[1] Ku wa mbere w'indwi kare mu mutwenzi baja kuri ya mva, bajanye vya bimota neza bateguye.
[2] Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye ku mva;
[3] binjirayo ntibasangamwo ikiziga c'Umwami Yesu.
[4] Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.
[5] Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza bati: “Ni igiki gitumye muronderera uwuriho, ahantu h'abapfuye?”
[6] Ntari hano, ariko yazutse. Mwibuke uko yababwiye, akiri i Galilaya
[7] ati: “Umwana w'umuntu akwiye gushirwa mu maboko y'abanyavyaha, no kubambwa, no kuzuka ku musi ugira gatatu.”
[8] Bibuka ya majambo yiwe.
[9] Bava mu mva, basubira inyuma, ivyo vyose babibarira bamwe icumi n'umwe n'abandi bose.
[10] Abo bagore ni Mariya Magadalene, Yowana na Mariya nyina wa Yakobo; kandi n'abandi bagore bari kumwe na bo, babarira intumwa ivyo.
[11] Ayo majambo ababera nk'umuyaga, ntibabemera.
[12] Ariko Petero ava hasi, yirukira ku mva, arunama, arungurukamwo, abona impuzu zera ziri zonyene; asubira i we, atangajwe n'ibibaye.
[13] Uwo musi nyene babiri muri bo bari mu nzira baja mu mihana ahitwa Emawusi, ni nko ku birometero icumi na kimwe uvuye i Yerusalemu,
[14] bavugana ivyabaye vyose.
[15] Bakivugana babazanya, Yesu ubwiwe arabegera, ajana na bo.
[16] Ariko amaso yabo atabwamwo uruhuni ngo ntibamumenye.
[17] Arababaza ati: “Mbega ivyo mugenda murabazanya ni ibiki?” Barahagarara, bijiriwe.
[18] Umwe muri bo yitwa Kileyopa aramwishura ati: “Mbega ni wewe gusa watse indaro i Yerusalemu, utazi ivyabayeyo muri iyi misi?”
[19] Arababaza ati: “Ni ibiki?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu Umunyanazareti, yari umuntu avugishwa n'Imana, akaba umunyabushobozi bwinshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y'Imana n'imbere y'abantu bose:
[20] n'ivyo uko abaherezi bakuru n'abashingantahe bacu bamutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba.”
[21] Kandi twari twishimiye yuko ari we azocungura Abisirayeli. Kandi ikigeretseko, uwu ni umusi ugira gatatu uhereye aho ivyo vyabereye.
[22] Kandi n'abagore bo muri twebwe badutangaje, bazindutse baja ku mva;
[23] babuze ikiziga ciwe, baraza batubarira yuko abamarayika babiyeretse bavuga yuko ariho.
[24] Kandi na bamwe mu bari kumwe natwe bagiye ku mva basanga ari ko biri, uko abo bagore batubariye; ariko we ntibamubona.
[25] Arababwira ati: “Yemwe mwa mburabwenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abavugishwa n'Imana bavuze vyose!”
[26] Mbega Kristo ntiyari akwiye kubabazwa atyo ngo abone kuja mu bwiza bwiwe?
[27] Atangurira kuri Mose no ku bavugishwa n'Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyamwanditsweko.
[28] Bashitse hafi y'umuhana bajako, amera nk'uwugomba kuwurengana.
[29] Baramugobera bati: “Gumana natwe, kuko bugira bwire kandi umusi ukuze cane. Arinjira ngo agumane na bo.”
[30] Yicaye ngo asangire na bo, yakira umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.
[31] Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maze arakamangana, ntibaba bakimubona.
[32] Baravugana bati: “Mbega imitima yacu ntiyari iriko irasimbagurika, aho yariko aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!”
[33] Ako kanya nyene, basubira i Yerusalemu, basanga bamwe icumi n'umwe bakoranye, bo n'abari kumwe na bo,
[34] kandi bavuga bati: “Ni ukuri Umwami Yesu yazutse, kandi yabonywe na Simoni.”
[35] Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n'uko yamanyaguye umutsima.
[36] Bariko baravuga ivyo, Yesu ubwiwe ahagarara hagati muri bo, arababwira ati: “Amahoro abe muri mwebwe.”
[37] Ariko bafatwa n'ubwoba bacika ivutu, bagira ngo n'umuzimu babonye.
[38] Arababaza ati: “Ni igiki kibahagaritse imitima? Kandi mwibaza iki mu mitima yanyu?”
[39] Ni murabe ibiganza vyanje n'ibirenge vyanje, mumenye ko ari jewe ubwanje. Ni munkorakore, murabe, kuko umuzimu utagira inyama n'amagufa, nk'ivyo mumbonana.
[40] Avuze ivyo, abereka ibiganza vyiwe n'ibirenge.
[41] Akanyamuneza kakibabujije kuvyemera, bariko baratangara, arababaza ati: “Hari utwo kurya mufise hano?”
[42] Bamuha igice c'ifi yokeje,
[43] aracakira, akirira imbere yabo.
[44] Arababwira ati: “Aya ni amajambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe, y'ingene ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y'abavugishwa n'Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.”
[45] Maze abungura ubwenge ngo batahure ivyanditswe.
[46] Arababwira ati: “Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu,
[47] kandi yuko ukwihana n'uguharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw'izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.
[48] Namwe muri ivyabona vyo kuvuga ivyo.
[49] Umve, ngira ndabarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw'ijuru.
[50] Abavanaho, abashitsa aharabana n'i Betaniya, aterura amaboko, arabahezagira.
[51] Akibahezagira, atandukanywa na bo, aduzwa mw'ijuru.
[52] Na bo baramusenga, basubira i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi.
[53] Bama mu rusengero ubudasiba bashima Imana.