura n'ijambo na rimwe, bituma ico cegera gitangara cane.
[15] Muri iyo misi mikuru icegera camenyereye kurekurira abantu imbohe imwe, iyo bagomba.
[16] Kandi bari n'imbohe imwe yari rurangiranwa yitwa Baraba.
[17] Bakoranye, Pilato arababaza ati: “Uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde?” Ni Baraba, canke ni Yesu yitwa Kristo?
[18] Kuko yamenye yuko ishari ari ryo rimubatangishije.
[19] Acicaye ku ntebe y'imanza umugore wiwe amutumako ati: “Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko naraye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubwiwe.”
[20] Ariko abaherezi bakuru n'abashingantahe bosha ishengero ngo rimusabe Baraba, ryicishe Yesu.
[21] Ico cegera kirababaza kiti: “Muri abo bompi uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde?” Na bo baramwishura bati: “Ni Baraba.”
[22] Pilato arababaza ati: “None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte?” Bose bati: “Ni abambwe.”
[23] Arababaza ati: “Ni kuki? Yakoze ikibi ki?” Ariko barushiriza gusemerera cane bati: “Ni abambwe.”
[24] Maze Pilato abonye ko arushwa n'ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugumuko, yakira amazi akarabira imbere y'ishengero ati: “Jeho ndacuna kubwo amaraso y'uwu mugororotsi, ni ivyanyu.”
[25] Abantu bose baramwishura bati: “Amaraso yiwe araba ari twebwe akora n'abana bacu.”
[26] Maze abarekurira Baraba, ariko Yesu aramutonagura, amutanga ngo abambwe.
[27] Maze abasoda b'ico cegera ca Kayisari bajana Yesu mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, bateraniriza ingabo zose kuri we.
[28] Bamwambura impuzu ziwe, bamwambika umutamana w'agahama,
[29] batsiba igitsibo c'amahwa, bakimwambika mu mutwe, bashira n'irenga mu kuryo kwiwe; baramupfukamira, baramucurira bati: “Ndagize bwakeye Mwami w'Abayuda!”
[30] Bamuvuma amate, bamushikura rya renga, barimukubita mu mutwe.
[31] Bamaze kumwitamba ku muvyimba, bamwambura wa mutamana, bamwambika impuzu ziwe, bamujana kumubamba.
[32] Bakirenga irembo bahura n'Umunyakurene yitwa Simoni, uwo baramufata kugira ngo amutwaze umusaraba.
[33] Bashitse ahantu hitwa i Gologota, risobanurwa ngo ahantu h' agahanga,
[34] bamuha umuvinyu uvanze n'umuti w'umururazi, ngo awunywe; awumvirije yanka kuwunywa.
[35] Bamaze kumubamba, bagabura impuzu ziwe, bakoresheje ubupfindo,
[36] bicara hano baramurinda.
[37] Hejuru y'umutwe wiwe bahashira ikirego ciwe, canditswe ngo uwu NI YESU, UMWAMI W'ABAYUDA.
[38] Maze bamubambana n'abambuzi babiri, umwe i buryo, uwundi i bubamfu.
[39] Abahahita baramutuka, bazunguza imitwe
[40] bati: “Wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, ni wikize, ni waba uri Umwana w'Imana imanure ku musaraba.”
[41] N' abaherezi bakuru, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe bamucurira batyo na bo
[42] bati: “Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. Ni Umwami w'Abisirayeli, ni yimanure ku musaraba ubu nyene, duheze tumwizere.
[43] Yizigiye Imana, ni imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yigira ngo ni Umwana w'Imana.”
[44] N' abambuzi babambanywe na we na bo barabimutuka.
[45] Uhereye kw'isaha ya gatandatu ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw'isaha y'icenda.
[46] Nko kw'isaha y'icenda Yesu asemerera n'ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lama sabakatani?” Risobanurwa ngo, “Mana yanje, Mana yanje, ni igiki kikumpebesheje?”
[47] Bamwe mu bahahagaze bavyumvise, baravuga bati: “Uwo ahamagaye Eliya.”
[48] Umwe muri bo aca arirukanga yakira sipongo, ayuzuza inkarisha ayirungikisha irenga, arayimusomesha.
[49] Ariko abandi bati: “Banza ureke, turabe ko Eliya yoza kumukiza.”
[50] Yesu yongera gusemerera n'ijwi rirenga, umutima uraca.
[51] Igitambara gikingiriye ahera cane h'urusengero gitabukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka;
[52] imva ziruguruka, imivyimba myinshi y'abera bari basinziriye irazurwa;
[53] bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi.
[54] Intwazangabo z'abasoda ijana n'abari kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n'ibibaye, baratinya cane bati: “Ni ivyo ukuri, yari Umwana w'Imana.”
[55] Hariho n'abagore benshi bari kure babiraba; ni bo bakurikiye Yesu ava i Galilaya, bamukorera.
[56] Muri bo harimwo Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yakobo na Yose, na nyina w'abana ba Zebedayo.
[57] Ariko bugorovye haza umutunzi w'i Arimataya yitwa Yosefu, kandi na we yari umwigishwa wa Yesu;
[58] uwo aja kuri Pilato asaba ikiziga ca Yesu. Maze Pilato avuga ko bakimuha.
[59] Yosefu ajana ico kiziga, akizingira mu mpuzu yera nziza,
[60] agishira mu mva yiwe nshasha, yari yarimbishije mu bitandara; atembagaza ikibuye kinini acugaza umuryango w'imva, aragenda.
[61] Mariya Magadalene na Mariya wundi ni ho bari bari, bicaye berekeye ku mva.
[62] Bukeye bwaho, ni wo musi wakurikira uwo Kwitegura, abaherezi bakuru n'Abafarisayo bakoranira kwa Pilato,
[63] baramubwira bati: “Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngo imisi itatu ishize azozuka.”
[64] Nuko ni ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngo abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maze ubuhumvyi bwa nyuma bworuta ubwa mbere.
[65] Pilato arababwira ati: “Abarinzi ngabo, ni mubajane; muyirindishirize uko muzi.”
[66] Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihomako ishashara, bayidomamwo ikimenyetso, abo barinzi babona.