[1] Ico gihe ubwami bwo mw'ijuru buzosa n'inkumi icumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe.
[2] Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari abanyabwenge.
[3] Kuko vya bijuju, mu kujana amatara yavyo, bitajananye n'amavuta.
[4] Ariko abanyabwenge bo, bajananye n'amavuta mu macupa yabo hamwe n'amatara yabo.
[5] Umukwe agitebaganye bose barahunyiza, barasinzira.
[6] Mu gicugu humvikana urwamo, ngo nguwu umukwe, ni musohoke mumusanganire.
[7] Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo.
[8] Vya bijuju bibwira abanyabwenge biti: “Ni muduhe se ku mavuta yanyu, kuko amatara yacu ariko arazima.”
[9] Ariko abanyabwenge barabishura bati: “Kumbure ntiyodukwira twese; ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire.”
[10] Bakigiye kugura umukwe arashika; abiteguye binjirana na we mu bukwe, umwango urugarwa.
[11] Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza ziti: “Mupfasoni, mupfasoni, ni utwugururire.”
[12] Na we arabishura ati: “Ndababwire ukuri: Sindabazi.”
[13] Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi canke isaha.
[14] Bizoba nk'ivyo umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu biwe, abasigarana ivyo atunze.
[15] Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, uko umuntu wese ashobora, aja mu mahanga.
[16] Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicuruza, yungukamwo izindi talanto zitanu.
[17] N'uwa zibiri abigenza atyo, yungukamwo izindi zibiri.
[18] Ariko uwahawe imwe arigira, yimba mu kuzimu, ahisha amahera ya shebuja.
[19] Hashize igihe kirekire, shebuja w'abo bantu aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye.
[20] Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu ati: “Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemwo izindi talanto zitanu.”
[21] Shebuja aramubwira ati: “Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.”
[22] Haza uwari yahawe italanto zibiri ati: “Mugenzi, wari wansigaranye italanto zibiri, ehe nungutsemwo izindi talanto zibiri.”
[23] Shebuja aramubwira ati: “Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.”
[24] Kandi haza uwahawe italanto imwe ati: “Mugenzi, nari nkuzi ko uri umuntu w'ingare, wimbura ivyo utarimye, ukumakuma ivyo utasanzaje;
[25] ndatinya, ndagenda ndahisha italanto yawe mu kuzimu; ehe ngibi ivyawe.”
[26] Shebuja aramwishura ati: “Wa muntu wanje mubi we, wa kinebwe we, wari uzi ko nimbura ivyo ntarimye, nkumakuma ivyo ntasanzaje.”
[27] Nuko wari ukwiye kujana amahera yanje mu bayacuruza, nanje nagaruka nkaronka ayanje n'inyungu yayo.
[28] Nuko ni mumwake italanto, muyihe uwufise italanto icumi.
[29] Kuko uwufise wese azohabwa, asesekarizwe; ariko uwudafise azokwakwa n'ico yarafise.
[30] N'uwo muntu wanje w'imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo.
[31] Ariko Umwana w'umuntu aho azozira afise ubwiza bwiwe ari kumwe n'abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y'ubwiza;
[32] amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk'uko umwungere arobanura intama mu mpene.
[33] Intama azoziherereza i buryo bwiwe, impene na zo i bubamfu.
[34] Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: “Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubwami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw'isi.
[35] Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nywa; nari ingenzi, mumpa indaro;
[36] nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kuraba uko meze; nari mw'ibohero, muza kundaba.
[37] Maze abagororotsi bazomubaza bati: “Mwana, twakubonye ryari ushonje, tukakugaburira; canke ufise inyota, tuguha ico unywa?
[38] Twakubonye ryari uri ingenzi, tuguha indaro; canke ugenda gusa tukakwambika?
[39] Twakubonye ryari urwaye, canke uri mw'ibohero, tuza kukuraba?”
[40] Umwami na we azobishura ati: “Ndababwire ukuri; ko mwabigiriye umwe muri aba bavukanyi banje bari hanyuma y'abandi, ni jewe mwabigiriye.”
[41] Maze azobwira n'abari i bubamfu ati: “Ni mumve i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa mugarariji n'abamarayika biwe.
[42] Nari nshonje, ntimwangaburira; nari mfise inyota ntimwampa ico nywa;
[43] nari ingenzi, ntimwampa indaro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw'ibohero, ntimwaza kundaba.
[44] Maze na bo bazomwishura bati: “Mwana, twakubonye ryari ushonje, ufise inyota, uri ingenzi, ugenda gusa, urwaye canke uri mw'ibohero, ntitwagira ico tugukorera?”
[45] Maze azobishura ati: “Ndababwire ukuri; ko mutabigiriye umwe muri aba bari hanyuma y' abandi, nanje ntimwabingiriye.”
[46] Abo bazoja mu gihano kidashira, ariko abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.