Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:16

[1] Itanguriro ry'ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo, Umwana w'Imana.

[2] Nk'uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n'Imana, “Ngo Umve, ngira ntume intumwa yanje imbere y'amaso yawe, Ikuroranirize inzira.

[3] Ijwi ry'uwusemererera mu bugaragwa Ati: “Ni mutegure inzira y' Uhoraho, Mugorore izo ibihamo ziwe.”

[4] Ni ko Yohana yaje, abatiriza mu bugaragwa, yigisha ukubatizwa kwo kwihana, ngo babohorwe ivyaha.

[5] Igihugu c'i Yudaya cose n'abo i Yerusalemu bose bava i wabo, baza kuri we, ababatiriza mu ruzi Yorodani, batuye ivyaha vyabo.

[6] Kandi Yohana yambara ubwoya bw'ingamiya, akabukenyeza umukaba w'urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n'ubuki bwo mw'ishamba.

[7] Yaravuga ati: “Uwundusha ubushobozi azoza mu nyuma yanje, ntibimbereye no kwunama ngo mpfundurure utugozi tw'ibirato vyiwe.

[8] Jeho ndababatirishije amazi, ariko we azobabatirisha Mpwemu Yera.”

[9] Muri iyo misi Yesu ava i Nazareti i Galilaya, araza, abatizwa na Yohana muri Yorodani.

[10] Avuye mu mazi, aca abona ijuru rirugurutse, Mpwemu aramanuka amugwako, asa n'inuma.

[11] Ijwi riva mw'ijuru riti: “Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.”

[12] Mpwemu aca amushorera mu bugaragwa.

[13] Amarayo imisi mirongo ine, ageragezwa na Satani; kandi yaba hamwe n'ibikoko, abamarayika bakamukorera.

[14] Yohana amaze gushirwa mw'ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababwira ubutumwa bwiza bw' Imana

[15] ati: “Igihe kirashitse, ubwami bw'Imana buri hafi; mwihane, mwemere ubutumwa bwiza.”

[16] Aciye i ruhande y'ikiyaga c'i Galilaya, abona Simoni na Andereya mwene nyina baterera urusenga mu kiyaga, kuko bari abarovyi.

[17] Yesu arababarira ati: “Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.”

[18] Baca bareka insenga, baramukurikira.

[19] Yigiye imbere gato, abona Yakobo umwana wa Zebedayo na Yohana mwene nyina, na bo bari mu bwato basanura insenga.

[20] Aca arabahamagara, basiga se Zebedayo mu bwato hamwe n'abakozi biwe, baramukurikira.

[21] Bashika i Kaperinawumu, aca yinjira mu rusengero rw'Abayuda kw'isabato, arabigisha.

[22] Batangazwa n'inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk'uwufise ububasha, ntase n'abahinga b'ivyanditswe.

[23] Uwo mwanya mu rusengero rw'Abayuda hari umuntu yinjiwemwo n'impwemu ihumanye, arasemerera

[24] ati: “Duhuriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonya? Ndakuzi uwo uri we, uri Uwera w'Imana.”

[25] Yesu aramuzibiza ati: “Hora, muvemwo.”

[26] Iyo mpwemu ihumanye iramujegeza, irasemerera, ivuga n'ijwi rirenga, imuvamwo.

[27] Bose baratangara, bituma babazanya bati: “Iki ni iki?” Ni ukwigisha gusha!” “Ni ububasha ategeka n'impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira.”

[28] Inkuru yiwe ica ikwira hose mu gihugu cose c'i Galilaya kihakikije.

[29] Bavuye mu rusengero rw'Abayuda, baca bajana na Yakobo na Yohana mu nzu kwa Simoni na Andereya.

[30] Kandi inabukwe wa Simoni yari aryamye, afashwe n'umururumbo, baca bamubarira ivyiwe.

[31] Yesu araza, amufata ukuboko, aramuvyutsa, umururumbo urazima, arabazimana.

[32] Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n'abinjiwemwo n'abadayimoni.

[33] Igisagara cose gikoranira kw'irembo.

[34] Akiza benshi bari barwaye indwara zitandukanye, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bari bamuzi.

[35] Mw'ijoro rishira ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo.

[36] Simoni n'abandi bari kumwe na we baramukurikira;

[37] bamubonye baramubwira bati: “Bose bariko barakurondera.”

[38] Arabishura ati: “Tuje ahandi mu bisagara biri hafi, na ho nyene nigisheyo, kuko ari co canzanye.”

[39] Yinjira mu masengero y'Abayuda i Galilaya hose, avuga ijambo ry'Imana, asenda abadayimoni.

[40] Haza umunyamibembe kuri we, amwinginga amupfukamiye ati: “Ukunze, woshobora kumpumanura.”

[41] Amugirira akagongwe, agorora ukuboko, amukorako ati: “Ndakunze, humanuka.”

[42] Imibembe ica imuvako, arakira.

[43] Aramwihanikiriza rwose, aca amurungika uwo mwanya,

[44] aramubarira ati: “Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivyo uguhumanurwa kwawe, nk'uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona.”

[45] Maze avaho, atangura kwandagaza no gukwiza ivyabaye; ni co catumye Yesu atabaye agishobora kuja mu gisagara abandi babizi, ariko aguma inyuma yaco mu mihana; abava hose baza kuri we.

Mariko — Chapters