Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:54

[1] Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero, Yakobo na mwene nyina Yohana; abadugana igisozi kirekire ari bonyene.

[2] Akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe haka nk'izuba, impuzu ziwe zera nk'umuco.

[3] Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we.

[4] Petero abwira Yesu ati: “Mugenzi, bitubereye vyiza ko turi hano; ni wabigomba ndubaka amahema atatu hano, rimwe ryiwawe, irindi rya Mose, irindi rya Eliya.”

[5] Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitutu; kandi ijwi riva muri nya gicu riti: “Nguwu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.”

[6] Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane.

[7] Yesu arabegera, abakorako ati: “Ni muve hasi, ntimutinye.”

[8] Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona, atari Yesu wenyene.

[9] Bariko baramanuka ico gisozi, Yesu arabihanikiriza ngo “ntihagire umuntu babwira ivyo beretswe, gushitsa aho Umwana w'umuntu azozukira avuye mu bapfuye.”

[10] Abigishwa baramubaza bati: “None rero ni igiki gituma abahinga b'ivyanditswe bavuga yuko Eliya akwiye kubanza kuza?”

[11] Arabishura ati: “Eliya azoza koko, aroranye vyose neza.

[12] Ariko ndababwira yuko Eliya yamaze kuza, yamara ntibamumenye, ariko bamugize uko bagomba kwose. Uko ni ko n'Umwana w'umuntu agira ababazwe na bo.”

[13] Buno abigishwa batahura ko yababwiye Yohana Umubatizi.

[14] Bashikiriye ishengero, umuntu araza aramupfukamira

[15] ati: “Mwami wanje, girira ikigongwe umwana wanje, kuko arwaye intandara, arasinzikaye cane. Kuko kenshi na kenshi agwa mu muriro no mu mazi.

[16] Namuzaniye abigishwa bawe, ariko vyabananiye kumukiza.”

[17] Yesu arishura ati: “Yemwe abo iki gihe mutizera b'inkozi z'ibibi, nzogeza ryari kubana namwe; nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire hano.”

[18] Yesu aramukankamira, dayimoni amuvamwo, umuhungu aca akira uwo mwanya.

[19] Maze abigishwa baza kuri Yesu biherereye, baramubaza bati: “Tweho ni iki catumye bitunanira kumusenda?”

[20] Arabishura ati: “Ni ukwizera kwanyu guke.” Ndababwire ukuri; namba mufise ukwizera kungana n'akabuto k'igiti, mwobwira kino gisozi muti: “Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. [

[21] Ariko bene urya ntakurwamwo n'ikindi atari ugusenga no kwisonzesha.]”

[22] Bakigendagenda i Galilaya, Yesu arababwira ko “umwana w'umuntu azoshirwa mu maboko y'abantu,

[23] kandi bazomwica, maze ku musi ugira gatatu azozurwa.” Barababara cane.

[24] Bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry'urusengero baza kuri Petero, baramubaza bati: “Harya Umwigisha wanyu ntatanga ikigabane ca shekeli?” Na we ati: “Egome, aragitanga.”

[25] Binjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, aramubaza ati: “Uvyiyumvira gute ga Simoni? Abami bo mw'isi batangisha canke batoza abahe? Ni ababo canke ni abandi?”

[26] Aramwishura ati: “Ni abandi.” Yesu aramubwira ati: “Noneho ababo baracuna.”

[27] Ariko kugira ngo ntitubatsitaze, genda ku kiyaga, uteremwo igera, wakire ifi ifatwa ubwa mbere, uyasamike, urasangamwo shekeli, ube ari yo ujana, uyatange mw'izina ryanje n'iryiwawe.

Matayo — Chapters