[1] Kuri uwo musi Yesu asohoka ava mu nzu, yicara ku nkombe y'ikiyaga.
[2] Ishengero ryinshi rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bwato, yicaramwo; ishengero ryose rihagarara i musozi.
[3] Ababwira vyinshi mu migani, aravuga ati: “Umubivyi yasohoye imbuto.”
[4] Akibiba, zimwe zigwa i ruhande y'inzira, inyoni ziraza, zirazinobagura.
[5] Izindi zigwa ku rutare, hatari ivu ryinshi; zica zimera vuba, kuko ata vu ryinshi ririho.
[6] Izuba rirashe, ziraraba, kuko ata mizi zifise, ziruma.
[7] Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha.
[8] Izindi zigwa mw'ivu ryiza, zihunda impeke, zimwe ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu bityobityo.
[9] Uri n'amatwi ni yumve.
[10] Abigishwa baramwegera, baramubaza bati: “Mbega ikigutera kubigishiriza mu migani ni igiki?”
[11] Arabishura ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y'ubwami bwo mw'ijuru, ariko bo ntibabihawe.”
[12] Kuko uwufise azohabwa, bikamucagatira; ariko uwudafise azokwakwa n'ico yari asanzwe afise.
[13] Igituma ndababwirira mu migani, ni uko iyo baraba batabona; kandi iyo bumva batumva, badatahura.
[14] Kandi ivyo uwavugishwa n' Imana Yesaya yavuze, bibashitseko, ngo kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; Kuraba muzoraba, ariko ntimuzoruha muvyihweza.
[15] Kuko umutima w'ubu bwoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza; Ngo ntibarabishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Ndabakize.
[16] Ariko amaso yanyu arahiriwe, kuko abona, n'amatwi yanyu, kuko yumva.
[17] Ndababwira ukuri yuko abavugishwa n'Imana benshi n'abagororotsi benshi banyoterewe kubona ivyo mubona, ntibabibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibavyumva.
[18] Nuko mweho ni mutahure umugani w'umubivyi.
[19] Uwumva wese ijambo ry'ubwami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibwe mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibwe i ruhande y'inzira.
[20] Uwabibwe ku rutare ni we yumva ijambo, agaca aryakirana umunezero;
[21] ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n'amarushwa bo n'akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.
[22] Uwabibwe mu mahwa ni we yumva iryo jambo, ariko umwitwaririko w'ivyo isi n'uruhendo rw'ubutunzi bikanyoha iryo jambo, ntiyame imbuto.
[23] Uwabibwe mw'ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongo itandatu, uwundi mirongo itatu, bityobityo.
[24] Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bwo mw'ijuru busa n'umuntu yabivye imbuto nziza mu murima yiwe.
[25] Abantu basinziriye, haza umwansi wiwe abiba urwamfu mu buro hagati, arigira.”
[26] Bumaze gusesa no kuyangika, urwamfu ruca ruraboneka.
[27] Abashumba ba nyene urugo baraza baramubaza bati: “Mbega mutungwa, ntiwabivye imbuto nziza mu murima wawe? None urwamfu rwavuye hehe?”
[28] Na we ati: “Ni umuntu w'umwansi yagize atyo.” Ba bashumba baramubaza bati: “None uragomba ko tugenda kurutororokanya?”
[29] Ati: “Oyaye, kuko kumbure mu kurandura urwamfu mworandurana n'uburo.
[30] Mureke bikurane vyose gushitsa mw'igenya.” Maze mu gihe c'igenya nzobwira abagenyi nti: “Mubanze mutororokanye urwamfu, murutekere imikama, muruturire; ariko uburo mubwimburire mu kigega canje.”
[31] Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bwo mw'ijuru busa n'akabuto ku giti, umuntu yakiriye akagatera mu murima wiwe.”
[32] Kandi ni kanzinya hanyuma y'imbuto zose, ariko iyo gakuze kaba kanini kakaruta ibirimwa vyose, kakaba igiti. Maze inyoni zo mu kirere zikaza zikarika mu mashami yaco.
[33] Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bwo mw'ijuru busa n'umwambiro, umugore yakiriye akawuvanga n'ingero zitatu z'ifu, gushitsa aho iribututumbire yose.”
[34] Ivyo vyose Yesu yabibwiye ishengero mu migani, nta co yababwiye atabaciriye umugani.
[35] Ni co catumye ivyo umuntu yavugishwa n'Imana yavuze biboneka, ngo Nzoteranura akanwa kanje, nce imigani, Nzovuga ivyahishijwe uhereye ku kuremwa kw'isi.
[36] Maze asezera ishengero, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri we bati: “Dusobanurire umugani w'urwamfu rwo mu murima.”
[37] Na we arabishura ati: “Uwubiba imbuto nziza ni Umwana w'umuntu.”
[38] Imirima ni isi. Imbuto nziza ni bo bana b'ubwami. Urwamfu ni abana ba wa Mubi.
[39] Umwansi yarubivye ni wa mugarariji. Igenya ni umuhero w'isi. Abagenyi ni abamarayika.
[40] Nk'uko urwamfu rutororokanywa rugaturirwa mu muriro, ni ko bizoba ku muhero w'isi.
[41] Umwana w'umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n'abakoze ibizira, babikure mu bwami bwiwe.
[42] Bazobaterera mw'itanure ry'umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z' amenyo.
[43] Buno abagororotsi bazokwaka nk'izuba mu bwami bwa Se. Uwuri n'amatwi ni yumve.
[44] Ubwami bwo mw'ijuru busa n'izahabu zanyegejwe mw'itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushora ivyo afise vyose, agura iryo tongo.
[45] Kandi ubwami bwo mw'ijuru busa n'umudandaza arondera utubuye tw'igiciro twiza.
[46] Abonye akabuye kamwe, k'igiciro kinini, aragenda, ashora ivyo afise vyose, arakagura.
[47] Kandi ubwami bwo mw'ijuru busa n'urusenga runiniya rwaterewe mu kiyaga, rukoranya ifi z'ubwoko bwose.
[48] Rwuzuye, barukwegera i musozi, baricara barobanurira inziza mu giseke, imbi barazita.
[49] Uko ni ko bizoba ku muhero w'isi. Abamarayika bazoza, barobanure ababi mu bagororotsi,
[50] babaterere mw'itanure ry'umuriro; ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z' amenyo.
[51] Mbega ivyo murabitahuye vyose? Baramwishura bati: “Ego me.”
[52] Na we arababwira ati: “Ni co gituma umuhinga w'ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w'ivyo ubwami bwo mw'ijuru asa na nyene urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n'ivya kera.”
[53] Yesu amaze guca iyo migani, avayo.
[54] Aja mu ntara y'i wabo, yigishiriza mu rusengero rw'Abayuda, bituma batangara bati: “Ubu bwenge n'ivyo bitangaza mbega uwu yabikuye hehe?” “
[55] Mbega si wa mwana w'umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya, kandi abavukana na we si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda?
[56] Bashiki biwe ntibari i wacu bose? None ivyo vyose yabikuye hehe?”
[57] Ivyiwe birabatsitaza. Yesu arababwira ati: “Umuntu avugishwa n'Imana ntabura icubahiro atari mu ntara y'i wabo no mu nzu y'i wabo.”
[58] Kandi nta bitangaza vyinshi yahakoreye, kubwo ukutizera kwabo.